IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero NKURUNZIZA arashima intambwe abarundi bagezeko mu gushikiriza (...)

Petero NKURUNZIZA arashima intambwe abarundi bagezeko mu gushikiriza ivyiyumviro

jeudi 26 Ntwarante 2015, par Egide N

Naho haheze iminsi hibonekeza ingendo yo kutihanganira abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivy’ubutegetsi, cane cane mu guhana (kwirukana mu mugambwe CNDD FDD) abantu bose berekanye ko badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, uwo arongoye Uburundi akaba n’umukuru w’inama nkuru y’inararibonye za CNDD FDD amenyesha ko ashimishwa n’intwambwe abarundi bagezeko mu guserura ivyiyumviro vyabo.

Abicishije ku rubuga rwa Facebook yiwe, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanditse ati : "Bene wacu, nta kintu kimpimbara nko kubona ku munsi ku munsi ingene Abarundi bamaze kugira rwabo uburenganzira bwo guserura ico biyumvira. Ni intambwe ikomeye cane, ishira igihugu cacu muri ico gisata imbere y’ibindi bihugu vyinshi.
Abarundi barishira bakizana mu kwiyumvira, mu guserura atakurya umunwa ico bagona, mu kwitorera indongozi bashimye, no mukuzikebura.
Haba mu bimenyesha makuru, muri twa tuyira mpuriramwo buri mushamvu iyo ngendeye Abenegihugu bo mu misozi, haba mu migambwe, hose Abarundi baharanira kwigenga mukwiyumvira kandi bikabubaka.
Ubwo bwisanzure, bwuzurira ibiduhuza b’ibidutandukanya, bwerekana ko intwaro rusangi iriko irakura.
Bwerekana kandi ko naho hari abo bitera ubwoba, ni muri ubwo butandukane bwacu Uburundi‬ buzotera imbere.
Imana ibahezagire.

Naho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashima iyo ntambwe abarundi bagezeko mu gushikiriza ivyiyumviro, haribonekeza ingendo y’ukutihanganira abo baba babishikirije, akarorero ka hafi akaba ari Abagumyabanga cumi bakomeye ba CNDD FDD birukanwe mu mugambwe CNDD FDD kuri uwu wa gatatu, inyuma yaho bagaragarije ko badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, mbere mu mugambwe CNDD bakaba bamenyesheje ko babafata nk’abakeba canke abandi bose banka umugambwe CNDD FDD.

Naho bafatiwe igihano c’ukwirukanwa mu mugambwe, bamenyesha ko iyo ngingo ari impfagusa. Kw’izina ry’abo bagumyabanga birukanwe, Leonidas HATUNGIMANA asanzwe ari n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko bashobora kubuzwa kuja mu bikorwa vy’umugambwe CNDD FDD, ariko ko ukwirukanwa bidashoboka, kuko amategeko ntunganyamugambwe yerekana neza ko umugumyabanga ahanagurwa mu mugambwe ku bubasha bw’ikoraniro kaminuza.
Kubwa Leonidas HATUNGIMANA, kuba rero ibiro vy’umugambwe vyovuga ko vyabahanaguye mu mugambwe ari ibintu bidashoboka kuko hatanabaye guhanuza inama nkuru y’inararibonye, ari naco gituma iyo ngingo bafatiwe ataco isigura, abayifatiwe bakabona ko atayihari, kuko batigeze bahamagarwa kugira bisigure, kandi amategeko y’umugambwe ariko abivuga.


Egide Nduwimana

Messages

  • muvyukuri peter numutware ijunja nijambo kandi kubwanje mbere nkeka nabadi barundi umurengera babene gihugu twirengagije abo barira batazi uwapfuye bitwaje amaronko nukwuzuza inyaga zabo bakibagira ko agahimbo gahimbura intini ngiyindi bucimera batazi katakindi gituma amatwi yihene yumva usivye kuyakerera nay inda zituzura zikaba zuzura ivu, twebwe abatandukanye akenabo turabona kuburundi bugikeneye mubiringo mbere birenga kimwe umutware abushitse kand azi icububurundi bukeneye nka Peter NKURUNZIZA we mutware yazany amahoro abarundi tukishira tukishira tukizana mucatuvyaye imiryango yari yaratatanye ikongera gusabana aho umusoda arinayo nkinzo yuburundi atakibarizwa mubapangayi, reka nce make kuko uwovuga uwo utware wicababa camandera kwiyisi atoronka ahamukwiza kwuyu muhora wanyu, mugabo munkundire ndangize mpanura umuzuru leonidas hatungimana ndanamwbutsa ko kwibagira ningoga rico catumye mu 72 (???) nikoko uwukize isemu yiagira icayimuteye, kand nyiba yarasomye bibiriya yibuke icatumye samusoni bamuzur am

  • Petero nk’umurundi w’umutima akunda uburundi n’abarundi nawe urimwo ntaco ndakuronderako kandi nta nico wampaye ariko arico wamaze ni vyo wononye ariko akira iyo mpanuro ya mwene burundi igihugu catwibarutse twese INZU URIMWO IRIKO IRATA IMIGAGA SOHOKA NTIGUHITANE KURIKIKIRA ABANDI NTUHARWE UZOBONE IVYIZA BIRINDIRIYE TWEBWE ABARUNDI.nije ndaguhanuye gusumba abo bakugumiza murico kizu URASOHOKA UDASOHOTSE RUKURWEKO USIGE IVYIZA VYATEGURIWE ABARUNDI!!!!!!

