IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba:Reta y’Uburundi yarafashe nka nkama ivyasabwe na EAC na (...)

Nzobonariba:Reta y’Uburundi yarafashe nka nkama ivyasabwe na EAC na UA

jeudi 18 Ruheshi 2015

Abicishije mw’itangazo,umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba amenyesha ko Reta y’Uburundi yafashe nka nkama ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,hamwe n’ivyavuye mu nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Muri iryo tangazo,Filipo Nzobonariba amenyesha ko Reta yemeye kwigiza inyuma ikirangaminsi c’amatora nkuko vyasabwe mu nama zabereye I Dar-Es-Salaam muri Tanzaniya,hamwe no mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’Epfo.

Naho biri ukwo,umuvugizi wa Reta avuga ko naho Reta yokwemera ikirangaminsi c’amatora cumvikanyweko na bose nkuko vyasabwe n’izo nama,nta yindi tariki bayungururizako atari izamaze gushikirizwa,kuko umukuru w’igihugu yohava yisanga mu caha co guhemukira igihugu.

Filipo Nzobonariba akamenyesha ko,mu ntumbero yo kugira amatora meza,yizewe na bose kandi yitabwe na bose,Reta yemera guhagarika imitaho yo guhagarika abateguye imyiyerekano,ariko agasaba ko abagira imyiyerekano nabo bobabanza kuva mw’ibarabara.

Ku kibazo co gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha,Filipo Nzobonariba,amenyesha ko Reta yamaze gushiraho umurwi ukura ibirwanisho mu banyagihugu,uwo murwi ukaba umaze gukurayo ibirwanisho birenga ibihumbi 100.

Umuvugizei akaba n’umunyamabanga wa Reta,arangiza amenyesha ko Reta y’uburundi yiteguye gufashanya n’abahinga bose boza gucungera amatora.

Messages

  • Wenzobonariba Ubwo Wobuzi Icatumye Abenegihugu Bajamwibarabara ? Rekaguhendabarundi Namakungu Ngoreta Yafashenkama Ivyapfundikiwe Johanesiburu .ntamatorameza Ashoboka Mugihe Pita Nkurunziza Ataraheba Manda3 Ivyomugiravyose Nimpfagusa Kugeza Pita Nkurunziza Avuyibuzimu Akajibuntu Akareka Manda Ya3.

  • ivyo turavyunvise hanyuma ikibazo ca bonesha rema e p a ntakirimwo???? mugomba ntitumenye ibivugwa mugihugu

  • ntawimena ihute kukibazo cibirwanisho reta niyo yabiye abanyagihugu none wumva yobibaka gute
    yo

  • Uyo mugabo narek kutubesha na sebuja wiwe kok nta matora atategurwa ivyo babasavye ntanakimwe barakora bakoze ubusuma gusa bareke kubesha abanyagihugu. Tur maso. Ahubwo nyibiruke turabakurikiranira hafi.

  • Muburundi ntushobora kuvugango ikiringo camatora gihuriweho nabose kandi kandi murabo harabashaka itwaro mfatakibanza

  • Nikihe cemeza ko ivyo bigwanisho bimaze kuva mu banyagihugu?ayo bayita amanyanga kuko ntanumwe mubatavuga lumwe na reta ari muruyo mugwi wokwaka izo mbonerakure ibigwanisho zahawe na reta wumva atari amayeri yo kuvuga ko hari ibimaze kugaruzwa, ninde yabibonye ngwaheze avyemange?abo mwavyatse ni bande kandi bari barabihawe nande? izina siwe muntu ariko UZOBONARIBA ko ko ibara uzobonariba

  • ubu niho akibonako yahemukiye igihugu ahubwo aratumaramaza nawe w’imvi mumazuru nukubesha ushaje ushaje nabi aho woduhaye akarorero keza niwe utuja imbere mukubesha ahubwo uzohava utaronka nuwuguhamba kubera ububeshi bwawe niho bakwita kigufa.

  • Turaziko atavyizabibavamwo.turabinginze murengerivyovyose,muduhamahorogusa.mumenyeko abomutwara turikugahangakanyu:muducurika,muducurura,arikomumenyekwigitikitagukoramujisho2!nimbahatararenga temba genda harageze!

  • Izo nkoho mwahaye imbonera hafi mwazibatse?

  • philipe muramutahura avuga ivyo bamuhaye kandi ivyo bategura nibo babizi reka tuwote na bone bazowota.

