IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza arabazwa imigambi yoba imutuma arondera ikiringo ca (...)

Petero Nkurunziza arabazwa imigambi yoba imutuma arondera ikiringo ca gatatu

vendredi 6 Ntwarante 2015, par Egide N

Ishirahamwe OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) ryishinze gukurikirana ibikorwa vya Reta ribaza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza imigambi yoba atakoze mu myaka cumi amaze arongoye Uburundi, ikaba ariyo yoba iriko imutuma ashaka gusubira kwitoza, nk’uko mu mugambwe wiwe yoba abona ko ata wundi yoshobora kuyishira mu ngiro wenyene. Muri iryo shirahamwe bagabisha ko Petero Nkurunziza asubiriye kwitoza bazomwiyamiriza bakoresheje uburyo bose barekurirwa n’amategeko harimwo n’ukwihereza amabarabara.

Mu gihe gushika ubu umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ataratomorera abarundi n’amakungu ku bijanye n’ugusubira kwitoza kwiwe, ishirahamwe OAG rimenyesha ko amategeko Uburundi bugenderako atomoye mu bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu bidashobora kurenga bibiri, bakibutsa ko ingingo y’103 y’ibwirizwa nshingiro ivuga ko ikiringo c’umukuru w’igihugu gitangura umunsi arahiye, kigahera uwumusubiriye yinjiye mu mabanga. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Godefroid Manirambona arongoye OAG yibukije ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amaze kurahira kabiri yikurikiranya, mu 2005 hamwe no mu 2010, muri OAG bagasaba Petero Nkurunziza ko atovuguruza sentare yubahirizwa nshingiro imaze kwakira indahiro ziwe zibiri nk’umukuru w’igihugu.

JPEG - 65.5 ko
Godefroid Manirambona arongoye OAG

Ishirahamwe OAG rimenyesha ko ridatahura ingene umukuru w’igihugu yoba yipfuza gusubira kwitoza kandi mu biringo vyiwe bibiri Uburundi bwaranzwemwo uburongozi bubi, aho bakavuga nk’ubwicanyi ndengerabutungane, ukudahana ivyaha, ugupfungira abantu ubusa, igiturire, ugusesagura amatunga y’igihugu, ukutigenga kw’abacamanza, hamwe n’ubukene. Muri OAG basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yoshikiriza ku mugaragaro ko atiteguriye gusubira kwitoza, kandi yongere ahagarike kuburabuza abantu bose, yaba abamwegereye canke abandi bose badashigikiye ikiringo ca gatatu, badasiba kumuhanura ku neza yiwe, iy’umuryango wiwe, iy’umugambwe akomokamwo, hamwe n’iy’igihugu.

Umugambwe CNDD FDD nawo wasabwe gushiraho vyihuta ingingo zishobora gutuma "Abagumyabanga ba CNDD FDD" bitorera ubwabo umuzobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ata gahato. Inzego z’umutekano zikaba zasabwe kutazorwa mu mutego w’ugushigikira uwuzoba ashaka guhonyanga ibwirizwa nshingiro, ahubwo izo nzego zishire imbere kwubahiriza amategeko, amahoro hamwe n’umutekano w’abarundi.

Egide Nduwimana

Messages

  • - Ikintu gituma P.NKURUNZIZA agomba kuguma kubutegetsi nugutinya ko ahavuye ubutungane bwoca bukora neza bugafa abagirizwa ubwicanyi n’ubusuma bwaranze intaro ywe guhera 2005-2015 aha twovuga akarorero nko kubwicanyi BUNYONI na ADOLFE bagirizwa nabandi basuma nabicanyi indiri bari muri cndd fdd

  • ivyo bavyita ibikanganyoni3. oag ijejwe iki atari guteranya no kubiba urwanko

  • muri OAG bavuze kutarenga amategeko urwanko baba babivye ruhagaze he? Baba bateranije ba nde na ba nde? C’est vraiment ridicule kinyamaguru. Canke nawe uri mubakoreshejwe mw’ayo makosa yose Leta yagirizwa

