IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Padraic Kudu yahawe amasha 48 kuba yavuye ku butaka bw’Uburundi

Padraic Kudu yahawe amasha 48 kuba yavuye ku butaka bw’Uburundi

dimanche 13 Kigarama 2015

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwirukanye umunyamahanga Padraic Kudu ava mu gihugu kimwe ku mugabane wa Buraya bumwagiriza ko yatanze amakuru acanishamwo kandi ahungabanya umutekano w’igihugu.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu ryateweko umukono n’umushikiranganji kuwa 13 Kigarama 2014,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko Padraic Kudu yahonyanze amategeko y’igihugu muri rusangi hamwe n’ayagenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwamuhaye amasaha 48 kugira abe yavuye mu gihugu c’Uburundi aje mu gihugu yiyumvamwo.

Mu kurangiza,ubwo bushikiranganji busaba abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura,mu ntara no mu makomine gufasha kugira iyo ngingo ije mu ngiro.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.