IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri MBONIMPA yahawe agashimwe (Amafoto)

Petero Karaveri MBONIMPA yahawe agashimwe (Amafoto)

jeudi 5 Rusama 2016, par egide

Umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association pour la protection des droits humains et des personnes détenues) Petero Karaveri MBONIMPA yashikirijwe agashimwe kitiriwe intwaro rusangi (Démocratie) hamwe n’agateka ka zina muntu.

Ako gashimwe yagahawe n’inama nshingamateka ya Wallonie-Bruxelles, abagize iyo nama nshingamateka bose hamwe bakaba bahurije kuri Petero Karaveri MBONIMPA ko ariwe yohabwa ako gashimwe kubera ibikorwa arangura mu bijanye n’uguharanira agateka ka zina muntu.

Ibahasha igizwe n’amafaranga y’amanyaburaya ibihumbi cumi (10.000 euros), ni ukuvuga hafi imiriyoni 23 z’amafaranga y’amarundi, niyo yashikirijwe Petero Karaveri MBONIMPA, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, imbere y’abagize iyo nama nshingamateka ya Wallonie-Bruxelles

Amafoto


IGIHE

Messages

  • Uri umuntu w’umugabo.Komereza aho.

  • Ni sawa kweri arabikwiy

  • Urabikwiy kweri felcitation

  • Tabara,tabara igihugu kiriko kiragurishwa nababagabo bomuri societe civil! raba uyu yitwa MAGI muragaba kuki ubwo buzungu buhagashimwe abobicanyi bagiye banyoye amaraso yabenewabo,muguturira abantu mumapine!nogukuramwo imitima mubantu bashigikiye leta iyo mitima bagaca baja kuyirya,twarabahinyuye bandanya mwasama hama ubwo buzungu bucira mukanwa muzitembana mwenyene iyo nimpanuro!

  • arabikwiye abazungu ntibarenganya arabikwiye

  • Uwo mutama imana ikomeze kumwongerera umugisha no kuramba kuko igihugu kiracamukeneye nivyiza Ko umuntu yoza arahemberwa ico yakoze nawe arabikwiye ico nikimenyetso cerekanako umwasi aguciricobo imana igaca icanzo ayo makungu nayo noyabwirako atoza aribuka mbonimpa mukumuha udushimwe gusa ahubwo yoza arafata nkankama ivyayabwira kubijanye namarorerwa nkurunziza ariko arakorera abarundi harimwo nicokorwa mukubatabara ahonaho akaba adasiba gusemerera asaba amakungu koyorungika inteko mumaguru masha zoza gutabara abarundi mugabo basa nabakomeje kwica amatwi nimwa mumwemera koko Atari kuzindi nyugu zihishe inyuma mwongovye kumva akamo kiwe kuko ikimuraje ishinga gushikubu sudushimwe ahubwo nuko agateka kazinamuntu Ko garukirwa mugihugu ciwe kuko karageramiwe cane nankurunziza

  • Bamushimiye Kuvyo Bamutumye Ntagitangaza Kirimwo Vrema Kwazubwenge Aragaruka Iburundi Turabe

  • UWOMUGABO NDAMUKUNDA NIMVUGAKURI YARATABAY ABANTU BENSHI YESU AMUJIMBER

  • Yewe nubundi baramuhemukiye kuko ayomafranga arateyisoni kumuntu yariyiyemeje gutanga igihugu ciwe! Kuko kw’Isi nzima sibeshi wobona bemera gutanga igihugu cabo kubwinyungu zakavantara, ayabaribikunda twese abarundi twariguhagurukira icarimwe tugasabako bongereza ayomahera nimiburiburi bagakwiza umuriyoni wamafranga yamanya Bulaya. Nayo ayo adakwiye nogukoresha inzu umwaka ukwosukumwikura? Yemwe iyoyamenya karutwobazoza baramuha nukuri ntabayaremeye guhemuka, uziamaphoto yirirwa ararondera muri Congo yimivyimba yabantubishwe mugihe cintambara ya m23? Arinavyovyavuyemwo agazema kogutuma uburundi bupfisha abantu majana namajana!!!???

  • Komera mutama nibitarivyo uzobihabwa imana ikuzigame ukora ibikorinka

  • @kamoso none yoza muriryo shamba ryuzuye abicanyi aje gukora iki? azoza nkuko peter yaje avuye mukibira nyene uramutegera uzomubona kd vuba cane

  • Yo Murabona ubugome bwa bazungu, none aya Mahera uyo mutama azoyakoresha iki ko ari makeyi cane gwose, sinibaza ingine batekereje kumuha aya Mahera ataguze nikinga :umuntu bita ka aharanira uburenganzira kiremwa muntu,nibaza ko uyu mutama atigeze yishima nagatoyi,Gusa abanya Africa dukwiye kubamenye ko abazungu nta terambere batwifuriza nka abirabura :

  • Ako nakumiro ariko yarahenzwe aracakoronijwe nizombwa zababirigi batwiciye Rwagasore ariko ukuri kuzoteba kuje ahabona nkansaba benewacu mutaravye ubwoko tukarwanira igihugu cacu ntigisubire gukoronizwa

  • 10.000euros oh my God !! hanyuma ngo yaharaniye Democracy ahembwa urusenda , democracy yabuliyemo umukwe numukobwa we , akabuliramo abahungu babili ???? akicisha abantu bali baziranye ngo ali muli democracy none bamuhaye ubusa koko PARLEMENT KWISI NIBWO ITANZE IGIHEMBO GISUZUGULITSE !!!! amafaranga atagura numuduga !!!!

