IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rukoko:Ihegitari zirenga 200 z’ibikaju vy’ishirahamwe TBC zarahiye

Rukoko:Ihegitari zirenga 200 z’ibikaju vy’ishirahamwe TBC zarahiye

mercredi 26 Myandagaro 2015

Ihegitari zirenga amajana abiri z’imirima y’ibikaju vy’ishirahamwe rihingura isukari Tanganyika Business Company zarahiye zihitanywe n’umuriro wiyadukije kuva kuw’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015.

Amakuru ava mu begereye iyo mirima amenyesha ko uwo muriro wadutse kuw’Imana mu gatondohirya y’ishamba cimeza rya rukoko.Ayo makuru nyene amenyesha ko ihegitari zirenga 500 arizo zimaze gusha.

Abari ngaho mw’ishamba rya rukoko bavuga ko uwo mucanwa woba wadutse bivuye ku muntu yoba yaranwereye itabi muri iryo shamba rya rukoko naryo ryahiye igice kitari gito,mu nyuma haca hafatwa iyo mirima y’ibikaju y’ishirahamwe Tanganyika Business Company.

Amakuru ava ngaho mu Rukoko amenyesha ko abakozi b’ishirahamwe Tanganyika Business Company bari kumwe n’abasirikare bakorera mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagerageje kuzimya uwo muriro ariko ntivyakunda kuko hari umuyaga mwinshi.

Umuvugizi w’ishirahamwe Tanganyika Business Company rya Nahum Barankiriza yavuze ko batararonka akaryo ko gupima ngo bamenye ikirere cahiye,ariko yavuze ko yibaza ko ari nk’ihegitari 200.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.