IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR : Abashaka akazi bitegurire guhiganwa n’abandi

OBR : Abashaka akazi bitegurire guhiganwa n’abandi

jeudi 25 Ruhuhuma 2016, par egide

Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta, OBR (Office Burundais des Recettes) arahumuriza abariko barondera akazi muri ico kigo, ko ata giturire kizotangishwa. Uwo arongoye ico kigo asaba abashaka akazi bose kwitegurira guhiganwa biciye mu gukora ibibazo.

Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko nawe nyene amaze kwumva ko hari abantu biyitirira abakozi b’ikigo OBR, bazunguruka imihingo yose y’igihugu batoza amafaranga ku banyagihugu bemerera ko bazobaronsa akazi mu kigo OBR. Uwo arongoye ikigo OBR akaba yibutsa abo bashaka akazi ko muri OBR gatangwa hisunzwe ubumenyi n’ihiganwa riciye mu gukora ibibazo.

JPEG - 61.9 ko
Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Domisiyano NDIHOKUBWAYO aramutswa OBR akaba kandi yabwiye abamenyeshamakuru ko n’ivyagirizwa ico kigo ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ugira uruhara mw’itangwa ry’akazi, ari ibihuha.

Mu kigo OBR bakaba bagabisha ko ibihano bitegekanijwe ku mukozi wa OBR canke umuntu wese azofatwa ariko atoza amafaranga y’abo yemerera ko azoha akazi.

Ikigo OBR gitegekanya gutanga akazi ku bantu 130, abakeneye guhiganirwa ivyo bibanza bakaba baratanguye gutwara muri ico kigo ibisabwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.