  • ndabaza OAG nti iyontwaro ya nkurunziza irangwamwo amabi beshi kubera iki bumva ngo azitoza bagahita bemeza ko azotsinda amatora kandi intwaro yiwe yagirizwa amabi meshi ? mbega kwitoza bingana gutsinda umukluru wigihugu intwaro yiwe yica abantu igasahura igihugu mwirigwa muvuga ko capfuye kubera iki atokwitoza musandugu akazosangamwo Zero ? nama numva bavuga ngo kwihagira igiringo ca 3 ukamwemgo abanyagihugu ntibazotora mbega niba yitoje yoca atsinda kubera iki bamurira imisaya ? emama ngo narekure mandant ya 3 harumuntu arekura ico adafise ? ayo mabararabara muvuga muzokwihereza muzosangayo abandi bizoba urudubi gusa abazobakurikira bazorabe ko nabanyu mwese mwabazanye mudahenda abantu mugihe mugiye gutera akaguma imidyango yanyu yibereye iburayi

  • Aho ushaka abajejwe umutekeno bakore coup d’etat?Godfroid uri igicucu kagendubusa.

  • AKAKARWI GAHOZA MUKANWA IMYIYEREKANO..HARABIBAZA NGO NTIBAZOBIKORA;EMWE NIYO NKURUNZIZA YOVYIHOZA KWITOZA...ABO BANA BABAHUNGU BAMAZE IGIHE BAVUGA KO BIHENZE NGO GUH IGIHUGU ABAHUTU. ABO BARAFIS UBURAMBE BWO GUTERA AKAJAGARI BAKORESHEJE MWEBWE NYENE

  • haricomutazi abo badaherutse kwiha inkumbi ntamahotobumva ahubwo uwuserukira oag nikijuju kuberiki babwira abanyagihugu ingingo imwegusa muri CENI hariyo amszina yamuzehe kangahe dosie canke kuva intambara iheze abanyagihugu bamaze kwitorera umukuru wigihugu kangahe ntawe twabwiye adutorere tumugabishe nawe nabandi ntimusubire kwita muvyumutekano ntabararizogwarihobari ngobavyihanganire muzibiramabarabara nubumuvugeko muzindukirayo murabe gusa muzojimbere yabomwararitse uwomwishe nimutahirurya arakwiye ntimusubire kuvuga mand ntayomwamuhaye gusanuko muzosanga atamuhutu yabakurikiye muzovugako arimwe mwarenganijwe gusa

  • mbega mwibazako mutukanye kubera ubwoko ko tukeshi? narekure iyo manda kandi ww uvga neza ntibaraguhindka ugra wasuvya radjabu abo birirwa bakubw warabasuvya

  • oya nakamuna ndabarahiy

  • AHUBWO NIMUSENGERE UBURUNDI N’ABARUNDI KUKO AHANDI HOHO NTACO TUBONA CODUHUMURIZA ATARI IMANA YONYENE.

  • nimureke imana yikorere kuko niyonkuru itarenganya umuntu niki.

  • namwe mubaza nkamwarimu.nindevatazi imigambi y’iterambere yazanye nyakwubahwa?gutera amavoka nahovyinshi bitaklnwe.ibikorwa rusangi amashure amwe amwe yahavuye aragurukira kubanyeshure,gushigikira OBR,gutanga ibirato n’ibipfungurwa kubakene...eh na safisha na bimwe bita fyonda ntahe

  • ntakintu nakimwe azokora kiretseko yokonona vyinshi nyabuna!
    atinya kuhava ngo yoca afatwa be nakakagwi kiwe??barabesha sitongo dyabo!!

