IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rema FM n’iradiyo y’igihugu nizo zonyene ziriko zirumvikana hagati mu (...)

Rema FM n’iradiyo y’igihugu nizo zonyene ziriko zirumvikana hagati mu gihugu

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Amaradiyo amwe yigenga asamiranira mu Burundi kuva nk’igihe c’isaha zine n’igice ntashobora kwumvikana hagati mu gihugu.Iradiyo Rema FM n’iradiyo y’igihugu nizo zonyene ziriko zirumvikana.

Ivyo vyabaye inyuma yaho mu gatondo ko kuri uno w’imana hari imyiyerekano iriko iraba mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura,inyuma yahoo abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike asabiye abanywanyi babo kuzindukira mu mabaraba biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Imboneshakure ya France 24 na Al jazeera nazo ntizishobora kuboneka mu gisagara ca Bujumbura muri uno mwanya aho ni mu gihe abamenyeshamakuru bazo bari mu gihugu bakurikirana uko ibintu biriko biragenda.

Umuntu umwe ashobora kuba yamaze kwitaba Imana ahitanywe n’urusasu muri Komine ya Musaga iri mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.