IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patrick Nduwimana asaba ko ivyavuye mu matohoza y’abaturiye amaradiyo (...)

Patrick Nduwimana asaba ko ivyavuye mu matohoza y’abaturiye amaradiyo bitangazwa

mercredi 15 Mukakaro 2015

Umukuru w’ishirahamwe ry’amaradiyo akorera mu Burundi ABR Patrick Nduwimana asba Reta y’Uburundi kwugurura amaradiyo yugawe ari muri iryo shirahamwe.

Patrick Nduwimana amenyesha ko umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda yari yemeye gukora amatohoza kugira hamenyekanye uwasambuye amaradiyo yigenga.

Umukuru wa ABR asaba umushikirizamanza mukuru wa Republika gutangaza ivyayvuye m matohoza,ariko imbere y’uko abitangaza asaba ko yotanga uburenganzira bwo kwugurura ayo maradiyo.

Patrick Nduwimana ahamagarira ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’abafasha Reta gusaba ko Reta y’Uburundi yugurura amaradiyo Bonesha FM,RPA,Isanganiro,Radiyo n’imboneshakure Renaissance,igakingira kandi umutekano w’abamenyeshamakuru b’ayo maradiyo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Igihugu Kitagira Amaradio Gisa N Umufugwa Ari Mwibuye Reta Niyikubite Agashi.

  • Mutama aho ntinkukuvomera mukiva kurivyo uriko urasaba jewe ntanakimwe mbona kizova muriyo reta muririra kuko nibo bayaturiye hama ngo mushaka amatohoza, aho abasemerera bahereye iyaba arabumva baba bumvishe kera nimuvuge ariko sinzi.

  • Rekandababwire ibintu bitatu: Mbeburya ntimuziko aryama radioyo yaturiwe muraryamasaha Nkurunziza yariyatswe ubutegetsi? Baryabantu bafashe ibirwanisho vyarutura bakabihereza amabarabara nibobadutuririye ama radios yakorera mu Burundibwacu. Arikomwibuke kowanengo abakorera kwayoma radio barayasema’ ahowasanga umuririvyi arondeye indirimbo yogutukana bacabayicuraranya burimusi ijoro numutaga! Akarorero ninkumuririmvyi yaririmvye indirimbo irimwo amajambo avugango: IMBWBWE ZAHORAMWISHAMBA NIZOZISIGAYE ZIRIMU BEREAU! Mukacamumenyako igihugucacu cigezekuba gifise abarundi barabarwanyi bitwa inyeshamba nyumabakavayo babihagarika ivyokurwana urevyerero akahise utisema iyondirimbo ntiwobonako muburundi indamenewe atacoyobirikwo irafasha.

  • Emwenyagasaniwe,kuberiki abantubububikunda?ntibemerigosha?non ivyaREMA EFEM vyontibikurikiranwa?

  • UMVANDABABWIRE UWATURIJE ARYAMA RADIO , NURYAYAVUZENGO : GUHERUBU NGUWARI PEREZIDA PIERRE NKURUNZIZA ARAHAGARITSE KUBUMUKURU WIGIHUGU CUBURUNDI NGO NA RETA YIWE NIMWABAMUTAVYEMERA MUZORINDAMUPFA MURIBITAZI.

  • Mbega ayo matohoza nayiki?ama radio yaturiwe n’igipolisi hamw n’imbonerakure, ahubwo procureur general de la republique nimba atinya kubadomako urutoke,natang imihoho.

  • ivyo uvuga nivyosha mutama.naho umukuru wigihugu tumwemera, turababazwa nayo ma radio yugawe. nka twebwe abanyagihu turabona vyarivyo amaradio y’uguruwe.

  • ivyo uvuga nivyosha mutama.naho umukuru wigihugu tumwemera, turababazwa nayo ma radio yugawe. nka twebwe abanyagihu turabona vyarivyo amaradio y’uguruwe.

  • Mbega basha barasubiriye gusaba ayo maradio ngo yugurugwe.Reka umuntu aze arabasubiriramwo:
    1:banza mutwubakire rema fm yacu du moins muturihe ivyo mwononye vyose ku munsi wa putsh sans oublier abapolisi bahapfiriye urya munsi.