  • petero nkurunziza ndibaza neza ko ibwirizwa nshingiro arizi. Ibiringo vyiwe arabirangije, ntazosubire kurota yitoza ivyo yakoze barabizi nimpunzi zahoze mutabira zarabibonye igihe yazicura bufuni na buhoro ngo zitahe atanamatongo yaziteguriye canke imitahe kugira ngo azifashe zibe mugihugu nkabandi barundi. Nareke kwitoza ivyo yakoze yarakoze twaramubonye. Ibwirizwa shingiro ryabonetse bigoye ntarisubize inyuma. Nabagatorika b.imana bamubwiye nareke ntaburenganzira afise bwo kwitozapetero nkurunziza ndibaza neza ko ibwirizwa nshingiro arizi. Ibiringo vyiwe arabirangije, ntazosubire kurota yitoza ivyo yakoze barabizi nimpunzi zahoze mutabira zarabibonye igihe yazicura bufuni na buhoro ngo zitahe atanamatongo yaziteguriye canke imitahe kugira ngo azifashe zibe mugihugu nkabandi barundi. Nareke kwitoza ivyo yakoze yarakoze twaramubonye. Ibwirizwa shingiro ryabonetse bigoye ntarisubize inyuma. Nabagatorika b.imana bamubwiye nareke ntaburenganzira afise bwo kwitozapetero nkurunziza ndibaza neza ko ibwirizwa nshingiro arizi. Ibiringo vyiwe arabirangije, ntazosubire kurota yitoza ivyo yakoze barabizi nimpunzi zahoze mutabira zarabibonye igihe yazicura bufuni na buhoro ngo zitahe atanamatongo yaziteguriye canke imitahe kugira ngo azifashe zibe mugihugu nkabandi barundi. Nareke kwitoza ivyo yakoze yarakoze twaramubonye. Ibwirizwa shingiro ryabonetse bigoye ntarisubize inyuma. Nabagatorika b.imana bamubwiye nareke ntaburenganzira afise bwo kwitozapetero nkurunziza ndibaza neza ko ibwirizwa nshingiro arizi. Ibiringo vyiwe arabirangije, ntazosubire kurota yitoza ivyo yakoze barabizi nimpunzi zahoze mutabira zarabibonye igihe yazicura bufuni na buhoro ngo zitahe atanamatongo yaziteguriye canke imitahe kugira ngo azifashe zibe mugihugu nkabandi barundi. Nareke kwitoza ivyo yakoze yarakoze twaramubonye. Ibwirizwa shingiro ryabonetse bigoye ntarisubize inyuma. Nabagatorika b.imana bamubwiye nareke ntaburenganzira afise bwo kwitoza gatatu

  • Akwiye Kumva Inama Abwira Marindire Ko Akajagari Kaba Mugihugu Abanyagihugu Nitwe Dushiraho Inzego Ziturongora Nico Gituma Yokwubahiza Ivyo Abenegihugu Bumvikanye Iyarusha(ibwirizwashingiro)

  • None Ivyo Bamuhanura Ntiyovyumviriza?Izo Mbonerakure Ntizimuhende Izo Nizakanya Gato Nibo Bazomuhindukirira.Petero Hanugwa Wumve

  • None Ivyo Bamuhanura Ntiyovyumviriza?Izo Mbonerakure Ntizimuhende Izo Nizakanya Gato Nibo Bazomuhindukirira.Petero Hanugwa Wumve

  • Gerageza muvuge kuko uwutosora imfuku yamiza agati mujisho nayo uwuhanura uwiwe ntaruha kandi ntitwohora ataruko yemeye kwigarura igihugu kitaragwa mumanga.Hanyuma biraboneka ko abanyigihugu barushe,n’abari mu mugambwe CNDD FDD barabuze ayobacira nayobamira kubwo gutinya igitsure.Ndabashimiye cane kumpanuro mwahaye inzego z’umutekano naho bitoroha gukorerako ariko ntakibuza zitazokwigaburamwo kubiri kuko hariho adakorera ingero ariko bahagararira umutekano w’abanyagihugu!Murakoze.

  • Nyakwubahw Peter Nkurunziza Nkumuvyeyi Akund Abarundi Biw Nigihugu Ciwe,,nukur Niyumve Amarira Yabarund Kand Yumvirimpuhwe Igihugu Camwibarutse Kuk Ntibikwiye Ko Uburundi Igihug Kuruyumus Namakungu Akunda Kubwamahoro Caronse Cosubira Kurangwamwo Intambara Nukur Ntabwo Vyob Ar Claire Kuburund MBes Namakungu.Natwumvir Nkumuvyeyi Akundabiw Vyoba Arivyiza Cane.

  • Bandanya mwitanga kugira tugwanire iteka twaronse rivuye kure,ntiryonger kuzimanganywa mukanya isase.

  • narekure igihugu sicase nanyina numwana yavuce ejo aragikeneye ,

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.