Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta y’Uburundi guhagarika amabi akorwa mu gihugu
OLUCOME isaba Reta y’Uburundi guhagarika amabi akorwa mu gihugu
vendredi 18 Nyakanga 2015
Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira amabi akorwa mu gihugu muri iki gihe ahagarare.
Mw’itangazo ryateweko umukono na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nyakanga 2015,OLUCOME isaba Reta y’Uburundi gushira mu ngiro ingingo zasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu harimwo,gupfungura abapfunzwe bagirizwa kuja mu myiyerekano,kwugurura amaradiyo yigenga yugawe no guhagarika imitahe ihagarika bamwe mu bakuru b’imigambwe.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME risaba kandi ko Reta yosubira mu biganiro mu maguru masha ivyo navyo vyoba bihagarikiwe n’umuntu w’ijunja nka Nelson Mandela na Julius nyerere.Isaba ko hoshingwa umurwi wigenga kandi ataho uhengamiye ukora amatohoza ku bwicanyi n’abantu banyuruzwa.
Ishirahamwe OLUCOME risaba ko Reta yokworosha mw’ishirwaho ry’umurwi wokora amatohoza ku rudandazwa rw’ibirwanisho ruvugwa,ukabuza urwo rudandazwa kandi ugafasha gukura ibirwanisho mu banyagihugu.
Ku banyapolitike,ishirahamwe OLUCOME risaba abanyapolitike guca mu nzira z’amahoro na cane cane ibiganiro mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi,ariko bakitahp na ntaryo gukingira ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano ya Arusha.
OLUCOME isaba kandi amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike gushira inguvu hamwe n’abandi mu gukingira amateka ngenderwako y’igihugu kandi afashe mu biganiro mu ntumbero yo gutora umuti w’ikibazo kiri mu Burundi.
Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba amakungu kwumvisha impande zose ko zitegerezwa kwigumya kandi zikanja mu bigniro kuko arivyo bishikana ku nyishu y’ikibazo c’Uburundi,risaba kandi amakungu gufasha mu gukura ibirwanisho mu bantu babitunze batabifitiye uburenganzira.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Nyakanga 2015, 18:05, par Mulondanyi
Nimuvuge ariko ni ivy’ubusa mu Burundi !
18 Nyakanga 2015, 19:05, par richo
ewe rufyiri akakanya muzamwahaze ibiziga vyabo mutifuza mu burtundi,erega bamwe mwabitangurana akayabagu karacari kenshi .Subira kwisahani kugira bamwe babaha amahera muberetse ibiziga ntibakwime amahera.Ubuho mwateye imbere mukwica benshi mukore inkoho na grenades abo mu mugambwe umwe muhereye mu gisoda ariko murabesha abishe ndadaye nabo mumugabwe wiwe vyabagarutseko.ihane bigishoboka kuko muzosigira umuvumo abana banyu kandi uko babika abandi niko bazobabika mwaphuye rero uyo munezero wibiziga muwuhebe
18 Nyakanga 2015, 19:14, par Quipedia
Vyukuri Uravugukuri Nuko Ubwirintumva Mugabo Ntamvura Idahita
18 Nyakanga 2015, 20:09, par révérien
imana niyo yaremye uburundi ibirihano muburundi irabibona kandi irabishoboye izimpanuro ndabahanura barundi twegere imana dusengere uburundi bwacu ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rurabitwumvisha neza.Murakoze
18 Nyakanga 2015, 20:38, par LOVE
KWARIMW MWAGUMUY ABANTU NGO BICE BAGENZI BABO AHUBWO NIMUBUHAGARIK MWEBWE MUBABUZE
18 Nyakanga 2015, 20:39, par LOVE
KWARIMW MWAGUMUY ABANTU NGO BICE BAGENZI BABO AHUBWO NIMUBUHAGARIK MWEBWE MUBABUZE
18 Nyakanga 2015, 20:48, par Sabushimike Edouard
Komuvugangobihangane Mbegabazokwihanganagushikaryari
18 Nyakanga 2015, 21:38, par KIGUGU
AHUBWONIBABIRABEBAGIRE ICOBAVUZE ABARUNDUDUSHAKA AMAHORO
18 Nyakanga 2015, 22:26, par K
Ndikondabona muriko muragarura akenge wewe na Foustin nubwo akarwara numvakakibarimwo arikobiraruta ejohajeze(it’s better than yesterday 😊 .