    ABABILIGI NAKAMARAMAZA !!!!

  • Rwasa, nawe wiyita Joseph ni ryari muzova mu vyiuynviro bicuritse, haragowe ababavyaye nababitezeko urukiza Pierre Claver Mbonimpa na Magi n’ intwari ni bo Bashingantahe n’ amakumgu arabizi , rero nimureke gufata iciza ngo mucite ikibi naci ngo mucite iciza muragowe kandi ikibi camye kineshwa imyaka yose none mumisi iheze ko Peter yamaze igihe asohora n’abana mu mashule ubuzi bugahagarara ngo avuye gutora ubushimwe butagira insiguro , ubona vyararetse ko bamwiyamiriza, kora iciza uzoshimirwa muve mu bwije abantu nkamwe mukwiye kwikebuka kugira africa ikire

  • UKABURAKWI HOFORA NIMURYE MUZOYAZIRA

  • Nanone bamuhemvye make. Uwagurishije umuryango wiwe hamwe nigihugu ciwe.
    Ayo ni nkamwe bagurisha yezu ngo bamubambe.

  • @ None uno mutama nubwo bamuha ubusa arasumba Nkurunziza inshuro ijana, we aharanira agateka kamuntu ariko Nkurunziza wanyu yamaze abantu, burya igikuru samahera, igikuru ni legacy uzasiga kuriyisi kuko twese tuxoyivaho dutahe.

  • @Joseph: « aya Mahera uyo mutama azoyakoresha iki ko ari makeyi cane gwose»

    Uvuze ngo ni makeya? None mwongerezeko ayo ubona amukwiye ko wumva uyagaye.

  • Mutama,ukwo ni uguhemukira ubusa!!kudandaza abo mwonse rimwe kw’ayo mafaranga?Ariko urayarya uri menge!Abazungu bo ni nk’INZOKA ZO MU NDA.Bura "GUKURA AMABOKO MU MPUZU UGAKORA" ngo uzoguma uhabwa gusa na we udatanga ukamengo uri NTAHONIKORA.Va ibuzimu uje ibuntu nyabuna wemere "INKURUNZIZA" kuko arirwo rukiza rwawe.

  • Mutama,ukwo ni uguhemukira ubusa!!kudandaza abo mwonse rimwe kw’ayo mafaranga?Mbe uwakunze amafaranga akagurisha YEZU KIRISU UMWANA W’IMANA ubu ari ateye hehe?Yoba yaciye agura INDEGE?Ha!! urayarya uri menge!Abazungu bo ni nk’INZOKA ZO MU NDA.Bura "GUKURA AMABOKO MU MPUZU UGAKORA" ngo uzoguma uhabwa gusa na we udatanga ukamengo uri NTAHONIKORA.Va ibuzimu uje ibuntu nyabuna wemere "INKURUNZIZA" kuko arirwo rukiza rwawe.

  • Ndamukeje cane gose kurako gashimwe yaronse,uwo mushingantahe wukuri nijambo, ni bindi Imana izobandanya kubimusukira. na yubwo bugabo bwa CDD FDD ngo bamuhaye makeya, murabo ,harubwusanga butarayakoza muminwe, usanga bwiyaga rugatuma, butuzwe nimpekenwa zibijumpu gusa. umushingantahe, Karaveri Petero, mubagabo aba CDD FDD bangana umumiriyoni 1000 000, arabasumba incuro 100 00 kubikorwa vyiza ya koreye abarundi ntabwo muzigera mubigerako atarukwica nokurara kumugono abantu, murondera ivyo musahura ntabindi muzi.

  • Uyumutama bamuhaye ibihumbi cumi acayibuka amabiyakoreye igihugu nabarundi benewabo aciye arira kuko muriwe haryarimwo aratejereza atingaha ninakuramwo ayogushira muriwamufuko wokugura za grenades zogutera abarundi kugira dukoneze kunezereza Louis Michel atindazagusigatana iki? Yewe ivyomurimwo vyasebikunze bizobatera kwinovora intuntu ndingaha muzobamumbarira nawe koneza wiririra nkumwana yazize ivyobamuhaye kumbura wihorere none kwabandi babaha amahera aguze inzu wewe bikugendeyegute kuguha ubwobusabusa?

  • Komeramutama Turagushigikiy Turinyumayaw Abagutoteza Bamaramare.

  • Kwinosi kuhaba nugushinyiriza! Naweraba uwomutama ukuntu bahisemwo kurondera ukwoyobaho akoresheje gutanga igihuguciwe ! Nawendebera kugira abamutumye abemeze kwakazibamutumye agakorayivuye inyuma raba ukuntu yisiga amate kumaso ururimi agasohora nkumana wikibunduguru ngoyerekane kwafitiye urukundo abarundi , yewe ndababwira nimwasanga hariho ahantu yigeze yiyamiriza ko abarundi badakwiye gufatirwa ibihano muzoce mwemera kwaho yariko arariravyukuri.

  • Non Ayomahera Azoyaryayamare?Biragoye

  • none ko muvuga mutama wacu ngo yahemukiy igihu nuko harico mwiyagiriza yabarez mukora bituma bamuha akogashimwe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.