IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta itegekanya kugenzura imfashanyo z’amashirahamwe yigenga

Reta itegekanya kugenzura imfashanyo z’amashirahamwe yigenga

samedi 7 Ntwarante 2015, par Egide N

Inama nshikiranganji, mu nama yayo yo kuri uwu wa kane, yaremeje integuro y’itegeko rivuga ibijanye n’ukugenzura imfashanyo zihabwa amashirahamwe yigenga. Muri Reta y’Uburundi bavuga ko izo mfashanyo zikwiye guharurwa mu buryo Reta iba itegekanya kuzokoresha.

Nk’uko vyashikirijwe na Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, imfashanyo zihabwa amashirahamwe yigenga zibanda cane cane ku bikorwa vya minsi yose vy’ayo mashirahamwe, aho kwisunga bimwe biboneka imigambi y’iterambere ry’igihugu. Kubwa Firipo Nzobonariba, ingaruka yavyo rero, n’uko izo mfashanyo zidaheza zikurukiranwa neza n’inzego za Reta zibijejwe, akavuga ko uca usanga ataco zifashije mu butunzi bw’igihugu. Reta y’Uburundi imenyesha ko co kimwe n’abasanzwe bafashanya n’Uburundi, bahuriza ku ciyumviro ko imfashanyo zose zihawe Uburundi zikwiye guca mu nzira zizwi kandi zitegekanijwe n’amategeko y’igihugu kiba kizironkejwe, ayo masezerano nayo akaba yerekana ingene imfashanyo zogira ico zimariye igihugu ziba zigenewe. Firipo Nzobonariba ati : "Imfashanyo zigira ico zimaze iyo Reta izi ubwoko bwazo, hamwe n’amashirahamwe agiye kuzikoresha zicishwamwo, na cane cane iyo zishobora guharurwa mu buryo Reta itegekanya kuzokoresha."

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, amenyesha ko iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’inama nshikiranganji mu nama yayo yo kuri uwu wa kane, ikaba itegekanya bishasha vyerekana neza ingene ayo mashirahamwe azoza arakorana n’ubushikiranganji butandukanye buyafiseko uruhara.

Tubamenyeshe ko iyo nteguro yari yigeze kwigwa mu mwaka w’2012, iraheza isubizwa inyuma, inama nshikiranganji y’Uburundi ikavuga ko hari kugira ihinyanyurwe neza hafatiwe kuvyari vyashikirijwe ico gihe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega ivyo bisuma baradandaje igihugu raba ahahora ari isoko nkuru ya Bujumbura,bariba baratunga birenze urugero none bashaka ku gera amahera ahabwa amashirahamwe? aho inzigo yarabishe ko batayafiseko main mise,ivyo bintu sivyo nagatoyi ntakuntu umuntu yoba afise ishirahamwe ryo guteza imbere intara yiwe hanyuma ngo amahera ahereze Leta ngo ubaka amashure,bokubaka angahe ko tubazi?ivyo nubunyonyezi bundi Leta ishaka gukoresha kugira ntihagire amahera namwe abacika sigaho sigaho nimuve hasi muvyiyamirize.

  • Nuwarafise ishirahamwe ryo guteza imbere igiterwa stevia baramuburabuje kandi ata mafranga ya Reta yakoresheje, hamwe yoba azeye ko ariyo iyamuha naho vyogenda gute? None ntiwari umugambi wo guteza imbere igihugu? Bikore ariko ndazi ko abatanga izo mfashanyo batazobemerera! Erega umugambi s’amashure n’amavuriro gusa. No kurwanya ubukene nawo nyene n’umugambi nkuko stevco yagira ibikore.

  • ewe filipo nabenewanyu mugeze habi murondera ayo mutembana cira birarura rya banyagihugu mwicayeko naayo ibindi vyo bizpobasigamukanura hiiiiiiiiii

  • Eeeeeeeeeeeeeeee!!!!!! ndatangajwe nabantu badashimye iritegeko muracarinyuma yamajambere nukuri!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    Uburero nongeye kumenyako hariho abantu batazi iterambere icarico!.

  • Iki gitama kigiy kusazira nabi abuzukuru baco ndacibuka kera kigifise akagambwe kikiza kutwigisha ngo nturenwe.... cigira ngoo niki Demokrat urahumba shaa wew numukwe waw Nkuru musigaje imisi yoharugwa nkuntok!!

  • Ahubwo mwatevye!
    Iburaya n’ahandi henshi muri Aziya n’Afrika ntagiceri kiva hanze udatangirako raport. Urindiriye ko leta ivyitoreza kuri banke, irahanwa bikomeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.