Accueil > Amakuru > u Burundi > Rukoko:Ihegitari zirenga 200 z’ibikaju vy’ishirahamwe TBC zarahiye
Rukoko:Ihegitari zirenga 200 z’ibikaju vy’ishirahamwe TBC zarahiye
mercredi 26 Myandagaro 2015
Ihegitari zirenga amajana abiri z’imirima y’ibikaju vy’ishirahamwe rihingura isukari Tanganyika Business Company zarahiye zihitanywe n’umuriro wiyadukije kuva kuw’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015.
Amakuru ava mu begereye iyo mirima amenyesha ko uwo muriro wadutse kuw’Imana mu gatondohirya y’ishamba cimeza rya rukoko.Ayo makuru nyene amenyesha ko ihegitari zirenga 500 arizo zimaze gusha.
Abari ngaho mw’ishamba rya rukoko bavuga ko uwo mucanwa woba wadutse bivuye ku muntu yoba yaranwereye itabi muri iryo shamba rya rukoko naryo ryahiye igice kitari gito,mu nyuma haca hafatwa iyo mirima y’ibikaju y’ishirahamwe Tanganyika Business Company.
Amakuru ava ngaho mu Rukoko amenyesha ko abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bari kumwe n’abasirikare bakorera mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagerageje kuzimya uwo muriro ariko ntivyakunda kuko hari umuyaga mwinshi.
Umuvugizi w’ishirahamwe Tanganyika Business Company rya Nahum Barankiriza yavuze ko batararonka akaryo ko gupima ngo bamenye ikirere cahiye,ariko yavuze ko yibaza ko ari nk’ihegitari 200.
IGIHE
Messages
26 Myandagaro 2015, 10:36, par ndacayisaba viateur
ntakundi mukwiye kugwiza abanyezamu
26 Myandagaro 2015, 14:53, par kayanza siti
higa abobagizi banabi bahanwe
26 Myandagaro 2015, 21:29, par ngendabanka angebert
ndababaye cane kubona duhomba bigeziyo. ndahojeje nyene uyo murima ahomye cane. siwe ahomvye gusa hahomvye igihugu cose kuko umwibu wovuyemwo wofashije abanyagihugu bose. uwoba yabituriye ni inkozi yikibi akwiye guhanwa bikomeye cane. nsaba ko abatohoza yoba kandi akagira ico ashitseko gikomeye kugira hatuzwe ububisha nkubwo.
27 Myandagaro 2015, 18:03, par jackson niyanje
nihweje ivyakakarere mbona ari amayobera
27 Myandagaro 2015, 19:40, par Ndayigine
Non Ko Mu Burundi Atanka Nyinshi Zihari Barondera Iki?Nabansi Bitrambere!Nibashengezwe