IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI : "Nta kintu kiboneka cotuma amatora ahindurirwa itariki"

CENI : "Nta kintu kiboneka cotuma amatora ahindurirwa itariki"

vendredi 8 Rusama 2015

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, avuga ko yizeye ko amatora azoba kuko ibisabwa vyose biriko birashika ibindi biriho. "Hamwe hoza ikibazo gisivya amatora kizoronka inyishu canke kiyibure".

Uwo arongoye CENI avuga ko atarota ahindura ikirangaminsi c’amatora naho hari bamwe mu bafasha Uburundi nk’Ubumwe bwa Afrika(Union Africaine) ariko ibibona. NDAYICARIYE avuga ko gushika ubu atabona ico tuma amatora ataba kuko hari n’abandi basanzwe baterera mu matora basaba ko atohirahira sibe canke yigizwe imbere. Ikindi avuga n’uko ibisabwa vyose kugirango abe bimwe, vyashitse ibindi biri mu nzira biza, aha avuga ko amakarata y’abitoza azoshika ku magenekerezo ya 12 na 18 Rusama. Avuga kandi ko aho bukera (Kw’igenekerezo 09 Rusama) isaha zine z’igitondo hazotangwa impapuro(specimen) abazitoza bazoshira abanywanyi babo kugira ntibihende.

NDAYICARIYE asaba abo bose bafise ico boterera bagitange kugira amatora ntasibe canke yigizwe imbere kuko ico kirangaminsi categuwe kuva kera ko kitohinduka muri iyi minsi yari yegereje. Amatora y’abajenama b’abakomine n’abashingamateka ategekanijwe kuzoba kw’igenekerezo rya 26 Rusama.

Pierre Claver Ndayicariye yabivuze ahejeje kwakira Dosiye ya Petero NKurunziza azoserukira CNDD-FDD ni iya Gerard NDUWAYO wa UPRONA.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • imvugo ya NDAYICARIYE irerekana ko amatora yamaze kwibwa kuko kugirango yubahuke ari umurundi avuge ko amatora atosiba canke ngo yigizwe inyuma kandi hari imyiyerekano abantu baguma bapfa,abandi barenga 20000 barahunze abanyepolitique bakiri mu buhungiro ,ubusho bw’igihugu bwuzuye abantu bafatwa kumunsi kumunsi atacobagirizwa none ayo matora azojamwo bande?

    Muri 2010 barivye amatora ,ariko ubu siko bizagenda umurundi wese abwirizwa ku rikanura .Iyo CENI ya CNDDFDD gusa ikwiye kuvaho,hagashigwaho gouvernement de transition ika garura amahoro hanyuma amatora akabangirwa. Nayo guhonyanga ibwirizwa nshingirontakinini bizafasha NKURUNZIZA n’abayoboke be .

  • imvugo ya NDAYICARIYE irerekana ko amatora yamaze kwibwa kuko kugirango yubahuke ari umurundi avuge ko amatora atosiba canke ngo yigizwe inyuma kandi hari imyiyerekano abantu baguma bapfa,abandi barenga 20000 barahunze abanyepolitique bakiri mu buhungiro ,ubusho bw’igihugu bwuzuye abantu bafatwa kumunsi kumunsi atacobagirizwa none ayo matora azojamwo bande ?

    Muri 2010 barivye amatora ,ariko ubu siko bizagenda umurundi wese abwirizwa ku rikanura .Iyo CENI ya CNDDFDD gusa ikwiye kuvaho,hagashigwaho gouvernement de transition ika garura amahoro hanyuma amatora akabangirwa. Nayo guhonyanga ibwirizwa nshingirontakinini bizafasha NKURUNZIZA n’abayoboke be

  • mbe cni ko yirengagiza ko hari impunzi zirenga 40000 biri hanze y’uburundi hagarika ivyo muriko muswatanisha ngo amatora hari abarundi batari mu ngo zabo kubera ibihe turimwo namatora dukeneye abantu bariko barapfa cnke mwateguye kuyiba nka mbere

  • none aha iwacu amatora ntiyamye aba hari abahunze igihugu? kuko nubu kuva 93,2005,2010 hosa yamye aba haribamwe batari mugihugu kandi ntazigera aba bose bahari.

