IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU yasavye ibihugu biyigize gutanga abazokwitoreza gusubirira Ban (...)

ONU yasavye ibihugu biyigize gutanga abazokwitoreza gusubirira Ban Ki-Moon

mercredi 16 Kigarama 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye ibihugu bigize iryo shirahamwe ribasaba gutanga abazosubirira umunyamabanga mukuru waryo Ban Ki-Moon.

Mu gihe Ban Ki-Moon azorangiza ikiringo ciwe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Kigarama 2015, Samantha Power ari kumwe n’umukuru w’inama rusangi ya ONU Mogens Lykketoft basavye ibihugu bigize iryo shirahamwe gutanga abazosubirira Ban Ki-Moon.

Bibaye ku ncuro ya mbere aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryandikira ibihugu birigize ribisaba gutanga uwitoza mu kibanza nk’ico.

Igikorwa co gutora umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyahora bikorwa n’ibihugu bitanu bigize inama y’umutekano muri ONU ivyo navyo ni Ubwongereza,Ubushinwa,Ubufaransa,Uburusiya ndetse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kandi bikaba mw’ibanga rikomeye.

Benshi mu bakurikiranira hafi ivya politiki y’isi batanguye kwemeza ko ikiringo gikurikira gishobora gutwarwa n’umukenyezi,mu gihe mw’ikete risaba ibihugu kurungika uwitoza basaba ko abagore nabo bajamwo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.