IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Saidi Djinnit amenyesha ko amabi akorwa mu Burundi ashobora (...)

Saidi Djinnit amenyesha ko amabi akorwa mu Burundi ashobora kwiyongera

mardi 29 Nyakanga 2015

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Saidi Djinnit amenyesha ko amabi aguma yiyongera mu Burundi,mu gihe atacokorwa mu maguru masha.

Saidi Djinnit avuga ko ibiziga bibandanya gutorwa mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura.Avuga ko ivyo biziga bitorwa ku mabarabara ari ahanini mu bice vy’igisagara vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Kubwa Saidi Djinnit abantu batorwa bapfuye biboneka ko baba barashwe begerewe,kandi ko baba bahohotewe,canke baboheye amaboko mu mugongo.

Saidi Djinnit avuga ko amatohoza bamaze gukora yerekana ko bamwe mu batorwa bapfuye baba bahagaritswe n’inzego z’igipolisi hamwe n’abakozi bo mu biro bikuru vy’igendereza.

Ku bijanye no kumenya aboba bakora ubwo bwicanyi vy’ukuri,Saidi Djinnit amenyesha ko hagikenewe amatohoza menshi kugira ukuri kumenyekane,ku bakaora ubwo bwicanyi.

Mwomenya ko ubwicanyi nkubwo bwatanguye kwibonekeza inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • HAMWE ABARUNDI TUTOVIRA HASI RIMWE NGO DUFATE INKOHO PETER ARAHONYA ABIYAMIRIJE IKIRINGO CA GATATU VIRE HASI RIMWE DUFATE INKOHO TUMURWANYE.

  • Jew ntayandi matohoza akenewe jew nariboneye umu police agandagura umu jeunne mucibitoke kwibarabara ryi 10 aho yarashwe amasasu cumi nibisigarira vyamasasu vyari impande yiwe inzego zigipolice zankurunziza bimaze kumenyekana ko arizo zitanga ordre yokwica muma cartier yabayemwo manifestation

  • Nduwayo urumusazi, ababahenze ngomuje mumabarabara ntuzi aho bibereye iyo za buraya, ubu urapime urabe, fata inkoho wenyene wihenda abandi nanone.

  • Nabivuze kare ko abantu bamwebamwe bo mugihugu c’Uburundi ko bataye indero.Ingaruka mbi zabagumutse ntizobura kubaho,uretse muburundi kw-’isi hose ntaho abanyagihugu bokora nkivyo abarundi bibipfamutima bakoze ngo babure ingaruka.Nawe wihenda ugumura abantu ngo bafate inkoho wibuke ko hariho naboba bazifise.Hari nabazimaranye imyaka.Nohanura na cane cane urwaruka ntimusubire kwemerera umunyapolitike wese abayoborera muntambara zo gusambura Leta y’Uburundi uvyemera nawe nimiburiburi yake nidolari 100000 azisigire umuryango kuko murazi iherezo ryako kazi.kandi kuntambara mwandikigwe umushahara.Ntimwibagire ko hari abagwana intambara za kanyeshamba imyaka myinshi batsinda hagahembwa abatazi uko urugamba rubabaza.Aboronse impera ikwiranye n’intambara bagwanye bakademobirizwa ataco bahawe abandi bakicwa bazira ubuhizi bwabo.Abanyeshure ntimute amashure yanyu ahandi ho muzokwicuza.Abatera umugumuko m’Uburundi nta nyungu nimwe bozanira abarundi uretse ukwicuza

  • none ubwobwicanyi bazobureka ryari? ubwo ntibashavuz,IMANA nibareke uburundin ubwatwese

  • mbe iryoshano ngoni nduwayo nyakuryamavyi akogashano kagatutsi nkurunziza ahumugwanya niwe wamugenye gawashanowe kandi siwewenyene harinutundi dushano murikumw ngiranimwebw mwirigwa muricabantu mwabusa bubimwe cndd-fdd niwirambire.

