Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU isaba irungikwa ry’abahinga bigenga bakora amatohoza mu Burundi
ONU isaba irungikwa ry’abahinga bigenga bakora amatohoza mu Burundi
vendredi 18 Kigarama 2015
Inama ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isaba ko ibiganiniro bisubira gutangura hakarungikwa kandi umurwi wigenga ukora amatohoza mu Burundi.
Mu nama yabereye i Geneve mu gihugu c’Ubuswise kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Kigarama 2015,inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU yasavye ko harungikwa vyihuta abahinga bakora amatohoza ku mabi yakozwe n’impande zose kugira abagirwa bashikanwe imbere y’ubutungane.
Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’Ubuganda,uwuserukira Ubuganda muri ONU yavuze ko ibiganiro vyari vyahagaze ariko hari ibikorwa vyabandanya gukorwa.
Yavuze ko Ubuganda bushima abamenyesheje bose ko bazofasha kugira ibiganiro bisubire gutangura mu kiringo c’indwi zibiri i Kampala mu gihugu c’Ubuganda.
Kubwa Zeid Ra’ad Al Hussein komiseri ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umwanya w’inyishu ntonto no guhendahenda waraheze kuko ibibera mu Burundi bisaba inyishu zihambaye kandi zikomeye.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Kigarama 2015, 12:46, par Muzokwumirwa
Barabashuka
18 Kigarama 2015, 18:03, par ZUR
IVYO NTAWEBITEYUBWOBA
18 Kigarama 2015, 18:47, par BUSHOMBE
IVYOVYO BIHERERA MUMAJAMBO EREGA TWEBE ABARUNDI TURARUSHE TURIPFUZA KUVA MUBUJA ITWARO YABA DD ISUMBA IYABAKORONI
18 Kigarama 2015, 19:36, par Bigirimana Pierre
Ahubwo Nibanyaruke Nayahandi Abarund Turahona Batadutabaye.
18 Kigarama 2015, 20:04, par NDAYISHIMIYE CLAUDE
NIMUDUTABARE TWAMAZE KURUHA,IVYOMUVUGA MUBISHIRE MUNGIRO.
18 Kigarama 2015, 20:06, par NDAYISHIMIYE CLAUDE
NIMUDUTABARE TWAMAZE KURUHA,IVYOMUVUGA MUBISHIRE MUNGIRO.
18 Kigarama 2015, 20:15, par Claude
Ahubwo Mwatebeje, Twebwe Abanya Gihugu Twarushe.
19 Kigarama 2015, 02:22, par Mariya Budangwa
@Bushombe
Reka kuvugira Abarundi bose ntibagutumye ivugire ku gatwe kawe, harya ngo urarambiwe intwaro yaba DD nanje sinshaka gusubira mu ntwaro yaba Hima yatwishe kuva turonse indépendance.