IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU ikeneye kurungika abahinga batohoza ku binogo rusangi

ONU ikeneye kurungika abahinga batohoza ku binogo rusangi

jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par egide

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ryiteguriye gufasha mu matohoza ku binogo rusangi bivugwa ko vyahambwemwo abantu mu kivunga. ONU itegekanya kurungika abahinga, Reta y’Uburundi ikaba yamenyesheje ko irindiriye ibizova mu matohoza y’umurwi washizeho n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryatangaje ko rifise amasanamu yafashwe n’ikigendajuru (Satellite), yerekana ibinogo rusangi bitanu vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi ko rifise n’intahe z’abantu batandukanye bagiriza igiporisi ubwicanyi bw’abantu benshi kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, n’igenekerezo rya 12 Kigarama 2015, igihe hakorwa ibitero ku makambi atandukanye y’igisirikare c’Uburundi.

Umuyobozi wa Amnesty International muri Afrika y’ubuseruko, hamwe no mu biyaga bigari, Muthoni Wanyeki, yamenyesheje ko ayo masanamu yerekana ubushake bw’abayobozi b’Uburundi bw’ukunyegeza ubwicanyi bukorwa n’abajejwe umutekano, hamwe n’ukwanka ko ukuri kuja ahabona.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko abavuga ko mu Burundi hari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu mu kivunga mu kwezi kwa Kigarama, borindira amatohoza azotangwa n’umurwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryipfuza kurungika mu Burundi abahinga bigenga, kugira bafashe ubutegetsi bw’i Bujumbura mu matohoza kuri ivyo binogo vyoba vyahambwemwo abantu barenga ijana mu kivunga, bikavugwa mbere ko hoba hari n’ibinogo kimwe coba kiri mw’ikambi ya gisirikare.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic, yamenyesheje ko naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashizeho umurwi w’amatohoza, ko bikenewe ko abahinga ba ONU boshika ahavuzwe ko hari ivyo binogo, bikugururwa, ONU igasaba ko abahinga bayo boba ariho bari, ONU igatanga n’abahinga muvy’ubuvuzi bemewe n’amategeko (Experts médicales légales)

JPEG - 113.2 ko
Ivan Simonovic, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu

Reta y’Uburundi ikaba yamenyesheje ko izogira ico ibivuzeko umurwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenda kugira ukore amatohoza niwasohora icegeranyo.
Umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yamenyesheje ko amasanamu nk’ayo yerekanwe ari ayo kwitondera kubera ku bwiwe kenshi aba atariyo, canke agatangwa n’abafise izindi ntumbero.


IGIHE

Messages

  • yezu dutabare abarundi tugeze ahatemba

  • nn nibabasangayo bizocabigenda gt kobapfuy?Mana dukingir ivy binogo!

  • Abantu baraje batera amakambi yigisirikare cu Burundi ariko iryoshirahamwe Amnesty international nimwumve ukuntu rikibabazwa nuko barwanijwe bagatsindwa! Ntahantunahamwe wokumva rivuga ko riteye ivyatsi abubahutse bagatera amakambi yagisirikare!!!. Harihakandikantu kamabaza kwiryoshirahamwe mugihe giheze harabanyarwanda bishwe batabwa muri Rweru urwanda ruvuga ngosirwo rwishe abobantu, uburundi nabwo bukavuga atisibwo bwishe abobantu ariko iyo amnesty international ntiyigeze ivugako igomba igire icikoze ngwirebesheyo iyo satalitte! Ndababwire ivyovyabona bavuga ngo bishinga intahe niyabamuvyukuri abobafubwe ikivuga bariho bazobakorereko amatohoza barimuribanwe bakoramabi bakaca biruka kuvuga ngo reta yakoze amabi ahanaha kandi aribobayakoze ivyovyarabaye muribamwe ngaha Burundi muba civil, muba polisi, nonubasoda .

  • Abicanyi bagomba babakureyo amabace babahamagara Onu umenga ntaguvu igifise ni onu yamajambo gusa amatohoza ya reta yu Burundi turayazi kwatakuri kuzovamo atari ibinyoma gusa namaremendanya ahubwo nibagende ningoga bagire ayo matohoza nibagume mumajambo

  • None urashaka kuvuga ko abahambwe mubinogo aribo bateyinkambi koko, mwagiye mugira umutima wabantu kweri, mbese impinja, abana bikiwe Nyakabiga nabo bateye inkambi zabasoda? No None isubireho

  • Hakenewe guhagarika ubwicanyi imbere yivyo vyose. None ko babandanya bica, ni ukuvuga ko ONU igiye kuguma ihiga ibinogo, aho guhiga Peter Nkurunziza ngo areke kwica. Iyo ONU niyo guharura abapfuye canke niyogukingira abapfa.

  • Nitohoze Ahohose Hahambwe Abantu Kuv’uburundi Bucikukira Maze Abacu Tubahambane Iteka,n’amatohoza Agaca Atangura Kugira Hamenyekane Ababikoze Bongere Babihanirwe.

  • @ Kabango, oyasibarya bateye ikambi nibamwe mwaturira babona nabomwirirwa muratera ama grenades.

  • Ntamato hoza yu mushikirizamanza wu burundi twokwizera kuko basazwe bafatanije, na Nkurunziza ni ngo bwa bagerageze uko bozimanganya amabi ariko arakorwa. nonivyo batatohoje hakirikare nimba bazigutohoza,babitohoza ubu? nukurekera ababifitiye ubumenyi nubuhinga. batarinkunzi yi biturire,batagendeza indimbere,batari mpibihumbi jana,batari mpagacupa, batadandaza ukuri kubwa maronko. ni bo dukeneye koboza muburundi bagashirahabona amabi yakozwe na Nkurunziza nakarwi kiwe bishobotse bagakubitwi ntahe mugahanga.

  • @ None mureke rero ayomatohozwa akorwe ukuri kugye ahagaragara, nibwo uwabishe azagaragara.

  • YESU ninyishu ni rukundo

  • IVYUBURUNDI BIRAGOYE AHOKUVUGA BATI SANTELITE YAFASHAMASANAMU BARIKO BARABAHAMBA NGO YAFASHAMASANAMU YIBINOGO ICOGIHE BABAHAMBA IYO SATELITE YARI MWIKONJE ?HARIMWAMAHINYU,

  • mbega iyo reta ya nkurumbi kwariyo yishe abo bantu.wumva yoshiraho abatohoza gute kandi abo batohoza aribo babigize,nibareke onu ivyirabire,nico gituma banka ninteko mvamakungu kuko boca bafatwa.nimubareke kwica niwo mwuga wabo.iyo batishe ntibameregwa neza,ariko harumusi iman,izocurubanza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.