Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba abanyeporitike guha agaciro ibiganiro biriko biraba mu (...)
ONU isaba abanyeporitike guha agaciro ibiganiro biriko biraba mu Burundi
vendredi 5 Ruheshi 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba aberwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi, gushira mu gaciro ibiganiro vya poritike biriko bifashwa n’intumwa idasanzwe Saïd Djinnit.
Muri iryo tangazo, abarongoye Uburundi basabwa gusonera amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu, harimwo gukoranira hamwe kw’abanyagihugu mu manama. Ikindi gisabwa Reta muri iryo tangazo, ni uko, inguvu zikoreshwa n’abaporisi zitoba izibangamira agateka k’abagira imyiyerekano, nayo uwo wese yahohoteye abagira imyiyerekano bigaragara, akaba ategerezwa kuzobobazwa imbere y’ubutungane.
Mwomenya ko muri iryo tangazo, bamenyesha ko inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, yize ikibazo c’ugukomeza amahoro mu Burundi, ONU nayo ikaba iguma ikorana n’abategetsi b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ku cuka kibi mu vya poritike kiri mu Burundi. Iryo tangazo rero, rikarangiza rishima ku nama yo ku wa 31 Rusama yahuje abakuru b’ibihugu vy’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, aho nayonyene, yariko yiga ku bibazo vy’Uburundi.
Aristide Nizigire
Messages
5 Ruheshi 2015, 12:09, par bb
irya ntumwa irahengamy barungike iyindi
5 Ruheshi 2015, 13:13, par MUTAMA
tuzogeza ryari kwih ubuntu inyanka kubwigwa ibwigwa namaso gutukura nyamubur ikimuhanura niwe nyamubur ikimuhamba ugutwi kw impene kwumva kwokeje SADAMU KADAFI barihe hanugwa wumve mugenzi
5 Ruheshi 2015, 14:32, par Bucumi
Ashaka azopfe yandikishije amateka. Ariko ONU iracingingiza umuntu asanzwe nka peter? Ibiganiro vyahereye ryari ahubwo yasuzuguye abarundi hamwe n,amakungu. Abazungu bobo ntibakina nibamushaka n’iminota bazoba bamutoye mukamirampeke.
5 Ruheshi 2015, 20:54, par Mel
Bucumi we Tekana Peter Azitoza Mwigumye Aheze Iyimyaka5 Simyinshi Rindira Tumuhundamajwi Muhabuke Musare Abandi Barahiy,izimbwa Ko Batava Mwibarabara Tuzobamesa
5 Ruheshi 2015, 20:56, par renovat
sha jewe ONU interamakenga pe! kuberiki yamitunga agatoke leta gusa? aba bagumutsi bobo barubahiriza agateka kazinamuntu? uwu bucumi arafise ubwenge koko? uwudahanugwa niyo mbwa pacifique agtma ahamagarira abantu mwibarabara.
5 Ruheshi 2015, 21:16, par lolo
wewe uvuga ko intumwa ihengamye,URAGWAYE!
5 Ruheshi 2015, 21:42, par Nkwavu Venant
Muvuga neza.aba police bakoresha inguvu kumunyagiye atagira ikirwanisho.ababikoze bazobibazwe pe!
6 Ruheshi 2015, 04:32, par vyamungu Gerard
none mwunva bizohererahehe ?pita Abarundi isinzi tukurinyuma.