IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iragabishwa ko ibiciro vyo guhamagara bidasubiwemwo hagiye guhagarikwa (...)

Reta iragabishwa ko ibiciro vyo guhamagara bidasubiwemwo hagiye guhagarikwa imirimo

mercredi 25 Ruhuhuma 2015

Amashirahamwe agera kuri 479 harimwo n’amasendika, amenyesha ko agiye guhagarika ibikorwa, mu gihe itegeko ryo kuduza amafaranga yo guhamagara ku mihora itandukanye n’igitoro camanuwe ku bice bike bitosubirwamwo.

Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa 25 Ruhuhuma, amenyesha ko ku wa 20 Ruhuhuma batanze urwete rugabisha kw’ihagarikwa ry’akazi, hamwe Reta itosubiramwo iduzwa ry’ibiciro ku mihora yo guhamagara mu Burundi, abantu bagasubirana uburusho bari bafise gushika ku wa 31 Kigarama umwaka w’2014, hamwe n’igabanurwa ry’igitoro, aho Reta yagabanuye gushika ku bice 20 gusa, kandi kw’isoko mpuzamakungu akagunguru kababanuwe ku bice hafi 50 kw’ijana. Ayo mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, agasaba ko Reta yogabanya gushika ku 1700 iritiro ry’igitoro, ni ukuvuga kugera n’imiburiburi ku bice 30 kw’ijana.

Abarongoye ayo mashirahamwe rero, bavuga ko hamwe Reta yotanguza ibiganiro nabo, biteguye kuyaga, ariko hamwe yokwica amatwi nk’uko vyabaye ku makete menshi bavuga ko bamaze kwandikira umukuru w’igihugu, ntibaronke inyishu kw’iduzwa ry’ivyo biciro, kuva kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 27 uku kwezi turimwo, ayo mashirahamwe avuga ko ashobora guca amenyesha ihagarikwa ry’imirimo, kandi ko babirekurirwa n’amategeko.

Tukabamenyesha ko ayo mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike anegura uburyo n’ayo mafaranga yadugijwe mu guhamagarana batazi aho ashirwa n’uburyo atozwa. Gabriel Rufyiri umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire, asanzwe ari no mu barongoye urunani rwishinze kurwana ubuzima buzimvye mu Burundi, akamenyesha ko amwe mu mashirahamwe yaciye yidugiriza ibiciro, aha agatanga akarorero kw’ishirahamwe LEO-Burundi, aho umuntu ashizemwo amafaranga 2000 atamenya ingene yaheze. Bakabona ko amwe muri ayo mashirahamwe yoba yaranadugije gushika ku mafaranga amajana atanu umunota.


Aristide Nizigire

Messages

  • ndabateye intege; naho muzonanirwa ntako mutagize kandi ntako mutagira kugira musenye leta kugira habe leta nfatakibanza.komeza itavyaye inyana izovyara ishuri!!!!!!!!!

  • Levis sukugira habe leta mfatakibanza.nukugira haze abatware bazi gutungany’igihugu kandi bakunda Uburundi.ariko bavuye mumatora.

  • Levis kura iyo sashe ku maso ubone

  • jwe ndashigikiye ko Leta ikwiye kugabanya ibiciro mugutumatumanako mu Bdi kuko kw’isi yose ntaho bavuga kuri telephone localement bakoresha uburyo nko mugihugu cacu,hamwe rero Leta yokwica amatwi abzohagarika akazi bazoba benshi kuko abahaguye nabanyagihugu batobato.

  • Mbega ko baduza ibiciro boba nyene baradugije imishahara y’abakozi? kuva iyi leta itwaye iburundi nibaza ko bwamaze kuba ubwa mbere mubihugu bikenye. CNDD yaratwaye icihera kuduza passport.yahora kuri 31$ arico giciro nibindi bihugu bifiseIca ija kuri 127$. Ngira kwisi yose muburundi niho izinvye.amashirahamwe nibi nabirabe

  • Levis abonakure ntiwihende nguvugengoyambaye ishashe kumaso vyose ivyomwapaze mumazegukora ntimwererwe birazwi kandinibindi mwimirije gukora birazwi nicogituma imikenyuroyanyu Idacamwo.

  • Ahubwo bari baratevye kwiyumvira guhagarika akazi, nta nahamwe igitoro kitagabanutse kwisi ariko ibiciro vya bus nibindi ntibigabanuka mu Burundi !iyo mihora y’a téléphone ntishobora kiduza ibiciro bigeze ngaho leta ikabiraba irarirari! Mu Burundi turakwiye kwiyamiriza ibiza biduhonyanga

  • IBICIROVYOGUTELEFONABADUGIJE BARATWISHEBVRUNDU NTACOBADUSIGARIJEPE!!! JEWEKOMBONAVYOBAVYIZABISUBIWEMWO VUBA AHANDIHOTWARASUBIYEKWIRARAPE!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.