  • Ico Mbona Boja Inama Bagakora Ico Bumvikanye Bose.Kuko Kudadaza Ntaho Bishikana.Mbona Mubanyepolitike Bacu Bose Arintagondwa Ataworoshe Arimwo.Ceni Nayo Nireke Kwitera Amashugwe Ngo Uburyo Buriho Yananiwe Guhemba Abagize Affichage Provisoire Des Listes Electorale.N,ubu Ntibarahembwa.Yemwe Yemwe Ntimute Igihugu Mukaga Kunyungu Zanyu.

  • Ico Mbona Boja Inama Bagakora Ico Bumvikanye Bose.Kuko Kudadaza Ntaho Bishikana.Mbona Mubanyepolitike Bacu Bose Arintagondwa Ataworoshe Arimwo.Ceni Nayo Nireke Kwitera Amashugwe Ngo Uburyo Buriho Yananiwe Guhemba Abagize Affichage Provisoire Des Listes Electorale.N,ubu Ntibarahembwa.Yemwe Yemwe Ntimute Igihugu Mukaga Kunyungu Zanyu.

  • Ico Mbona Boja Inama Bagakora Ico Bumvikanye Bose.Kuko Kudadaza Ntaho Bishikana.Mbona Mubanyepolitike Bacu Bose Arintagondwa Ataworoshe Arimwo.Ceni Nayo Nireke Kwitera Amashugwe Ngo Uburyo Buriho Yananiwe Guhemba Abagize Affichage Provisoire Des Listes Electorale.N,ubu Ntibarahembwa.Yemwe Yemwe Ntimute Igihugu Mukaga Kunyungu Zanyu.

  • Nukuri ayamatora turayanyotsewe nibatugirire ningoga dutore, ariko abasaba koyokwigizwa inyuma gato nabashaka kovyoguma nkokwovyapanzwe twizereko atawurimwo arabivuga kubwinabi, mubitunganye mumahoro ntangere. Ariko kubwanje amatora yobera mugihe capanzwe tumaranye imisi , arikobacigijije inyumahogato ntabwonojamwibarabara nokwihangana.

  • BARUNDI BARUNDIKAZI , KUVADUTORA NDADAYE NTITWATOYE HANZE YUBURUNDI HARIYO IMPUNZI ZABARUNDI? NKONGERA NKABABAZA NTI: MBEGADUTORA NKURUNZIZA MURI 2010 NTAMPUNZI ZABARUNDI ZARIHANZE YIGIHUGU? ABAFASHE ABOBATOYE BAKABAYOBORERA HANZE NGOBIZOTUMA AMATORA ACAREKA KUBA KINYWA.

  • ABANYEPOLITI BATIYEMERA BISHINGA KUDANDAZA AKARIMI AHO KURONDE ABANWANYI NIBO BASHAKA NGOBIGIZ’INYUMA NIBISHINGE ABUJAMBOJAMBO BAZOTAHIRA UBUJAMBOJAMBO

  • Je me pose la question si il ya un cerveau dans le crâne de ce monsieur.

  • mwebwe bavukanyi dusangiye igihugu nukuri mwogomba mukiga kwibi ngira mvuge1nind yodya neza kandi akenye,2ninde yokwambara neza atamaherafise jewe iconabonye nuko imborgwa umusambanyi inkora bizira yose nahisemrra yipfuza amahro ntayizoronka kuko ntamahoro kumunyavyaha mwabanyepolotikemwe banza mukizwe nayokujmwibrabra ngo mugomba amahoro muciy mububi Imana nyenamahoro ntisabwa uko.

  • hoooo! ndayicariye yarabay igikoresho, ubuho n’ubwenge bwose baramaze kubukoropa. il est le robot du pouvoir. ngo ibibazo bizoronka inyishu canke biyibure? aho yavuze iki? ndababazwa no kubona umugabo muremure atagira ijambo! uburundi ni ibara! ariko mkombozi yabivuze neza: umutwe utagira ubwenge uruhisha amaguru!

  • Ariko Clave,urantangaj Pe! Mbe Abashomeri Wakoreshej Mur Affichage Des Listes Provisoire,urindiriye Kuzobahemba Bagiye Mw’ibarabara,izo Mvugo Zanyu Turazirambiwe!Ikubitagashi!!

  • Nibabanye Baduhe Amafranga Yacu Twakoreye Hpanyuma Baheze Bavuge Ibindi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.