IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yafashe ingingo yo kuduza igiciro c’urupapuro rwo kugendesha (...)

Reta yafashe ingingo yo kuduza igiciro c’urupapuro rwo kugendesha imodoka

jeudi 24 Nyakanga 2015

Inama nshikiranganji yakoranye kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Nyakanga 2015 irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo kuduza igiciro c’uruhusha rwo kugendesha imodoka.

Nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonariba,uruhusha rwo kugendesha imodoka rw’imfatakibanza rwvuye ku mafaranga ibihumbi bitanu,ruja ku mafaranga ibihumbi 20.

Urupapuro rwo kugendesha umuduga rwikwije rwavuye ku mafaranga ibihumbi 30 ruja ku bihumbi ijana,mu gihe uruhusha mpuzamakungu rwo kugendesha umuduga rwagiye ku mafaranga ibihumbi 270.

Reta y’Uburundi imenyesha ko impapuro zo kugendesha imodoka zigiye gukorwa mu buhinga bwa none.mu ntumbero yo gukinga ko hobandanya hakorwa impapuro zo kugendesha imodoka za magendo.

Mwomenya ko muri iyo nama nshikiranganji hari hategekanijwe kwigamwo integuro indwi z’amategeko,harimwo iyo ihindura urupapuro rwo kugendesha imodoka.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.