IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi isigura ko atariyo yanse kwicarana na CNARED

Reta y’Uburundi isigura ko atariyo yanse kwicarana na CNARED

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi ivuga ko atariyo yanse kwicarana mu biganiro n’abagize urunani CNARED, ahubwo ko ari ingingo y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ibiganiro bizohuza abanyeporitike batafashe inzira y’intambara n’ubugizi bwa nabi.

Mu mibonano iheruka kubera i Arusha hagati y’abegwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi, urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi ntibitavye iryo sango, bakaba basavye ko botumirwa nk’urwo runani, badahawe ubutumire umugambwe wose wo muri urwo runani ukwawo.

Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko itazokwitaba ibiganiro bizoba birimwo urwo runani CNARED.
Mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Rumonge kuri uwu wa gatanu, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yasiguye ko Reta atariyo yanka kwicarana nabo bagize urwo runani, akavuga ko ari ingingo yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribicishije mu nama nkuru y’umutekano y’iryo shirahamwe, mu ngingo za 2248 na 2279 zivuga ko abazoja mu biganiro ari abatafashe inzira y’intambara.

Reta y’Uburundi ahubwo isaba umuhuza Benjamin William Mkapa kutazovuguruza inama nkuru y’umutekano ya ONU yamaze gufata iyo ngingo.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo NZOBONARIBA agasaba ibihugu vyahaye indaro abo Reta yagiriza ko bafashe inzira y’intambara, ko vyobarungika bakurikiranwe n’ubutungane, canke imanza zabo ziburanishirizwe iyo bari, Reta ikavuga ko izobasangayo kubaburanya.

Mu gihe intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini iheruka kwakira abaserukira CNARED, mu mubonano wabereye mu gisagara ca Bruxelles kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2016, uwo mubonano ukaba waje ukurikira uwundi wari wabaye hagati y’intumwa za CNARED nyene hamwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, mbere n’umuhuza William Benjamin Mkapa akaba ategekanya kubonana na CNARED kuri uwu wa gatanu, Reta ivuga ko ababonanye n’urwo runani ari uburenganzira bw’akazi kabo kugira baronke ivyo bazoshikiriza.

Kubwa Firipo NZOBONARIBA, ibiganiro bizohuza Abarundi bose, abari mu gihugu n’abari hanze, akavuga kandi ko atazoba ari ibiganiro vy’ukugabura inzego.

Muri ico kiganiro gihuza abavugizi bose b’inzego za Reta, Firipo NZOBONARIBA yamenyesheje ko CNARED ari urunani rutazwi n’amategeko yo mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • KOMERA MUTAMA UMUKURU WIGIHUGU YAGUTOYE AKWIZIYE URASOBOYE KUVUGIRA IGIHUGU

  • Nibyo rwose .ntabwo wakwicarana na Boko Haramu(CNAREC)

  • Aaaahh sinama nvuga Ko cnared Ko nyabuna amakungu bakwiy kuyishira mumitwe yiterabwoba iryimitima yabantu yica igashura gufata abagor kunguvu be noguha abana ibiyobyabwenge benibyaha byoguhohotera ikiremwamuntu kwinziza abana bato mubikorwa byiterabwoba ibyo nibyo byaha birerwa cnared banyakubahwa twihwej Ko ibyaha birerwa cnared bikakay dutey akamo abarndi namakungu kudufasha gukumira iryo terabwoba ntabiganro bakwiy nuguhanwa byakarorero murakoz.

  • nta,cenard izwi.Ahubwonakagwikinkorabarakinyegeje,mububirigi,murwanda,nahandi..Barahumba,ubutunganebuzobakorerako.Inkona,ifashentirekura
    !!!!!!!

  • AYO MAJAMBO NTAHUMURIZA NAGATO.YEMWE NDAHEBUYE IVYUBURUNDI NTIBIRIKO BIRADADANUKA,UWOVYOSHOBOKERA YOHAMVYABANDI BARI MUBUHUNGIRO PE!

