Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iri mu nama n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi
Reta iri mu nama n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi
vendredi 8 Rusama 2015
Hari inama iriko ihuza Reta y’Uburundi n’abaserukira ibihugu vy’Afrika mu Burundi, aho Reta yipfuza ko ivyo bihugu vyoyishigihira ku kirangaminsi c’amatora.
Nk’uko tubikura ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Daniel Kabuto, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Reta y’Uburundi yipfuza ko abaserukira ivyo bihugu vy’Afrika mu Burundi, batosaba ko amatora yegezwa inyuma, mbere bakanatera ivyatsi ubwicanyi buriko buba. Reta y’Uburundi rero, igasaba abo baserukira ibihugu vyabo, ko horungikwa n’abaza kurorera amatora.
Reta y’Uburundi rero ikaba yatumyeko iyo nama y’abo baserukira ibihugu vy’Afrika, inyuma y’aho uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika Nkosazana Dlamini Zuma agiraniye ikiganiro n’umumenyeshamakuru Girum Chala. Dlamini Zuma avuga ko, aravye ingorane zatewe na Petero Nkurunziza aho ashaka kwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, bikanatuma haba imishamirano, abantu batari bake bagahunga, amatora adashobora kuba. Avuga kandi Petero Nkurunziza yakoze ibidakorwa.
Ubumwe bw’Afrika butera akamo Uburundi guhindura ikirangaminsi c’amatora, kubera ibihe Uburundi burimwo, biterekana ibihe vyiza vyotuma haba amatora.
Aristide Nizigire
Messages
8 Rusama 2015, 13:32, par noris
Ha mbe hagomba habe UA nyakuri???? Reka tubitege amaso tuzobona vyinshi. Nagira uwatowe gutwara UA avuze aba aserukiye ubumwe bwa Africa!!! Iyo ni court circuit ya Union africaine.
Ndabona iyi mandat de trop izotwereka bishasha vyinshi mu migenderanire hagati ya leta yacu n’amakungu.
8 Rusama 2015, 13:52, par MACUMI EMMANUEL
HUBWO NI BAYAHEBE@AZOBA UMUTEKANO WAGARUTSE@ARK NKURUNZIZA AZOBAZWA VYISHI
8 Rusama 2015, 13:58, par hcxxc
wowe wumva babyemera boss yabyanse gusa nka zimbabwe yakwemera
8 Rusama 2015, 15:26, par Hannes
live free or die hard
8 Rusama 2015, 18:41, par MUHARE ZAZI
Nukuri amatora ntashoboka bimeze ukunyene,LETA nitunganye ibiganiro nabo vyega barabe uko vyomera ahandi ho peter berekanye koko ko twamuhaze cane cane twbw dushaka kwiga
9 Rusama 2015, 09:01, par J de Dieu
Amato azob gute ubuzima mugihugu bwarahagaz atamahor akiharangwa ni baanze bagarukne umutekan abana baje kw’ishure
2 Mukakaro 2015, 19:18, par ntakarutimana
jew.nobonabokunvikana.bayagebahuza
14 Mukakaro 2015, 20:26, par nkurunziza
Muri make dushaka amahoro
9 Kigarama 2015, 15:14, par ERIC
NIBUMVIKANE BADUHE AMAHORO TUREKE GUPFA ATACOTUZIRA