  • Jewe ico mbona,aba jeunes bose tuba muma quartiens yabayemwo manifestation,nuguhunga twese ko igi police ca Nkurunziza cotumara. Kuko ntawundi mugambi bafise,n-ukutumara!

  • Nibicare Hamwe Baganire Hagati Yabari Mu Nzego Nabatavuga Rumwe Na Reta

  • Nibicare Hamwe Baganire Hagati Yabari Mu Nzego Nabatavuga Rumwe Na Reta

  • ewenduwayo turazihicomurondera ahoweurumututsi kwarimwemuzi fise mugombakutugira ga72nahadi

  • Ewe nduwayo ndagutwenze, udu quartiers 4, turafise une majorité silencieuse. Toucher=jouer

  • rindira gato, bigira bigende neza. Uhoraho agira acurubanza ataravye nkunzi canke icubahiro.

  • Umutisukwihora Uguhora,nukw’IMANA niyizobasubiriza munkoko.

  • hamwe abarundi tutovira hasi rimwe ngo dufate inkoho na bibiliya ngo tugwanye abiyamiriza ikiringo cagatatu cumukuru wigihugu baraducanishamwo. kandi turi bamwe. dukora dusenga dusenga dukora.

  • @ Nduwayo, mwarazifashe sinzikindi ushaka! Ikibazo nukomufata izonkoho abomushaka kuzerekezako nabobakaba babasumvya position yogukoresha izonkoho. Ariko uwomuntu ivyavuze mengobirateye amakenga! Ngwabasangwa bapfuye ngobaba baribafashwe nigipolisi ngonunzego ziperereza!? Urazorebaneza utazorwamumutego wabamwe bakorera inyungu zaba Biligi bashaka guteranya abenegihugu ninzego zumutekano. Arijewe arikwarabwira ivyavuze nocandamubaza ntinone ushatse kuvugako izonzego arizo zaturiye abantubabona?

  • Ndagusigikiye mukagumamurekereza ibiseru abobagabobaratumara dukorekumwetwakora muriyamyaka abantutumazekubura bararenze kandibatarikobaragwana vyuka mwongeremuvyurane natwe tubamizamasasu caramazekubavamwo?

  • nivyukuri piere nkurunziza tutamuviriye hasi tugiye guhona dukwiye kubavira hasi ibwa za ba dd tuzomwereka

  • ,emwe amatohoza ntakenewee abicwa bose
    bakurwa muma quartiers na ba kazungu na snr abantu babona murobuka aba fnl muri 2010.

  • NDUWAYO, BAMBWIRIRE ABO BABUZE VITAMINE MBEGA JINNIT KATAVUZE ABATURIWE KUMURANGO RIVA KATABIYAMIRIJE ABONYENE SIBO BABANDANYA KWICA ABANTU, UMVE INGENE BIHAYA UKUGIRA NABI TWESE NTITWEBEREYE AMAHORO MUGIHUGU HAGATI? BARABEKO ATARIWE ABAHA INKOHO NUMVA ABASHIGIKIYE.

  • huyo president ni shujaa watabaraka! kumuvuganabi nukwiteranya imbere yabarundi mwavuzeko amatora atazoba ngo n’IMANA Yabuvuze Mwabunyabinyomwe None Ngo Mugira Mufate Bible Ninkoho Ingo Murukarishe Rabamwe Pe! Jinnit Nareke Kwivanga Mubarundi Namba Ariwe Abaha Izonkoho Arabashuka Abazungu Bamye Bankako Uburundi Bugira Umutware Mwiza Rwagasore Barazi Ingene Bamugize Inzirakarengane Ipfuye Bararyeherwa Ariko Inkoziyikibi Barayivugira Umuntu Yaturiwe Bose Bareba Katavuze Ati Nibara. Noneho Abgizebirya Nubunibo Babikora Rwihishwa Kugira Babeshere Abandi.

  • Yeme ivyomuburundi biragoye umuntu arapfa arimuminwe yabamukingiye?

  • Yeme ivyomuburundi biragoye umuntu arapfa arimuminwe yabamukingiye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.