  • None ko mwanka ibiganiro munezererwa nuko amaraso y’abantu yoguma ava?
    Ewe Mana, ndagusavye ugire ico ukora abakunda amahoro bayoronke maze abatayashaka ubashire mw’ibohero ryawe kuko urabishoboye ariko abicwa bazira ubusa babeho. Erega raba Mana impfuvyi twabaye benshi, abapfakazi bararira batagira ikibatabara. Ntawundi dufise yodukiza kiretse wewe gusa Mana waturemye. Dutabare tureke gupfa nk’abana b’inyoni. Erega raba turangazwa tutagira iyo tuja naho nyene abarondera kutugirira nabi ntibasinzira badasasitse inganda. Tabara Mana tabara ndakwinginze tabara. Harageze ko ugir ico ukora. Vuga ijambo gusa ivyiza birabaho. Erega Data wera ntiwotsindwa n’abibone biraramangiye, badaterwa isoni n’ukwica n’abatama nabo! Oh Mana Yera, dukiza dufise intuntu nyishi mu mitima. Amen

  • oya ayo majambo sayubaka igihugu dusaae ko reta itna mubiganiro bihuza aose bubera ari sebarundi nizere yuko yokwubahiriza abarundi

  • Ico nyakwubahwa philp Nzobonariba yavuze nikintucumvikana neza gose.
    Urazoraba iyumfise umuntu mukundana akagukorera ikintukibi ukumutwara murisentare kubera icokintukibi, urumvako ingirane atabaruwomuntu ahubwo kwarujubera icokibi yagukoreye.

    Nyakwubahwa Phillip yabivuzerero neza nukomwigirisha nkana mukucamushaka kwibaza ibindibintu, wewe aravuzeko kwicarana naba SinaHeads iyontangorane atariko dusomye amategeko yomwishirahamwe mpuzamakungu ONU ntibikunda kiretse babanje guhindura amategeko yayo.
    Ekayemwe samategeko yomwishirahamwe mpuzamakungu ONU yonyene abuza ko reta yuburundi iticarana na SinaHeads gusa namategeko yu Burundi nayo arabibuza.
    Nicogituma reta yavuzeko yemera guhura nabantubise bomumigambwe yose izwi namategeko nuwomuntu yobayaratambukije muricocitwa SinaHeads akaba afise umugambwe avamwo azokwisanga mwivyobiyago maze avuge akarikumutima atari akari muri Sinaheads .

  • Ahubwo Nimuvyumvikaneko.Munduhe Amahoro Duhunguke.Nahandi Mugunye Mushimika Muzoguma Ngaho. Nyene

  • Ahubwo Nimuvyumvikaneko.Munduhe Amahoro Duhunguke.Nahandi Mugunye Mushimika Muzoguma Ngaho. Nyene

  • Nosaba.Reta.Ko.Itokwemera.Kwicarana.Nabagovyegutembagaza.Ubutegetsi.Abanyagihugubitoreye

  • None bashaka kuganira Nabobavuga rumwe gusa?

  • Abanyeshure bakwiye kubareka bakiga mu mutekano ntangere

  • Jewe ico nosaba cnared nuko yohagura ikava muvyo guhendahenda ahubwo igafata umuheto ikarwanya iyo reta yicaduka kuko urumvako ariko gasuzuguro cnared yahisemwo gukoresha inzira yibiganiro ariko urumva ingene akokarwi ka nkurunziza kaguma kayagiriza gukoresha inguvu jewe rero mbonako vyobavyiza cnared iteruye umuheto hama ikarwanya iyo reta kuko niko kagayo kuko cnared siyo yokwinginga akokarwi kabicanyi ahubwo akokarwi niko ko kwinginga cnared naho nzobonariba niyinumire kuko ivyavuga

  • Njye nitwa tari nibera kwa le gentil. Iyo ntaranywa imiti yacu yabasazi nandika buri gihe ntuka nyirecubahiro NKURUNZIZA.mbasabye ikigongwe

  • Uyu (tari) ni igikwangari mumutwe.Atekereza nk’impene.

