Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta irashima utwigoro tw’amakungu mu gutora inyishu z’ibibazo vya (...)
Reta irashima utwigoro tw’amakungu mu gutora inyishu z’ibibazo vya politike
jeudi 16 Mukakaro 2015
Reta y’Uburundi irashima utwigoro tw’amakungu n’akarere mu kurwiza inama zifasha gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.
Mw’itangazo ryo kuwa 16 Mukakaro ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba,amenyesha ko ata gihugu na kimwe kw’isi cigeze kivuguruza ugushaka kw’abanyagihugu.
Filipo Nzobonariba amenyesha ko umuhuza mu bibazo vy’Uburundi,umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni,yasavye abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose kubandanya ibiganiro,kandi vyashimwe na bose.
Kubwiwe,Reta y’Uburundi yamye ishira imbere ibiganiro,imbere y’amatora,mu matora n’inyuma y’amatora.
Umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi arangiza amenyesha Uburundi n’amakungu amenyesha ko amatora yatanguye adashobora guhagarara kandi ko umutekano uzoba wakomejwe.
Van Naris Mugisha
Messages
16 Mukakaro 2015, 18:25, par Ndababonye
None Ntibashaka Gukora Ivyo Bumvikanye Nabandi? Leta Yuburundi Irakomeye Kweri Kw’isi.Ariko Buhorobuhoro Bushikana Umusiba Kumugezi. Kandi Uwuja Gusiga Uramurindira.Nimubandanye Mukoresha Inguvu Ndabe.Ndinyuma Yanyu.
16 Mukakaro 2015, 18:53, par Gérard
Egocane amatoranabe ariko abahunze igihugukubwivyo nibagarukenabobagire icobafashije mugutora indongozibishakiye.
16 Mukakaro 2015, 19:35, par jaj
reka Yuri dire.
16 Mukakaro 2015, 22:07, par Dus
Baziguturira Gusa Ibihimba Vyirondoka Vyabobarongoye!Iyakuye Razaro Murwobo Rwintare Murihenda Nubu Aracakora Ibitangaza!
16 Mukakaro 2015, 23:06, par Kabarore
Italike yokumaririza igikorwacamatora yomumwaka wa 2015 iratevye gushika, hanyuma hakomeze ibiganiro vyukuntu amatora azogenda mumwaka wa 2020.
17 Mukakaro 2015, 04:25, par None?
Yomba noshobora kwirukangana imisi nayirukankana nkajakwitorera umukuru wigihugu.
17 Mukakaro 2015, 17:09, par EZECHIEL
BARUNDI NKUKO NAMANASAVY ICOGUTERERA UBURUNDI N’UKUBWISONZESHEREZA GUSA,BENE WAC NTIMUBABAZW N’ABAHANUZI KUKO KUVA KERA BAMYEHO,NIBAZAKO KANDI IGIKURU COBA MUBURU NTIKIKIRI MANDA NIBAZAKO HUBWO HOKWITABWAHO UMUTEKANO WABENEGIHUGU,TUGEZ AHATEMBA.
18 Mukakaro 2015, 15:10, par ndakubwra
filipo nzobonariba sumututse s muhutu nta nubwo ari umutwa gusa ubwoko bwiwe nubwibikere afise umunwa umengo nitwarete yaheze ibiti