IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta ita amakosa ku bateguye imyiyerekano

Reta ita amakosa ku bateguye imyiyerekano

vendredi 1er Rusama 2015

Reta y’Uburundi iratera ivyatsi abahamagariye imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo yafashwe n’umugambwe CNDD FDD, isubira kwizera Petero Nkurunziza kwitoza.

Mw’itangazo ryashizweko umukono n’umuvugizi wayo akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta Firipo Nzobonariba, avuga ko abari bahamagaye iyo myiyerekano, batanguye bavuga ko izoba atacononekaye, none mukanya gato, iyo myiyerekano yahindutse imigumuko.Firipo Nzobonariba yagiriza abari muri iyo myiyerekano, ko bica abatavuga rumwe nabo, kandi bagasotora n’abajejwe umutekano. Umurwi rero washizweho, uwo nawo ukazotanga, uburyo bwofatwa kugira hagarukanwe amahoro muri izo komine ziri mu myiyerekano, amatora azobe neza.

Reta y’Uburundi rero ikaba yanahojeje imiryango yabuze abayo n’ukwifatikanya n’abajejwe umutekano bakomerekejwe. Reta rero igahamagarira abafasha Uburundi kubandanya babufasha, mu gutegura amatora, yo yonyene afasha mu gutsimbataza amahoro, n’intwaro rusangi. Iryo tangazo rya Reta y’Uburundi rero risa n’irita amakosa ku bateguye iyo myiyerekano, mu gihe abayiteguye bo, bavuga ko abamaze gupfa bose bishwe n’abaporisi, abakorera urwego rw’igendereza hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD, aho mbere, umwe mu basirikare b’igihugu yarashwe n’umuporisi akorera urwego rw’igendereza, mu gihe uwo musoda yari acungereye umutekano w’abari mu myiyerekano ku Musaga.


IGIHE

Messages

  • oya na kamaramaza. nzobonarima natwereke abo bantu bariko barahunguka kubera R P A yugaye bace babampa bose ndabagaburire ko yavuze ngo barabakiriye bariko barabagaburira.

  • Pourquoi ne pas laisser ces gens manifester librement et pacifiquement? Faut-il un dessin pour comprendre cela?

  • iyo ushaje nubwenge ndetse nivyiyumviro birasaza ntawarenganya nzobonariba kuko arashaje nivyavuga ntabyo aba azi imana ikomeze imufashe mubusaza bwiwe kuko wewe ntazi intumbero ya Nkurunziza namasezerano yagiranye nabamutumye kutubahiriza ibwirizwa nshingiro namasezerano ya arusha

  • Yari yatevye. sinzi igituma atari bwatangure kurogotwa ubona ko havuze Rwagasore.
    None bogira manifestation mu mahoro gute batabemereye? Urya mwana barashe vyari vyagenze gute? Mbe barya bicwa mu ma quartiers baba bari muri manifestation?
    Mbe hoho arazi ko ivyo avuga bibikwa? Azobibazwa.

  • uyo imisi yose yama avuga nabi.....ehe ingene rusa wa rusato rwingwe weeeeeee

  • Ndashaka kubabwirako jewe ubwanje niboneye abantu namasoyanje bigarukiye bava mu Rwanda, kumusi wakabiri naribobeye abantu 17 bagizwe nabana nabakuze bariko baraganira numukuru wa Zone umwe hariho naba polisi 3 abobahungutse bariko baravuga ngo hakonoguma aharaho nopfuma nibera mubihuha vyiwacu Burundi, ngomivyobababwira ngobababwirako banuka, ngokandi ngobakwiye kugira isuku ngontabagire ngoni hariya iwanyu Burundi mwifata ukomushaka kugezanaho munuka ngonigihugu cose kikanuka. Nokumusi wagatatu nabonye abandibahungutse bashika 20 abakuze nabana abategetsi barikobarababwirango kubamwamaze imisi mutarimuvyanyu ningombwa mufashwe ngonacanecane mubijanye nibifungurwa. Ikindunumvise mugihebariko barabaganiriza bababaza ibibazo nukumugabumwe murabobaribahungutse yavuze nubwitonzibuvanzemwo nagashavu ngo turahungutse ngwariko bizogirira ikimazi uburundi nabarundi ngwahamubona dufisevyishi tuzobabwira twiherereye ivyo twiboneye, twabwiwe, twumvise. Uyundinawe yaciyavugango’ muntambara twahitiyemwo ngosinarenze urubibe rwu Burundi ngomoungire mukindikihugu atinabaye impunzi yomuvihugu atirero ndabonye icabaribarahungiye hanze yu Burundi babonye! UWOMUVUGIZI NYABUNA IVYAVUZE NTIMUBIGAYE NGONUKO ASHAJE NIVYO KUKO MURUKUKWEZI DUTANGUYE KWAGATANU KUTARABERA BAZOBABWIRA ABAMAZEKUGARUKA BAVA IYOBARIBAHUNGIYE BARACABAHARURA MUMA KOMINE YABO.

  • Nikintu cigitama gishaj na cerveau harya iriko irabora kuko ivyavuga ntibiri controler ariko amenyeko atamvura idahita ivyo avyavuga nivyakora bazobibazwa nezerwa

  • Turiyamirije intwaro ya petero nkurunziza kko atamahoro twigeze tuyironkamwo na cane cane abanyeshure ngo haje ama ecofo ,A3 zirafutwa mumyuga o.b.e.r amakori yumurengera ubutuzi bwigihugu buranyuruzwa ahubwo ibihano vy’irahe mbona ari bito kuribo

  • We Nuwera punguzaa uongoo wa nbwa Yu mu dd we tekereza batwereke ko wunva wabaronse .......... Wa kiza we sishe igihugu cau

  • SENGE IMANA IZOBIKORA MUREKE GUTYOZANYA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.