Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU yasavye ibihugu biyigize gutanga abazokwitoreza gusubirira Ban (...)
ONU yasavye ibihugu biyigize gutanga abazokwitoreza gusubirira Ban Ki-Moon
mercredi 16 Kigarama 2015
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye ibihugu bigize iryo shirahamwe ribasaba gutanga abazosubirira umunyamabanga mukuru waryo Ban Ki-Moon.
Mu gihe Ban Ki-Moon azorangiza ikiringo ciwe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2016, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Kigarama 2015, Samantha Power ari kumwe n’umukuru w’inama rusangi ya ONU Mogens Lykketoft basavye ibihugu bigize iryo shirahamwe gutanga abazosubirira Ban Ki-Moon.
Bibaye ku ncuro ya mbere aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryandikira ibihugu birigize ribisaba gutanga uwitoza mu kibanza nk’ico.
Igikorwa co gutora umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyahora bikorwa n’ibihugu bitanu bigize inama y’umutekano muri ONU ivyo navyo ni Ubwongereza,Ubushinwa,Ubufaransa,Uburusiya ndetse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kandi bikaba mw’ibanga rikomeye.
Benshi mu bakurikiranira hafi ivya politiki y’isi batanguye kwemeza ko ikiringo gikurikira gishobora gutwarwa n’umukenyezi,mu gihe mw’ikete risaba ibihugu kurungika uwitoza basaba ko abagore nabo bajamwo.
Van Naris Mugisha
Messages
16 Kigarama 2015, 23:14, par NIKOBIRI
Ntaco bimaze n’uguhenda abantu gusa!