Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU : Urwaruka n’abagore batavuye mu bukene barimwo iterambere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU : Urwaruka n’abagore batavuye mu bukene barimwo iterambere (...)

ONU : Urwaruka n’abagore batavuye mu bukene barimwo iterambere rizogorana

jeudi 21 Myandagaro 2014

Ukubura akazi ku rwaruka biri mu bituma urwaruka rukoreshwa na banye poritike,
mu bihugu biri mu nzira ya majambere n’Uurundi burimwo.

Urwaruka rurabura akazi bigatuma rukoreshwa mu bintu bitaruteza imbere, ndetse ntibiteze imbere igihugu cose, biri mu bituma abanyeporitike barucako kugira bishikire ku ntwaro mugihe urwaruka arirwoo rugize igice kinini c’abanyagihugu. Mu Burundi rero cane cane ibice vya sinzikajwe n’intambara, urwaruka rugasabwa kuja hamwe rubanze rurabe ingorane iruhuza y’ukubura akazi, rugerageze kwiyungunganya mu migambi y’iterambere. Ivyo urwo rwaruka rukabisabwa, mugihe igisata ca ONU mu Burundi cemeza kw’ikibazo c’urwaruka bakigize nyamukuru, mu migambi yabo kuko basanze Uburundi budashobora gutera imbere, urwaruka na bagore batavuye mu bukene barimwo.

Urwaruka rw’Uburundi rugasabwa kwijukira imyuga mitomito izobashikana kw’iterambere, rugaheba ivyama bivugwa vyo guhohoterana bapfa imigambwe. Mwomenya ko amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, adasiba gutera ivyatsi ingendo ya rumwe mu rwaruka rwama rwatanye mu mitwe rupfa ivya poritike.


Anitha Bizimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.