IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OIF ishigikiye ibiganiro vyubahiriza amasezerano ya Arusha

OIF ishigikiye ibiganiro vyubahiriza amasezerano ya Arusha

mardi 31 Rusama 2016, par egide

Inyuma y’imibonano hagati y’Abarundi yabereye i Arusha hagati y’umuhuza Benjamin William Mkapa n’imirwi itandukanye, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa amenyesha ko yashimye ingingo yafashwe y’ukuzobonana n’abatitavye ivyo biganiro.

Umuhuza Benjamin William Mkapa yamenyesheje ko inyuma y’ivyo biganiro azogirana imibonano na Yoweri Kaguta Museveni kugira bahurize kw’isango ry’ibiganiro nyezina vyotunganwa mu ndwi igira gatatu y’ukwezi kwa Ruheshi.

Kubwa Michaëlle Jean umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa, iyo mibonano yerekanye intambwe ihambaye mu ntumbero y’ukugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi.

JPEG - 46.6 ko
Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa

Ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa rimenyesha ko ivyo biganiro bikwiye kuba ibidakumira, kandi vyubahiriza amasezerano y’i Arusha, ari naco gituma Michaëlle Jean umunyamabanga w’iryo shirahamwe avuga ko ashimishwa n’ingingo y’umuhuza y’ukuzokwumviriza ivyiyumviro vy’abatitavye i Arusha.

Michaëlle Jean amenyesha ko ishirahamwe arongoye rizokora ibishoboka vyose mu gufasha kugira ivyo biganiro bigende neza.


IGIHE

Messages

  • WAMUGOREW NDAGUTWENZ ABARUNDI NTUBAZI ICONKUBWIY NUKO IVYOBIGANIRO ATAKIZOVAMWO NONEKO RETA ITEMERA KUYAGA NA CNRD WUMV UMUTEKANO WOBONEKA GT?

  • Vyanka bikunda amasezerano yarusha ategerezwa kuganza kuko na nkurunziza ariko aratikiza inganda mugihugu niyo yamukuye mukinywabi iyoyari yihishi amushirahabona ahubwo jewe icosaba amakungu nuko yoshigikiza inguvu zumuheto abayaharanira bose bakarwanya nkurunziza nakarwi kiwe mpaka bomotse kuko vyohereye mubiganiro none biramaze kugaragara ko nkurunziza nakarwi kiwe atabiganiro bashaka uruvako atakindi gisigaye ataruko abarundi twese twemera ayo masezerano guhagurukira rimwe tukamwotsa igitutu kumuriro wamasasu kuko ntiyumva kiretse uwomutungira urusoro rwomugutwi

  • Nonega Tari, kwayomakungu yabashigikiye bigakoresha ibishobokavyose guturira, abantu babona mwarabikoze, amakudeta mwarayakoze, gutera amakambi yagisirikare, mwarabikoze, gutera nokwica abanyagihugu mwarabikoze, ama grenades yurutavanyako muyatera mubanyagihugu mwarabikoze, none ibindi ushaka bagufashe nibihe gawamuntuwe witwa Tari?
    Ubu muvyukuri ntiwoshinira ayomakungu ko abakoze ayomabiyose kubabaciye babahamagara bakabakingira bakaba mubihugu vyayo atankomakomyi? Yemwe harihabarundi batazigushima?
    Ngo Nkurunziza yazananye Arusha ngonawe kovyankiye mumagrenades nomuguturira abantu nguragiye kurinderera Arusha?
    Yewe wiga ingendo yuwundi ikakurusha canke unke ukazorinda upfa utayishoboye.

  • MBEGA TWIMUJERIWEEE?UYUMUGORENAWE NGO ASHIGIKIYE IBIGANIRO VYUBAHIRIZ AMASEZERANO Y ARUSHA?AHUVUKA IGIHUGU CAKWIBARUTSE KIGENDERA KUMASEZERANO? CANKE KIGIRA KWIBWIRIZWA SHINGIRO?

  • WAMUKECUNAWE UDUSAZIYE NABI IGIHUGU CUBURUNDI KIGIZWE NIBWIRIZWASHINGIRO AMASEZERANO AZANYUMA NIHO IBIHUGU VYAGUYE MUKAGA ESENKAWE NTAMUGABO BARIKUHASHIRA VYOSE NAKAJAGARIGUSA PU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.