IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU : "Amasezerano y’i Arusha yubahirizwe urudome ku rudome"

ONU : "Amasezerano y’i Arusha yubahirizwe urudome ku rudome"

samedi 14 Ntwarante 2015

Mu rugendo umurwi wa ONU ujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bagize mu gihugu c’Uburundi, babonanye n’abatari bake harimwo umukuru w’igihugu, mu nyuma bakaba batanze ikiganiro, ku banditsi n’abamenyeshamakuru.

Muri urwo rugendo bagize ku va mu gatondo ko kuri uyu wa13 Ntwarante gushika ku muhingamo, abo bari muri iyo nama ya ONU, abashoboye kubonana nabo bakaba bashimye imibonano bahawe. Yaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu canke mu biro vy’umukuru w’igihugu, bakaba bashima urwo rugendo, mu gihe hasigaye igihe gito kugira amatora mu Burundi , aho hari na vyinshi bivugwa ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ndetse hakaba hari n’ abamaze kuvuga ko bazoca bihereza amabarabara, bakiyamiriza ico kiringo, hamwe umukuru w’igihugu yohirahira akitoza.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rero, bakavuga ko bazoguma hafi y’Uburundi, kandi bagafasha kugira intambwe Uburundi bugezeko mu gutsimbataza amahoro, ntisubire inyuma, ndetse ntihahave haba n’imishamirano, abarundi ngo basubire kuryana, kandi bari bageze ku ntambwe nziza. Francois Delattre aserukira igihugu c’Ubufaransa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari arongoye abari muri urwo rugendo, akaba yavuze ko amasezerano ya Arusha ategerezwa kubahirizwa urudome ku rundi, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro mu Burundi. Uwo aserukira igihugu c’Ubufaransa kandi, akavuga ko amatora meza, ataho yegamiye kandi abera ku mugaragaro ariyo bipfuza ko aba mu Burundi.

Ku bijanye n’ivyo hari abatumvikana kuri zimwe mu ngingo zo mu masezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro, aho bamwe bavuga ko umukuru w’igihugu ashobora kwitoza ubugira gatatu, abandi bakavuga ko ibiringo vyiwe bibiri bikwiye, uwuserukira igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika muri ONU Samantha Power, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko Reta zunzubumwe z’Amerika zihagaze hahandi, ko atamukuru w’igihugu n’umwe arekuriwe kurenza ibiringo bibiri nk’uko biri mu masezerano y’i Arusha yatumye intambara zari zigisibije mu Burundi zihagarara. Samantha Power ndetse akavuga ko yanavyibaririye n’umukuru w’igihugu. Eka si we gusa, na Ismael Abraão Gaspar Martins aserukira igihugu ca Gabon muri ONU, akaba yasavye umukuru w’igihugu kurya umutima amenyo, afate ingingo ikomeye ku neza y’igihugu.

Tukabamenyesha ko abo bari mu kanama ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano kw’isi, bari babonanye n’abakuru b’imigambwe, urwaruka ruserukira urundi mu migambwe, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, aho nabo nyene ibibazo vyagarutse vyari bijanye ahanini n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, itegurwa ry’amatora babonamwo amahinyu, hamwe n’imyitwarire mibi bagiriza urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, mu banyagihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ubu none ivyo abo bagabo n’abapfasoni bashikirije nyivyumvikana? Reka turindire twumve ivyo Nyamitwe na Shebuja basubira kuvuga

  • Niba koko na ONU yemera amasezerano ya ARUSHA bikaba biboneka ko NKURUNZIZA PETERO ataburenganzira afise bwo kwongera kwitoza,Mumbarire Edwouard Nduwimana na Gen.Adolphe barakwigwa muca hehe?

