Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR : Abashaka akazi bitegurire guhiganwa n’abandi
OBR : Abashaka akazi bitegurire guhiganwa n’abandi
jeudi 25 Ruhuhuma 2016, par
Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta, OBR (Office Burundais des Recettes) arahumuriza abariko barondera akazi muri ico kigo, ko ata giturire kizotangishwa. Uwo arongoye ico kigo asaba abashaka akazi bose kwitegurira guhiganwa biciye mu gukora ibibazo.
Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko nawe nyene amaze kwumva ko hari abantu biyitirira abakozi b’ikigo OBR, bazunguruka imihingo yose y’igihugu batoza amafaranga ku banyagihugu bemerera ko bazobaronsa akazi mu kigo OBR. Uwo arongoye ikigo OBR akaba yibutsa abo bashaka akazi ko muri OBR gatangwa hisunzwe ubumenyi n’ihiganwa riciye mu gukora ibibazo.
- Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR
Domisiyano NDIHOKUBWAYO aramutswa OBR akaba kandi yabwiye abamenyeshamakuru ko n’ivyagirizwa ico kigo ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ugira uruhara mw’itangwa ry’akazi, ari ibihuha.
Mu kigo OBR bakaba bagabisha ko ibihano bitegekanijwe ku mukozi wa OBR canke umuntu wese azofatwa ariko atoza amafaranga y’abo yemerera ko azoha akazi.
Ikigo OBR gitegekanya gutanga akazi ku bantu 130, abakeneye guhiganirwa ivyo bibanza bakaba baratanguye gutwara muri ico kigo ibisabwa.
IGIHE
Messages
25 Ruhuhuma 2016, 11:03, par NYABA
UWO MUKURU WA OBR KO AVUGA NGO NTARUHARA SNDD FDD IFISE MWITANGWA RYAKO KAZI NASHAKA NDAMUBAZE NINDE MWOHA AKAZI ATARI UMU DD AM IMBONERAKURE?IVYANYU TWARABIHINYUYE
25 Ruhuhuma 2016, 13:04, par Rusakumba
Mbe ko na mwebwe utawundi mwaha akazi atari umuporona! Nimwihangane, burya isi irazunguruka.
25 Ruhuhuma 2016, 19:15, par CHRYS
NONE MBE AKO KAZI KAZOTANGWA MUNTARA ZOSE?
26 Ruhuhuma 2016, 03:07, par NSENGIYUMVA Aaron
Nivyiza gutanga akazi habaye ihiganwa kuko umuntu yayobewe ntaheza gwate umwikomo kubandi.Iconsaba bobwira abadepoza niveau bakeneye canke ivyumuntu yize.
26 Ruhuhuma 2016, 05:03, par M
Murabesha ibiturire nivyo bibatunze, abakozi banyu nabo birirwa mubamaraya ibidandazwa bikarengana bitarihiwe,bwaca bakazinduka kuvyiba mumazu ya bantu ngobariko bararondera forode. icakabiri uburyo murihisha umuntu avanye umuzigo hanze birarenze urugero, ninkubusuma bukabije kuvambaho nubwambere mbona umuzigo utekururwa ugaharurwa hagaharurwa kimwekimwe, nibara ryokumutemere.
26 Ruhuhuma 2016, 19:04, par Nkurunziza
Reke kubamujuragiza abantu ngonuguhiganwa nabandi mugabo amazina mubamwayakiye kera imbere yuko akazi gatangwa,ha utaru umu dd ntacizere.Emama ngo muri basindumuja.
27 Ruhuhuma 2016, 06:31, par Vianney
Gerageza Mutang’ako Kazi Yamara Ivyizigiro Kw’atabiturire,nkunzi,mwana Wa Mama,....Vyaraduhzemwo.Sawa Mutama.
27 Ruhuhuma 2016, 06:34, par Vianney
Gerageza Mutang’ako Kazi Yamara Ivyizigiro Kw’atabiturire,nkunzi,mwana Wa Mama,....Vyaraduhzemwo.Sawa Mutama.
27 Ruhuhuma 2016, 21:34, par KING’S B
HA IVYIYI LETA BIRAGOYE,AHO BAZA BARATOWE,NUGUSHAKA KUTUJURAGIZA GUSA,ABAHEJEJ UYU MWAKA FORMATION VYAGENZE GUTE?TWARABAHINYUYE,KOMEZ MAIS IHANURE
29 Ruhuhuma 2016, 00:30, par bitangimana marc
Nivyiza kubicisha mw’ihiganwa. Hasabwa ibiki imbere yo guhiganwa?