IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza : Twiyemeje gukoresha neza imfashanyo ku neza (...)

Petero Nkurunziza : Twiyemeje gukoresha neza imfashanyo ku neza y’abanyagihugu

jeudi 4 Mukakaro 2013

Nk’uko tubikura mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu yashikirije ku munsi wa mbere aho Uburundi bwariko buhimbaza imyaka mirongo itanu n’umwe y’ukwikukira, abafasha Uburundi baramaze gushitsa ku rugero rw’ibice mirongo ine na bitatu kw’ijana rw’ivyo bari biyemeje mu nama yabaye mu kwezi kwa Gitugutu 2012 i Genève, mu gihugu ca Suisse.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakengurukiye cane abagenzi b’igihugu c’Uburundi bama bafata mu mugongo imigambi itandukanye.
"Dukengurukiye cane ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu yemeye kudushigikira muri ya nama yabera i Geneve mu Buswisi. Dushime cane cane kubona ivyo biyemeje bariko barabishira mu ngiro. Nkako, ku mfashanyo bari bemereyeho ishika ku miliyaridi 2 n’imiriyoni 677 z’amafaranga y’amanyaburaya, baheruka kuyongerako aya BAD, ONU Sida, n’Ubushinwa batari bavuze, gutyo tukaba dushitse ku miliyaldi 2 n’imiriyoni 859 z’amafaranga y’abanyaburaya."

Yisunze amasezerano yo gusohora amafaranga igihugu kimaze guterako umukono n’abatari bake, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko bamaze gushika ku muliyaridi umwe n’imiriyoni 200 z’amafaranga y’ abanyaburaya, ivyo bigakwiza igiharuro c’ibice 43 kw’ijana mu mezi indwi gusa, mu gihe ayo mafaranga yemewe mu mwaka ine.

Yarakengurutse cane iyo ntambwe kuko abo bafasha Uburundi bafashije kandi mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira. Petero Nkurunziza yibukije ko biyemeje kuzoyakoresha neza kandi ku neza y’abanyagihugu ayo mafaranga, ari naco gituma yaciye asaba abanyagihugu bose cane cane inzego z’igihugu turikanure, bashire mu ngiro badakebaguzwa wa mugambi wa Leta w’intwaro ibereye (SNBGLC), gutyo ivyo Leta yiyemeje vyo kutihanganira na gato abarya, abatanga ibiturire n’abasesagura ubutunzi bw’igihugu birushirize kuja mu ngiro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.