  • ndaguhanuye mwene wacu nzovu,nkumuvukanyi,nkumu KRISTU kandi nkumurundi musangiye igihugu. ntunz,i kiretse aha kurubuga duhururira honyene,muvyo wandika umenye gukoresha ikirundi c,urupfasoni kugira ntuze utetereze igihugu nabakwibarutse, kuko kuriyi cite dukoresha simunzuhinyegeje, ivyo wandika vyose birabwa na bose incabwenge n’abandi benshi.amajambo yubupfu,atawagirirakaro yareke wandike wisanzuye. hama Peter Nkurunziza ,IMANA nigusige amavuta mpwemu yera akuzeko,arengere ivyifuzo bibi nimigambi mibi yumwansi.aguhe imigabo nimigambi vyiwe,ivyawe abisambure nabakwosha nabi bose,aguhindure nka Sauli , aguhe inkoni y’ubwami wishimikaza,ugire umutima umenetse kandi ugamburuke ishaka ry’IMANA ibindi vyoooooose nubusa gusa."RABA IMBERE YAWE NDAHASHIZE URUPFU N’UBUZIMA.HITAMWO KIMWE.iryo nijambo ry,IMANA"

  • ikomerere mushingantahe incungu y u burundi REMY GAHUTUN yarayamaze ati: Aho kuba imbwa woba imva .abahanuye Peter Nkurunziza nabo banse gupfana ijambo urabona ko nawe abashima kuntambwe bagezeho kukuvugisha ukuri bagasohora ibyiyumviro byabo ngo AKABURIWE KISHWE NINGWE.Abarundi nimuve i buzimu mujye i buntu kuko uburundi nubwanyu kandi ninamwe mugomba kwishyakira amahoro ntahagwa ibara hari abagabo.abagabo batangye kujya ahaboneka

  • Umukuru w’igihugu arashima intambwe abarundi bagezeko muguserura ivyiyumviro vyabo. Mu kubishima bamwe agaca abapfunga abandi akabirukana mu mugambwe no mu kazi. Abaririmvyi nka Mkombozi n’umurwi Lion Story arazi iyo bageze bahunga ubutegetsi bwiwe? Agira kubashimira no kubatoteza?

  • NKURUNZIZA GUMA KWIVOLANT.RABA AHO TUGEZE... KUVA UJE.BAREKE BAVUGE NATWE DUKORE.UMWE WESE AZOBAZWA ICO YAMAZE.

    ABAVUZE VYINSHI BAZOBAZWA IVYO BAVUZE.ABASINYE....BAZOBAZWA IVYO BASINYE.
    DORUFU NIBAMUREKE.ZA PLANS ZABAHERANYE.....MBEGA BIBAZA KO TUTAZIZI?ABARUNDI BAGABE JUIN IGOMBA IBAGERANE ARIKO NTAHO BAZOSHIKA

    LEONIDAS NABIWE TUZORABA IYO BIJA.NDEMERA BURAMATARI WI KARUSI YANDIKA ASABA IKIGONGWE KANDI TWEBWE ABAGUMYABANGA TUZOKIBAHA.

    AHUBWO DUKWIYE GUTEGURA IGIKORANE CO GUSENGERA AMATORA.

  • muvyeyi wacu umenye ko imana iri hejuru ikomey ariyo yatumye uronka icubahira kandi ikaba ariyo yakurinze igihe hose wari murugamba namba ukunda umugore wawe na bana bawe natwe abarundi shikiriza kuneza abarundi tugume tukwizera

  • Ayo bayita amaseting ariko arabasetinga kugira muyaroke abakubite agafuni, hamwe nibi maramare kuko yamaze kubonako abarundi bata mukeneye ntacumaramara ivyo twagutumye vyarakunaniye ubusuma,bwitunga ryigihugu, ubwicanyi ndengabutungane no kudahana nayandi mabi yatunye abarundi bashangashirwa mumitima. Ntakibabaje nko gutangura neza ugaheruka nabi vako vako vako turakwiyamirije mbeyi baza ko uzoko ugitwara kungufu.muribeshe ahubwo ugiye kwiteza kumaramara imbere yabanyagihugu.ntabantu ugifise usigaye uhetse ingovyi umwa yagiyekera.

  • Nivyiza ko ashima iyo ntambwe natwe rero tureke kutavuga ibitagenze neza gusa hubwo twemere ko ibitari bike vyakozwe hama dutore twipfuza ko igihugu cobandanya gitera imbere.Hari abikika kubivugwa kugira bipange canke bapange abo bashaka,nobamenyesha ko abarundi bipfuza gutezwa imbere mu mahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.