  • inda ndende nizo zitum utubwoko bizokuja murayo matama yavyivye uwoyaheruka yakiri kurishemisheri ntiyobunub ukuntu asigaye besha izubariva kumber inda ndende wihindukiza mwijambo. arko ibere y imana ntibihindukza mubimenye

  • Kanyosha
    Barundi barundikazi rwaruka namwe ncutizuburundi, amatora ahurizweko nabarundibose ntayashobora kuzoba ngaha Burundi nubwomwokwimurira amatora inyuma yimwaka 10 mutijuberiki? Mugihe harumugwi wabashaka intwaro mfatakibanza igihecose uzohamagarirwa kujakwiga ivyamatora uzigerageza uburyo bushobikabwose ivyobuyago bivuga amatora ntibabibandanye, ngirango mwarabonyeko igihe akarwi karikihaye gutera kudeta bamwe baranezerewe baranavyerekana. Ntimwiyibagitse nababarundi babamububiligi ukuntu bafashe umwanyawambere mugukeza abaribateye kudeta, Agato Rwasa nawe agasamiranira kuma radio RFI nayandi avugango bagizeneza gutera kudeta ngonubundi BARIBARATEVYE! Ntibantunganya nawe Dal Slaaam umunezero kuga telephone azunguruka yongera asubira muma Hotel yariyashushe ubonako ngomuguhuma amaso abarundi namakunguko baribapanzeko nyuma yumwaramo bateye kudeta Ko bariguca batangazako ntibantuganya ariwe abaye prezida akababera igikoresho nkigihe cumwaka umwe noneho isinzi ryabobose bahusikana na CNDD FDD bakazoba barabamariye mubusho nokubanyaga utwabo Ntibantunganya bagatahirya. Ngononeho bagashiraho uyundimuntu womubwoko kwabatutsi azozarakora ivyetegetwe nubutegetsi bwa Kagame abarundi tukaba tutosubiye kuvuga kuko uwuvuze bogiyebaravugako afise ingengabitekerezo ya CNDD fdd kubera bobaye baramaze guhimba ikintukibicane bagereka kuba CNDD fdd ndababwiyeko twahatswe ibararyarirwiriye abarundi. Kuko mubobariguherako harimwo nabasirikare bakurubakuru bataribake murirusangi harikubikintu kirenze ivyabaye mumyakayaheze ahabantubabigiriza kwari ABAMENJA, arikubu ahovyarigutandukanira nuko abatutsi barimuri DD nabari muri UPRONA Consillia nabobarikubangamirwa arikobahereye kumushukiranganji wintwaro yohagati mugihugu nyakwubahwa Edouard Nduwimana na Consillia nabandi nabandi. Kanyosha

  • Mbe ga Nyakubahwa ivyo umuvugiye nivyo ko kugihemukira yamaz kubikora?igandagurwa bunyamaswa ryabo atwara atacamira haruguhemuka biruta ivyo!

  • Mbe ga Nyakubahwa ivyo umuvugiye nivyo ko kugihemukira yamaz kubikora?igandagurwa bunyamaswa ryabo atwara atacamira haruguhemuka biruta ivyo!

  • philippe yagihemukiye kera sha!ahubwo mwari mukwiye gupfukama mugasab’ikigongwe abarundi n’amakungu!WANKA ABAGABO UKIGENDANA!Emerebiganire vyoba vyiza!DD yanyu muragisibije kwhyi dunia basi!ok

  • Mbega Umugabo Filipo amajambo uvuga ni menga narya ndusoma Muri Bible intumwa y"imana Yohana kukirwa patimo ya cocomeye umuzingo wigitabo hama imana iramubarira gende uhanurure amahanga mbega Filipo amajambo Nkurunziza akubarira uca ugenda kumbonesha kure kuyashikiriza undasuzumye ingaruka mubanyagihugu iyo ntwaro yanyu itemewe na makugu izafasha abanyegihugu iki?

  • Shaho Filipo,aruguhemuka yaramazeguhemuka.Ariko ndamwibutse ko atacaha kidaharirwa,amahirwe agifise nayokuzogera mu bwami bw’Ijuru hamweyokwihana ninaco gikuru kugira iherezo ryiza.Mana,ubugombe bwawe nibuze.Amen!

  • Mbega Wagitamawe Urakenyeye Uzokwibukigwe Kububegito Bwawe?? Aho Wama Ugobagurika Uvugibitarivyo Ntiwobireka Ukareka Kubumuja Wa Peter Ugapfa Runtu!!! Ubwo Nubukunzi Bwinda Urakagogwa Niwe Warukwiye Guhanura Abo Bana Ukuntu Buyoya N’abiwe Badadaza Ariko Uburuhiro Uko Vyabagendeye!!!