19 Nyakanga 2015, 00:11, par nishishikare jean-fils
iri tangazo umengo ririmwo amakemwa,amasezerano ya arusha arubahirijwe hamwe nibwirizwa shingiro none uwo mukuru wiryo shirahamwe ashaka bigende gute?ikindi naco ibigwanisho bivugwa mugihugu Ubu ninde yovyegeka kumugwi umwe?ahubwo hakwiye uwuvuga KO uburundi bwahindutse kuko kera hari hazi kwica umugwi umwe,ariko Ubu hica imigwi yose naniyompanvu ibiganiro bikenewe gusumba ibindi vyose
19 Nyakanga 2015, 03:03, par vyamungu Gérard
Nimudadire hiyobasha!
19 Nyakanga 2015, 05:04, par Bizonya
Ivyomuvugavyose babicisa inyumayamatwi hasigaye k1kakagani ngugutwikwimpenekunvakokezwe.
19 Nyakanga 2015, 07:37, par Frodebu
Ubwo ga Rufyiri uriko urarota kumumutaga ?wewe abo bashingantahe bijunja uvuze uziko bakiriho ndimba utafise akagorane mumutwe ahobwo barakuraba neza
19 Nyakanga 2015, 18:28, par Itangishaka Ménélick
Komera Mutama Zuraruta Arik N’intumva,turanyotewe Amahoro Mu Bdi,turanyotewe Kumva Ngo N’ijwi Ry’abanyagihugu Cank Ngo Muntu Utumvirij’isanganiro,arik Sinzi Ko Bizoshika Muri Toixiéme Manda.@
19 Nyakanga 2015, 20:15, par Kadoyi
Wavuga Nuko Atanumwe Akumva. Yaba Ayo Makungu, Yaba Leta,yaba Ayo Mashirahamwe.Baba Abo Banyamigambwe,ect..........Bose Niba Sindabibazwa(ba Ntirumveko.)
20 Nyakanga 2015, 06:31, par TARZA
Gabriel Rupfiri nyene nababwire bahagarike kuko niwe abazi kandi abunze umukono kuko abanyagihugu twarabikurikiranira hafi mumvugo yaza aravugira kumaradio yugawe y’incamutima abarundi no kugarukana indyane mugihugu.
20 Nyakanga 2015, 15:35, par rufyiri
ewe rufyiri, uraboneka kukiri muto, mugabo uca wibagira ko nyerere atakiriho.
20 Nyakanga 2015, 16:27, par Bernice gateka
Turashimiy olucom iciyumvir ifise ico natwe twosaba nuko yokora uko ishoboye ikagwanya ibibi biri muburundi kuk abarundi turarushe
13 Munyonyo 2015, 13:28, par Bigirimana Jeanclaude ,
KUCONSABA NKURUNZIZA NIYIKUBITE AGASHI ARABE ABAKENYEZI,HAMWE,NABASHINGA NTAHE ,BAHAYE,BABA ABAFAKAZI ,AMENYEKO.AHARI HARABANDI ,NA BAMUBUTU ,IYOBARI AHIBUKE ,KANDI WIBUKE ,KO ,WAMBAYE ,UMUBIRI ATAVYUMA WAMBAYE ,NDAGUHANUYE,JE,MWENENDE .
13 Munyonyo 2015, 13:36, par BIGIMANA JEANCLAUDE
kuvuga ko imana yarimye uburundi igihugu wanka kukirekuririki?kuziko aricimana?kumbe uvyirengagiza ubizi ,irya mwana wama urata niyo yonyene izogucira urubanza ,komeza ,