IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi itegekanya guheza ikibazo c’umuyaganku mu mwaka (...)

Reta y’Uburundi itegekanya guheza ikibazo c’umuyaganku mu mwaka w’2030

vendredi 3 Ndamukiza 2015, par Egide N

Inama nshikiranganji yaremeje mu nama yayo yo kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko rigamije gutorera inyishu ikibazo c’umuyagankuba. Muri iyo nteguro, hari ihangiro ko mu mwaka w’2030, abantu bose boba bafise umuyagankuba ukwiye.

Muri iyo nama nshikiranganji yari irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, barize integuro y’itegeko ry’icegera c’umukuru w’igihugu rishinga umurwi ujejwe gukurikirana umugambi w’ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wo kurwiza umuyagankuba.

Uwo mugambi watangujwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamkungu ONU muri Nyakanga 2012, awufadikanije n’ibanki nkuru y’isi yose, ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya, hamwe n’abikorera ivyabo.
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, amenyeshako hari ihangiro mu mwaka w’2030, ko abantu bose boba bafise umuyagankuba ukwiye, Uburundi bukaba buri mu bihugu 70 vyinjiye muri uwo mugambi.

Firipo Nzobonariba avuga ko hakozwe n’ivyigwa vyerekana ingene ibice 35 vy’ingo z’abantu zoba zamaze kuronswa umuyagankuba uvuye ku mazi, ku muyaga canke ku zuba mu mwaka w’2025. Abafashanya n’Uburundi rero aribo banki nkuru y’isi yose, ibanki nkuru ya Afrika ijejwe iterambere, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bemeye gufasha Uburundi kugira bushike kuri iryo hangiro. Banki nkuru y’isi yose ikaba ariyo yaganwe kugira izoze irakurikiranira hafi uwo mugambi.

Iyo nteguro itegekanya gushiraho inzego zizoshira mu ngiro uwo mugambi, izo nazo akaba ari umurwi ujejwe kubikurikirana ugizwe n’ibisata vyose bifise uruhara muri uwo mugambi. Umurwi mpanuzwajambo ujejwe gufasha no kuwushira mu ngiro, hamwe n’ubunyamabanga nshingwabikorwa bushira mu ngiro ingingo z’umurwi ujejwe uwo mugambi ziba zafashwe.

Iyo nteguro yaremejwe n’inama nshikiranganji yo kuri uwu wa gatatu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imyaka 15 irimbere ivyondemera kobishoboka ariko iryojambo ngwabanyagihugubose bazoba bafise umuyagankuba mwarimukwiye kurisimbuza mukuvuhanko tuzobadufise umuyagankuba ukwiye kubiryo abarundibose bazobabawukeneye badashobora kuzowubura, kuko ntuzotangirwa ubusa egondemera kushoborakuzozimbuka ariko ntuzobaruwubusa , kandikindi harihabantu bakiba hariyamumisozi nahonyene bategeranye,abanzinabo baracaba mumazuyivyatsi nibibabivyibiti basikuje mugisungo camatafani gusantaworeka kubishuma kuko kutakira umuyangankuba birasubiza inyuma amakomine atarimake, kuko iyumuntaba mwikomine itagira umuyagankuba kandi abona awukeneye kandashoboye nokuwugura acahitamwokwanka ahoyakunda maze akimukira mukindigisagara kiwufise, ndababwirako ngaha muburundi mugiye mubisagara bifise umuyagankuba mwosanga abahababeshe harimwo abataribake bavuye mwariyama commune atagiramwo umuyagankuba kandisukubera kuyanka. Kubijanyerero numuyagankuba ukwiye ntibisigura ngo uzicugira umunyagihuguwese ahubwo bisigurati ntamuntu azosubira kwifuza umuyagankuba ngwabure nkukomubibona uyumusi ngaha Bujumbura nayamakomene atarinakeyoyo yarumuwe. Hariho uwambwiyengo nomuri Amerika ngudafise amahera yokuriha umuyahankuba ngo baragukatira umuriro ngokandi bafise umuyagankuba wigisaga!!! Ariko ndishimiye iyi vision 2030 yukuzibadufise umuyagankuba abazowukenera bakazocabawuronka.

  • 2030 tukiba mukizima? ayo magorwa yos twayatew naba dd akabi kos kanduruka kuribo ntaco twamenyerey kwatsa amabuji

  • @Kijuju, izinaniryo nkukobabivuze! Iyobakubwiye icitwa vision bakakubwira mumwaka Ko ikinturunaka kizobacatunganye ntibibabivuzeko bagiyekurindira Ko uriyamwaka ugera ngobaheze batangure ukora cagikorwa, sukwobimeze ahubwo mugihe bazorangiriza gushiramungiro icogikorwa, nukuvuga guherubu tugomba gutangura kuzaturareba kobizohava bishoboka nkomumwaka wa 2020 dukwiye kuzotangura kubona ibimenyetso vyoko ivyobavuze bizohava bishoboka.

  • Hemwe burya abarundi baraduhenda tukagirango nivyo! Ivyo sivyo na gatoyi. Kuko aho kwijukira iterambere turamarana mu migambwe, no mu moko. None iryo terambere rizoshika gute. Ego nijewe Ikijuju ndabivuze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.