  • Barundi Barundikazi, Rwaruka mparanira amahoro , ubutungane na democratie
    Ntihagire uwongera kudusamaza , babesha canke badadaza kubera iki canke kiriya. Ivyo abarundi bomenya nuko iyi ntwaro itigeze ishaka kw,igisha abanyagihugu uburenganzira bwabo.
    Abahutu,Abatutsi,Abatwa
    muribi bihe tumazemwo iminsi ikomeye cane kandi twabuzemwo abacu bagandaguwe n,intwaro mumfashe jewe nk, umu cndd fdd dusabe amahoro muribi bintu bitatu.:
    1)Umukuru w,igihugu cacu nareke kwitoza no gutoteza abarundi benewacu.
    2) umugambwe wacu cndd fdd n,iduhe uwundi mu candidat w,incabwenge tureke kw,isuzuguza muba gumya banga
    3)Abarundi benewacu dusubire kukivi tuzamure ubutunzi bw,I gihugu, ubutungane nabwo bw ikubite agashi maze amategeko asubire gukurikizwa ata gitsure
    Mukurangiza nosaba ko abo badutwara muri cndd fdd ko boreka kuducanishamwo imice mumugambwe no mu mbonerakure aho zimwe zihemberwa amabi zikora nayo abatagikoze bakegezwa kure.Bitabaye gutyo akari inyuma karahinda. Ntidushaka gusubira iyo twavuye (mw,ishamba). Bibaye ngombwa turajayo kandi ubuho n,akaravyo kuko umwansi yari uwacu .

  • Nimuje mumatora kuko sumu dd sumu nel suwowese ashaka amahoro leta yimfatakibanza ntizokworohereza umuntunumwe bibwigwa benshi bikumva benevyo murantunga

  • Filipo we ndaguhanure ntusubire kuba igikoresho ca Nkurunziza kuko ivyiwe buca bija ahabona kandi sikerza uzovyibonera.

  • @ « nta yindi tariki bayungururizako atari izamaze gushikirizwa, kuko umukuru w’igihugu yohava yisanga mu caha co guhemukira igihugu »

    Mu gihe vyumvikanyweko n’ababijejwe bose, ingorane zoba ziri hehe vyukuri? Ko icaha co guhemukira Uburundi n’abagumyabanga b’umutima, yahejeje kugikora, ico kigongwe kindi afitiye abanyagihugu n’Uburundi kiva kuki? Nkurunziza yahevye aba umu farceur wa kweri!

  • Mbega Edouard Nduwimana na Consillia uzaheba ryari ku haranira inda yanyu hewe mu kunda amahera ka Yuda eskariyote mbega aba DD nibava ku butegetsi muzajaha imigabwe yose murayugaye abanyagihugu baricwa Nduwimana aka vuga ngo uburundi na mahoro Consillia akikiriza ngo Uprona izatsinda amatora mbega Abarundi uhenda ni banda ndabahanure Yuda amaze kugurisha yesu ku mahera nyuma yabonye yibeshe arimanika

  • Umuti muwuhiga iyo utari ikiringo ca 3 n’a ceni .niho iki bazo kiri ,izo mbonerakure nazo murazi abazituma .none boduhenda gute ngobariko bazaka ibigwanisho? Kandi batavyemera nuko babifise, atamumenyesha makuru bakiri iburundi, jewe naho ntize ubwobwenge bwamanyanga wapi sinovyemera, kandi sinumva ukungene bihutira amatora kungumvu abandi bariko bashaka ko boyategura neza barihamwe icokintu bihutira giteye amakenga

  • Komera mutama ndibuka turi kumwe nawe kumukenke na nyakwigendera Ernest kabushemeye ivyo wavuze ko dukwiye. Kwifata vyari ukuri kugeza nuyu musi shigikira peter nkurunziza. Kuko ntakundi. Iyo mihimbiri niyo yishe Ernest kabushemeye none igomba idubire kuduhekura kandi. Komera peter kurunziza turinyuma yawe 100%

  • Icambere peter abarundi ntibamukeneyekuko tuguma dupfa uko buckeye nuko bwije kandi iciringo ciwe caraheze turasavye namakungu afufashe kuko ntamahoro ari muburundi

  • narek ayo matora kuko ivyaha mwambariyeko ni vyinshi,kdi mwibuk ko ubuhungiro n’ishamba bibabaza,kdi ubu nta munyagihugu yiteguriy kugaburira umwicanyi uwari we wese,twarabony ico mwabasubirij nk’ishimw ko mwiyunz n’abish icungu ya demokarasi bikabananira kubafata,ubu rero nta muhutu cank umututsi yish agifis ikibanza mumitima y’abarundi ubu mwes tuzobajana lahé

  • Mu Burundi abafite inkoho nibeshi.Hari abasoda bakera exfab,harri izo bagura muri rdc,hari izo M23 yahunganye ziri mu makambi bagenda bagurisha mu banyagihugu.I Burundi nihatari .Abajeunes nkabose mu Burundi ni abasoda kubera formation yitwa smo Service Militaire obligatoire.Abatutsi n’abahutu barakoze iyo smo.Kandi bose utayihawe na Leta yarayiguriye .Kuki none muvuga
    Imbonerakure ntimuvuge n’abandi?

  • Vyukuri Dufise Intwari Zibukwiy Umvira Namw Intovyi Vamuvyuma Mukamurikigongwe!!!!

  • none amatora ryari?ko tuyarindiranye igishika.bonne journe bonne repons.

  • Uy avga uko asa arangwa no kubesha aragahura na shetani

  • kubera iki harabankabavugukuri?muvuge mureke tuzobatwara vyankabikunda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.