IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba irungikwa ry’abahinga bigenga bakora amatohoza mu Burundi

ONU isaba irungikwa ry’abahinga bigenga bakora amatohoza mu Burundi

vendredi 18 Kigarama 2015

Inama ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba ko ibiganiniro bisubira gutangura hakarungikwa kandi umurwi wigenga ukora amatohoza mu Burundi.

Mu nama yabereye i Geneve mu gihugu c’Ubuswise kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Kigarama 2015,inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU yasavye ko harungikwa vyihuta abahinga bakora amatohoza ku mabi yakozwe n’impande zose kugira abagirwa bashikanwe imbere y’ubutungane.

Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’Ubuganda,uwuserukira Ubuganda muri ONU yavuze ko ibiganiro vyari vyahagaze ariko hari ibikorwa vyabandanya gukorwa.

Yavuze ko Ubuganda bushima abamenyesheje bose ko bazofasha kugira ibiganiro bisubire gutangura mu kiringo c’indwi zibiri i Kampala mu gihugu c’Ubuganda.

Kubwa Zeid Ra’ad Al Hussein komiseri ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umwanya w’inyishu ntonto no guhendahenda waraheze kuko ibibera mu Burundi bisaba inyishu zihambaye kandi zikomeye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.