  • - Peter arafise ingorane , none abantu bose ko basemerera ntiyumve akaguma ahendwa nako kagwi karimwo Willy ntamutwe na doudou ,, vyose biratomoye ya ba CONSTITUTION OU ACCORD D’ARUSHE nareke rero kwirirwa arasamaza abantu
    - kubona CONSEIL DE SECURITE IVA MURI NEW YORK BAJE KURABA UMUNTU UMENGA NTIYUMVA ,, natekane niyava kubutegetsi ntaco azoba , ivyo gutwara TROISIEME MANDAT NAVYIKUREMWO IYO NI UTOPIE ASIGAJE AMAZI ANE KANDI AGENDE AMAHORO , abo bamuhenda nabo arabikura nakare sabana biwe

  • Nibaza ko ata ngorane zohaba kuko abaronse umubonano bose bavuze ko bashimye ivyawuvuyemwo. Ubu rero turizeye ko les interpretations de la constitutions et des accords de paix d’Arusha bose bazovyumvikanako. Les accords de cessez-le feu ziraba abariko bararwana gusa. Ubu rero ntituri mu ndwano, turi muri politique.

  • Urwo rugendo rw’abo banyacubahiro ntamuntu akunda uburundi, azi aho twavuye rutonezera. Raba neza rero abazungu bazi gusoma neza icanditse, amategeko bagatahura; ubona ibwirizwa shingiro hari ico barivuzeko? Muri make ivyanditswe mumasezerano y’i Arusha (mandats=ibiringo) sivyo vyanditzwe mw’ibwirizwa shingiro (suffrage universel direct= ingene umukuru w’igihugu atorwa gusa); ugaca ushirako rero yangingo ya 302 ari nayo iteye amadidane kuko yivugira ibihe bidasanwze, igaha akaryo abishakira inyungu zabo kuzisumbihsa ubuzima bw’igihugu n’ubw’abanyagihugu.
    Ubu ikibazo gihagaze uku: Umukobwa na nyina bagira baribwe n’igisizimwe, none ko dushoboye gukiza umwe gusa, dukingire uwuhe? Duca turaba ico tubura duhevye uyu canke uriya. Constitutions zamyeho, ariko ntizabujije ibiyangara. Umukobwa aracari muto arashobora kwigwanira, canke naho yovunika bazokwunga, apfuye naho azoba agiye iyo yogiye, nyina azovyara uwundi. Ariko akabura ntikaboneke ni nyina w’umuntu, amasezerano aramutse afashwe kunguvu, mubona haba iki muzi iyo vyaciye kugira aboneke, narirya n’abasigwa b’abashingantahe bayahagarariye bamaze gusemerera?
    Peter nahebe, agende yiruhukire muri sénat, kandi tuzoguma tumukeneye mugihe yosohoka amarembe, noneho abarundi babone n’akaryo ko guhayagiza ubutwari bwiwe bihweza ivyo yaranguriye igihugu. Akaramuka arindiriye gusohoka aciye mw’idirisha canke musi y’uruhome hoho n’ivyo yakoze ahakwa gkugenda abisutsemwo umunyota, abe ariwo bazomwibukirako.
    Reka turabe ineza y’igihugu, Peter atari président abandanya abaho neza.

    Ibwirizwa shingiro nivyo ryokwubahirizwa, ariko turabe igisumba ikindi "Périssent les principes que périsse l’Etat"

  • mana yo mwijuru kananira abagabo ntiyimye uwumukunda namahanure.

  • Ico nosaba abarundi benewacu ntimujane nyabahururu ngo muhendwe naba canke bariya.
    Kuko harihamenyereye gusumira muntambara bakaba bariko barayikokeza ngibahe kandi.umukuru wigihugu nawe nibaze ko yumva impanuru UN security council bamuhanuye .
    it will be very shame to start with very good foundation and then finish with mess roof.
    Africa yoba ibabaje kweli.

  • Peter nkurunziza niyifotozanye nabategetsi bakomeye kwisi ubwanyuma ntaho asubira guhurira nabo imisi iraguheranye .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.