  • KOMERA KWIBANGA MWATUMWE NABABATOYE MUBANDANYE MUDUKINGIRA ABO BASHAKA INTWARO ZIGIKENYE BITWAJE ITERABWOBA NOGUTYOZA RETA TWITOREYE TWEBWE ABANYAGIHU nawe uvuga ko uwoshaka yosanga abandi mubuhungiro,niwaba ushakaka reta yigikenye, bwobasangayo( urunyany ruboz ntigwanduz izikomeye).

  • KOMERA KWIBANGA MWATUMWE NABABATOYE MUBANDANYE MUDUKINGIRA ABO BASHAKA INTWARO ZIGIKENYE BITWAJE ITERABWOBA NOGUTYOZA RETA TWITOREYE TWEBWE ABANYAGIHU nawe uvuga ko uwoshaka yosanga abandi mubuhungiro,niwaba ushakaka reta yigikenye, bwobasangayo( urunyany ruboz ntigwanduz izikomeye).

  • MANA TABARA UBURUNDI NABARUNDI. HABUZE IKI KUGIRA BAJE HAMWE NIBUMVIKANE TURI BENE MUGABO UMWE.

  • Imana Izodufasha Kugwanya Ubwo Bugizi Bwanabi Nkatwebwe Abarundi.

  • ntabana babantu bazoduha amahoro tutayahawe nimana yomwijuru dusenge iyomwijuru niyo itangamahoro

  • LE GOUVERNEMENT ACTUEL DOIT FAIRE ATTENTION AVEC CE DIOLOGUE? CA PEUT ETRE UN PIEGE CONTRE LUI? WE HAVE BEEN IN EXIL FOR ALMOST TEN YEARS WE DONT WANT WAR ANY MORE. THE SAME PEOPLE ARE STILL CAUSING PROBLEMS. AMASE YAKERA NTAKAZI AGIFISE. UBU TWESE TURAHABONA THANKS!!

  • YEWE JEWE NKUMUNTU ASANZWE MBONA BOGANIRA NABOBATAVUGARUMWE KUKO NTIBAZORUHUKA BATAGEZE KUBYO BIYEMEJE KUGIRA TURONKE AMAHORO NIBAGANIRE NA CNRD,

  • cenard nakagwi kabantu kinkozi zibibi ,emwe je nohanur Leta ntiyemere kuganira nizonkozi zikibibi ahubwo nibafatwe bakubitwe intahe mugahanga.

  • Kubwanje Ndasaba Leta Ngo ntiyivuguruze mugufata ingingo kuko n’ico gituma banka kwitaba ngo nimpaka bagende ari igikuku ntawuzi ico bigamije nibareke iconzico impera n’imperuka bazizana.

  • Ninde none?
    ibintu byose byabaye urudubi, Kikwete yavuyeho, zuma ari munzira Uburusiya na Nato bimeranye nabi,Abasirikare bari somalia bagurisha intwara none bagiye kwirukanwa, nigipolisi kimerewe nabi centrafique kuko udashobora kurinda abantu kandi bavuye kwica benewabo hasigaye ko Donald atorwa natwe tukabarasa

  • Abatari bazwi kera ubu nibo bazwi! ni question de force....,pole pole ndiyo mwendo.

  • Nibongere baturize amapine kobarinda?inkubisi yamavyi iyakubita yitarukirizako.

  • MUVYUKURI NIMBARETAISHAKAKOIBIGANIROBIBANDANYA NIREGEREIVYABAYE HAMA BATUMIRE CNARD BICARANE YUVE IVYOBAGONA KUKO NTAKUGAYA IVYO UTUVISE NAYO IZOGINGO SIZO ZOTUMA MUTAGANIRA CANKE NGO ZIBATERENYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.