Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri MBONIMPA : "Twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana (...)
Petero Karaveri MBONIMPA : "Twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana ivyaha"
lundi 8 Myandagaro 2016, par
Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH, aho ari mu gihugu c’Ububirigi, arashima ko yasubiriye kuvuga neza n’ijwi ryiwe nk’uko yahora imbere y’uko araswa, akavuga ko n’amagara yiwe yifashe neza. MBONIMPA yemeza ko ku ruhande rwiwe yamaze kugirira ikigongwe abashatse kumugandagura, ariko agasaba ko ubutungane nabwo bwokora igikorwa cabwo.
Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko yamaze kubabarira abagira bamugandagure, hamwe n’abagandaguye umuhungu wiwe, umukwe wiwe, hamwe n’abandi barundi isinzi bishwe.
- Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH
"Ndemera Imana, batwigisha kugira ikigongwe. Ku bwanje, naramaze kubagirira ikigongwe ku ruhande rumwe. Ariko ku rundi ruhande hari ubutungane. Ukubera ubutungane ntibugirira ikigongwe, ubutungane burahana, ubutungane burakosora. Ahandi ho tuvuze ko ubutungane buzotanga ikigongwe, twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana ivyaha. Rero ku bwanje vy’ukuri, naragiriye ikigongwe ababikoze n’abo babikoranye."
Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko abandanya urugamba rw’uguharanira agateka ka zina muntu, kugira ibibazo vy’Uburundi bitorerwe inyishu bidaciye mu nzira y’ubugizi bwa nabi. MBONIMPA avuga ko atazoguma gusa abandaniriza ibikorwa vyiwe mu gihugu c’Ububiri aho asanzwe ari, akamenyesha ko azotaha mu gihugu ciwe, mbere akizera ko imbere y’impera z’uwu mwaka w’2016 azoba ari mu Burundi.
IGIHE
Messages
8 Myandagaro 2016, 17:03, par .
Erega bamwe baturira abantu nibobagukoreyeko piblisiti ngobiharurwe ko ari reta ikurashe.
8 Myandagaro 2016, 19:02
Ahubwo mutama uzobe urigumiyeyo urabeko woburamaze kabiri
8 Myandagaro 2016, 19:38, par Tinyimana
Naze Twubakigihugu Ariko Ntasubire Kugumura Abenegihugu .
8 Myandagaro 2016, 21:07, par Sanda Anick Star
Niyiyizire Mutama Aho Yataye Uruzogi.Uwumwanka Amwandureko!
8 Myandagaro 2016, 21:08, par MISAGOMICHERI
NONENKAWE NTIWOVA MURIVYO URIMWO REKAKWICISHA ABAWE NTACUKIMARIYE IGIHUGU
8 Myandagaro 2016, 21:36, par clovis NIYUKURI
gira amahoro MUZEHE uwukwanka akwandureko IMANA irakubona
8 Myandagaro 2016, 22:03, par Nzorubara
Mutama urabanza utenyenye buriya ibimwenya biracariho ntugire ngoharaho vyagiye
8 Myandagaro 2016, 22:43
Shantatubeshe ngoatazeikigogwe kubamurashe ahubwo nukojenoside bavuga yabananiye.Ahubwo wenasabe benigihugu ikigogwe kukoyabasutsekurisongoye AkarohaurwarukamwibarabaraAbandibagaturirirwamumapinenoneAbonyekovyasengoagiriyeikigogweabamurashenukoabazi kukovyarimuriprogramayabonakagomewabo.nazebenegihugutumubazebenewacunabashikibacuyobasize.Uburundi bwubusibumwebwakeratwarikukiye ntitukitwarwanabazungu.twaravyase.kuva le 1/7/1962.nihambe president Nkurunziza nabarundibose bakunda Igihugu chabibarutse
8 Myandagaro 2016, 23:15, par eric roy
komera sogo wanje tegura akarere wawa hama uzetwisangirire noëli wawa
9 Myandagaro 2016, 07:52, par mbonimpa
Mutama wewe wahekuwe nabo batutsi ba kwitwaza mugusumur inda zabo ngo bariko bagwany ibiringo , ntibagwany ibiringo bagwany umuhutu , uratohoza nez uzosang aribo baguhekuye , ibiringo vya nkurunziza bihuriyehe nuguturir abahutu. ? natwe twari tubashigikiye mugabo twarabony intumbero bari bafise , twaremeye kub abaja kandi ntangorane bidutey ubu twiberey amahoro
9 Myandagaro 2016, 08:17, par nshimrimana
Imana ikuje imbere mzee wacu.
9 Myandagaro 2016, 09:12, par turaje
komera mutama
kabisa mumpera zumwaka wa 2016 azoba ari mu Burundi
bivuze bonnee Anne nukuyirira I Bujumbura imbonerakure nazo ziyirire muri Congo.
9 Myandagaro 2016, 16:28, par Anaclet Ruberintwari
Imana ibandandanye ikurinda abansi Mutama wacu. Dusenge Rugiravyose ngo uyu mwaka ntuze uhere abahunze batarahunguka, abari mu marira batarahozwa, abigira ibimana batarakoroka amajigo. Imana ihabwe icubahiro.
11 Myandagaro 2016, 22:23, par Wasely
ARABESHA NTIYOHUBAHUKA KUKO IVYO BAKOZE BARABIZI NABONYENE MUKURWANYA NYENICUBAHIRO P.NKURUNZIZA NONE BIHOYE UBUSA NIBAZE BAMUSABE IKIGONGWE
11 Myandagaro 2016, 22:37, par Wasely
arabesha ntiyohubahuka kuko ivyo yakoze arabizi kuko yagiye kuja muvyibiringo kandi mukaba muzi ingene vyahekuye igihugu