Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PISC Burundi isaba ubutungane gutumako abavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PISC Burundi isaba ubutungane gutumako abavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira

PISC Burundi isaba ubutungane gutumako abavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira

samedi 14 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mw’ishirahamwe PISC Burundi basaba ko ubutungane buhamagaza abavuzwe bose muri bwa bwicanyi bw’abababikira b’abatariyanokazi bicirwa kuri paruwase Guido Maria Comforti benshi bita "Kwa Buyengero"

Mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatanu, mw’ishirahamwe PISC Burundi bariyamiriza ifungwa rya Bob Rugurika, bakamenyesha ko kumugumiza mw’ibohero ata na kimwe biza bifasha ubutungane, ari naco gituma basaba irekurwa ryiwe, abagiye bavugwa muri burya bwicanyi nabo ubutungane buheze bubatumeko.

JPEG - 40.9 ko
Samuel Nkengurukiyimana, arongoye PISC Burundi

Tubibutse ko Bob Rugurika umumenyeshamakuru akongera akaba umuyobozi w’iradiyo RPA yafunzwe kuwa 21 Nzero, akaba yagirizwa ivyaha vyo kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), hamwe n’ugutanga amakuru y’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction).

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amakungu n’abandi bakaba baguma basaba irekurwa rya Bob Rugurika kuko ariko azira ubusa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.