Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paul Seger asaba abarundi kwirinda intambara aho yozanana hose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Paul Seger asaba abarundi kwirinda intambara aho yozanana hose

Paul Seger asaba abarundi kwirinda intambara aho yozanana hose

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par IGIHE

Paul Seger asaba abarundi kwanka icitwa intambara iyo coza kizanana hose, ivyo akaba yabishikirije mu mubonano yagiranye n’umushikiranganji Laurent Kavakure ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Kuri uno wa kabiri, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure yakiriye Paul Seger, asanzwe aserukira igihugu ca Suisse mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akongera akaba ajejwe ibibazo bijanye no gutsimbataza amahoro mu Burundi muri iryo shirahamwe nyene.
Paul Seger yashimye uwo mubonano, aca yongera amenyesha ko rigize incuro 17 agendera Uburundi.

Yamenyesheje kandi ko iryo shirahamwe rirajwe ishinga n’impari zimaze iminsi zijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Ariko akaba yamenyesheje ko arindiriye ko abarundi bonyene mu mahoro n’umutekano batorera inyishu ico kibazo.
Paul Seger yasavye kandi abarundi guhitamwo inzira y’amahoro, bakirinda intambara aho yoza izanana hose.


Floxella Karire

Messages

  • Uyumuntu abivuzeneza yose, ubutugimbakuzaturitegereza ukuntu banyakwubahwa bakurana mubibanza twebwe tuzozaturahurira mukubahamajwi canke tuyabima uwuzozakumbarira ngobata inkoni ujegukubita uriyamutavugarumwe nzomubwiranti ndamukubite kuberawewe ivyushaka gushikako? Nzocandamubwiranti fatinkoni wigire mugihugu kubahondagura atinukuhumvye, cankeniyambwirango fatinkoho uzekurasa bantuze nzomubwirati genda ubibwire abasirukare bigihugu nibobafuse uburenganzira bwogukoresha inkoho mugihe bosanga bikenewe nkuko babigenje Cibitoke, ngirango murabibako urwamomugihugu arirwishi ariko ntamusurikare mubona kuko ivyontibimureba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.