    2:banza mushumbushe nyina wa wa mwana w’umuhutu mwatuririye mwi pine ngo muri muri manifestations pacifiques bandes de vampires ,ayo ma radio nayo ma television nyene yanyu amu filma ,ahubwo abatutsi murubahuka

    3:Mutangure mwishikane abari muri irya putsh ya le 13 ,mwateye umudugararo mu gihugu,ivyo biheze ,mushengeze abaturiye urya mwana murabazi,aha rero mvuze ivyabaye ubu,nsubiye kuva muri 65 gushika 2005 vyoba birebire.
    Mukaba mudashoboye ivyo vyose contentez vous de la RTNB natwe twarayumviriza Jeane Kanturire ariko aratwicisha nkenswe ubu yabaye i radio y’abanyagihugu,kanatsinda nimwe mwazibomoreye ngo mudukwegere amakungu ariko mwarahinyuwe,hari akagesera karaho kitwa Teddy mazina kakora kuri rennaissance kavuzeko la presse ari 2è pouvoir du pays murumva?mwayaturiye mwizeye kubita ku mbonerakure ngo mubashe muzimare nkuko mwari mwabiteguye en plus y’ibindi vyinshi mubabeshera ,none mwasanze mwisamburiyeko,mukome.

  • Nimwirekere kuvuga mwanyakwubahwa erega ntibaronda ayomaradiyo,yonyene?bashaka namwebwe ahubwo imana nishimwe

  • Jewe birambabaza iyo muvuga amaradio 4 gusa mwirengagije Radiotélé REMA kandi ariyo yaturiwe imbere ya zose,c’est dommage Patrick.

  • niyombare we abarundi barushe mubonamutazokwikebuka abantubaheze kontanumusi hadapfa umuntu uwadashigikiye cndd canke ikirongo cagatatu3 bamujana kwicwa barikumwe nimbonerakure bakabarasa zambonerakure bagacabavugango nabarwanyi bishe ngabandi barafatwa namanyanga menshi nibamukenexe ivyiyumviro twobaterera ivyumviro ntimuze mwihende aba dd bakoresha amahera menshi kandi abarundi twarambiwe nubutegetsi bwa nkurunziza

  • nta ni soni mugira! mbega ko mwavuga ngo muragir amatohoza, kuk mutari bwavuge abaturiy urya mwana w’umuhutu mu nyakabiga? ariko abish aba bikira mukabamenya burya nyakabiga na kamenge nihe mushika facilement? tuzoyogurur nimwagifata.

  • Ubwo uwo mugabo siw yaturiye rema fm ? Kubereki atayishiramwo ?

  • ayomaradiyo nabazwe pacifique na niyombare kuk nibo bayaturiye ngo bagombubutegetsi kunguvu!mbega imyaka nyakubahwa pita nkuru nziz yamaze mwishamb izombwa barikumwe!!bashire disipline mumufuko kuko nkurunziza ntibakorako!nababigerageje bafatishwintoke!niyombare nagarukasabikigongwe arabe ko yopfumabumurikiri muga birababaje kwitwumurikir war general!

  • NIYOMBARE NIKIGUGU MUMUTWE YARAFASHE AMARADIYO ARATURIRA REMA AYIGIRAKARAVYO ACAGOMBA KUJA GUFATA IYUBURUNDI NAYO!!UWAMUHENZE YARAMUGIRIYE NABI!AMARASO NIMABI NKABANT BARIKUMUTWE WIWE AZOHAVURARONKA ICO YISIGURA IMBERE YIMANA NABANTU!AZOPFA NKA GAHINI NA ABERI!

  • mbegaburya aberiyapfuyenabi?

  • rindira baheze kwib amatora .il doute de tout niyiwab rema babanje kuyugara.

  • nibgurur ningga ayomaradio batinyik?

  • Ukwo n’ukuri,kuko amaradiyo atuma tumenya uko igihugu cose kimeze. Mbega kuyugara ntiwumvako bashakako tumera nk’intama tuzobone rwamaze kwuzura?

  • ivyigururwa ryo maradio ntibikenewe kuko nibicivutu abantu,nkubu baratekanye kubere batacunviriza ibinyoma ikokeza ryo matadio yabihaye gufasha no kugumurara abantu ngo bashaka ubutegetsi biciye munguvu kandi bitagishoka nizugarwe.Zose hasigare iradio imwe yigihugu

  • uyuwe aje nabi abandi batwaa ye neza aki ca itwari adoruf shimiima agac avuga ngo bazoba bafashd iyonkozi yikibi mumezi abiri turarindira koba mushe nge za tuka bura uko kwihi sha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.