IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pancras Cimpaye : Nkurunziza azovyishura imbere ya Sentare Mpuzamakungu

Pancras Cimpaye : Nkurunziza azovyishura imbere ya Sentare Mpuzamakungu

mercredi 6 Rusama 2015

Pancras Cimpaye aserukira urunani ADC-Ikibiri mu mahanga avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azokwishura ivyaha vyakozwe ku ntwaro yiwe, imbere ya sentare mpuzamakungu.

Mu kiganiro Debat gica ku mboneshakure y’abafaransa France 24, Pancras Cimpaye yatanguye abeshuza ivyashikirijwe n’uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa aho yavuga ko Uburundi ari iparadizo.

Pancras Cimpaye yavuze ko Uburundi buza mu kibanza gikurikirwa n’ica nyuma mu bihugu bikenye kw’isi, buza mu kibanza ca mbere mu gutora no gutanga igiturire mu karere k’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, ari igihugu aho abaporisi barasa abari mu myiyerekano, kikarasa kandi abasirikare, ivyo navyo ngo nivyo bituma Uburundi butaba iparadizo.

Pancras Cimpaye yibukije ko mu myaka cumi iheze intwaro ya CNDD-FDD iri ku butegetsi, iyo ntwaro yaranzwe n’ivyaha vyo kurya igiturire,ivyaha vyo gusesa amaraso hamwe n’ivyaha vy’ubusuma, ari naco gituma umukuru wigihugu Petero Nkurunziza afise ubwoba bwo kuva ku butegetsi kubera ivyo vyaha yakoze.

Mu kurangiza Pancras Cimpaye ambwira uwuserukira Uburundi mu Bufaransa ko yomenya ko kuva imyiyerekano itanguye abantu bashika 15 bamaze kwitaba Imana,kandi ko akwiye kumenya ko ibiriko biraba vyose,umukuru w’igihugu azovyishura imbere ya sentare mpuzamakungu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Eka n’ukuri ndavye ivyu yitwa ngo ni umukuru w’igihugu, arakwiye gutanga imihoho kuko ubwicanyi bukorwa n’akagwi k’abantu ntagahane birababaje kandi birateye agahinda. Nukuri amakungu nadufashe yubahirize amategeko hama ibizokwirikira Sentare izobiraba kugira twironkere amahoro.

  • Panklasi Nuzunguruke Isi Ureke Canke Ugaruke Ntarekura Atitoje Mbe Kuja Kuvuga Yamuhe Hanze Usa Numwana Barihiramashule Ayahejeje Akihakana Abavyeyi Bamwibarutse Kukanka Ntibamwicare Iruhane Iyongendo Yabanyepolitike Nkawe Nimuteshwe Mute Mwe Na Sinduhije Kandi Usanga Mwiyumvira K,amatoratazoba Nimuze Ni Kuwa Mungu Nih,imyiyamamazo Izotangura Namwe Muri Gusegesh,akarimi Muzosange Mwasigaye Mutari Ku Rutonde

  • sha gewe namaze kwihebura kabisa ndabona agiye kwitoza pe!! ivyo muvuga atacyo bimubwiye ega n’ubundi muri bujumbura atamajwi yari ahiteze nibashaka ntibazaje mumatora,ahubwo vyaba amahirwe kuriwe.

  • Pacrasi urihumiye nitukiramahoro numugambwe yose yiburundi, mvuzebike nta unite mfise imyigaragamvyo itangura ngaha Bujumbura narayigiyemwo ariko munyuma nagiyekumenyako kwiyamiriza Nkurunziza ngontazokwitoze kwatarivyo ahubwo mufise ibindi naciyendabivamwo kandi sijewe gusanabivuyemwo nibeshi bakomeje kubivamwo mbese nohanuranabandi kohatogira uwuzosubira kubabwira ngokoribi atarimugihugu ngobamwemerere kukovyarambabaje numvise ijambo rivugango mukore ibishobokavyosebishoboka ntimuhagarike iyomyugaragamvyo ngobinashobotse hakaboneka abahasiga agatwe ngotwebwe turihanze bizocabitworohera kubereka kuturikumwe namwe!!!!!!!!!!!!.

  • IMVUGAKURI NKA NDADAYE MUBURUNDI ZIRIHO YAVUZE ATI MWISHE NDADAYE NTIMWISHE BANDADAYE UWUZOHEMUKIRA UBURUNDI ABARUNDI NTIBAZOMUBABARIRA .KOMERA M P CIMPAYE.OMOKA PETER NTABUNTU UGIRA KUBARUNDI .IYO HAPFA UWAWE WARYOHERWA.UKURI GUCAMUMBONERAKURE NTIGUSHA.MURATSINDA BARUNDI.

  • Turababajwe N’ imyitwarire Imwe Imwe Y’abanyeporitike Aho Umurundi Anezerwa Ko Igihugu Ciwe Kigira Isura Mbi Mu Makungu Kandi Aritwe Twari Dukwiye Kuvugira Uburundi Mu Makungu.Muri Poritike Turamaze Kumenya Ko Umuntu Wese Ashira Imbere Inyungu Ziwe Agashaka Gushikira Igihugu Abanje Kwambika Urubwa Muginziwe;ico Nosaba Pancras Cimpaye Nahunguke Aze Kurubuga Areke Guha Mu Makungu Uburundi Isura Budafise Kuko Niba Amategeko Yarakurikijwe Petero Nkurunziza Ntakabuza Izitoza Nayo Pancras Nateshwe Ate.Murakoze!!

  • CIMPAYE MDAMUGERERANIJE NUMUSAZI ASARA

  • Bagenzi,

    Ndubaha kandi ndubahiriza ivyiyumviro vy’abo dusangiye Uburundi. Ko abantu bavuga bati ntitwemera Nkurunziza, numva ari ibisanzwe. Ariko ndanegura ingendo y’abanyeporitike bo mu Burundi benshi. Ikibabaje n’uko barungika abana bacu mu bikorwa vy’iterabwoba twahora tubona muri Irak, Somalie n’ahandi, kandi Minani, Nininahazwe, Ndabitoreye, Vitali bakaguma bakindira ku mivyimba y’urwaruka ngo n’imyiyerekano y’amahoro. Ikiboneka co n’uko n’abo bavuga ngo bari mu myiyerekano badasangiye intumbero. Nk’uwo Pancrace ariko aravuga, umengo yibagiye ko mu 2011 kugabisha umukuru w’igihugu ngo mu mezi makeya abarobeli bazoba bamukuye, kandi ngo ntibazorindira 2015. Ico gihe naho yari afise ingorane ya mandat? Ihibambewe. Ariko uno musi ahenda umwana atazi ivyo yavuze mu 2011, nawe akaja narwo ngo "rekura mandat, rekura mandat". Rwaruka murambabaje.

  • Mbe barya bantu muriko muraturira nama pine ni NKURUNZIZA yabaturiye? Mwabahoye iki? Irya niyo myiyerekano yamahoro? Ivyo vyose ntimugire ngo turasinziriye umusi twabishuje ivyo mwononye mu myiyerekano yamahoro muzobiriha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.