Accueil > Amakuru > u Burundi > Reporters sans Frontieres isaba ubutungane gukora amaradiyo (...)
Reporters sans Frontieres isaba ubutungane gukora amaradiyo yugururwe
jeudi 30 Mukakaro 2015
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters sans Frontières) risaba ubutungane bw’Uburundi gukora amatohoza kugira amaradiyo yugawe ayandi yaturiwe asubire kuvuga.
Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters sans Frontières),rimenyesha ko kuva ubutungane bw’Uburundi bumenyesheje ko butanguye amatohoza,ataco burakora kugira ukuri kumenyekane.
Reporters sans Frontières isaba ubutungane gukora mu bijanye n’igendereza kugira amaradiyo asubire gukora.
Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru mu Burundi,bamenyesha ko bakiranye umunezer ico cegeranyo,bagasaba abandi bose bafise ico bokora kugikora kugira amaradiyo yugawe asubire asamirane mu gihugu cose.
Mwomenya ko amaradiyo amwe yaturiwe mw’ijoro ryo kuwa 13 Rusama 2015,igihe hageragezwa gutembagaza ubutegetsi.
Van Naris Mugisha
Messages
30 Mukakaro 2015, 17:08, par None?
Iyaba arijewe sinobogama ngocanke ngontebe kuvugako aribarya bafashe mikoro bagatangazako bakuye prezida Nkurunziza na retayiwe kwaribonyene bagize uruhare rwoguhanagura nama radio yose yaribayeho muntwaro ya Nkurunziza kobashaka guhanagura ibintuvyose vyonugihe cintearo yiwe.
30 Mukakaro 2015, 17:54, par Itangishaka Ménélick
Yemwe Yemwe Yemwe Gerageza Muvuge Arik Sinzi Kuk Ubutegetsi Bwacu Buratugoye,nibarabe Kuk Ama Radio Siyo Yateye Kudeta.
30 Mukakaro 2015, 17:55, par Bizimana Daddy
Nibayugurure Boba Badufashije Twebwe Abanyagihugu
30 Mukakaro 2015, 19:21, par NTAMVURIDAHITA
TURASHIGIKIYE ICOCIYUMVIRO CIZA KAND NIMUSEMERERE KUK TWEHO ABANYAGIHUGU UMENGO TURINKIMBWA ISURA MUMUYAGA TWARAVUUZE NTACO BABIVUZEKO.TURINYUMA YANYU.
30 Mukakaro 2015, 21:45, par Mandera
Ayo Maradiyo Nibayugurure Kuko Ntacobayugariye Kand Ntakosa Bakoze
31 Mukakaro 2015, 09:24, par Happy
Natw Turabashigikiye.Reta Nigire Ico Ikoze Yugururwe.Amatohoza Yoyo Ndabona Atakizovamwo.Igikuru Nuko Twosubira Kwumva Zisamiranye.
31 Mukakaro 2015, 13:56, par MUZAYIGWA IZIGIRIMANA
Nibazugurure Turabe Ko Twebwe Tworonka Aho Tuvugira,ayo Maradiyo Ariko Asamirana Ntiyoshobora Kuvuga Vyose.Nk’akarorero :abanyeshure Twakoze Examen d’Etat Session 2013-2014,turacari Muhira Kandi Muri Abo Benshi Ntitwahawe Ama Facultés Muhe Bari Batangaje Ku Maradiyo Ko Ufise 60% Afise Uburenganzira Bwo Kwiga Kamint Kaminuza Ya Reta,none Twaguye Mugahundwe Bataziduhaye.Ubu Abakene Turi Mu Marira No Mu Maganya Kuba Umuntu Atora Ikibazo Agaca Apfa Nk’imbwa Yobaye Nk’abandi.Amaradiyo Yose Yobaye Asamirana,twari Kubishiriza Abo Vyega Bakavyumva Bagatuma Batubwira Ico Bisunze.Kabisa Reta Nirabe Ico Yokora Yugurure Ayo Maradiyo!
31 Mukakaro 2015, 21:27, par Niyonzima
Imbereyukonshikiriziciyumviro Nagrambaze ABakozibokwikinyamakuru Umuntu Kugrashikirziciyumvirociwe Icobisaba Kukokenamanandika Arikivyuymvirovyanje Ntibishike? Munyishuremuzoba Mukoze,
Haa!IvyomuvugaNivyo,buryabasokuruBarayamazengo Uwutigabantiyigabrira,ndetsenivyotwipfuza Nivyobatwemereye Ntibiborohera Kbidukorera Jenibazakwabantu Twesedufsubwenge Bryabazituriyenibabona Bkenewebazosbira Bazishinge,Barafsimpamvubazitriye Jekwiyisinasanzimana Ariyoyokwizeragusa Nayabanababantu Tweseturahobahoba, isaziniyo Yimiyekuruhome Iti;Biramembone Nanjenukwobiramembone.