Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yatanze insiguro y’ingingo y’129 (...)
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yatanze insiguro y’ingingo y’129 y’ibwirizwa nshingiro
mercredi 26 Myandagaro 2015
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yatanze insiguro y’ingingo y’129 y’ibwirizwa nshingiro,ivuga ku bijanye n’abafise uburenganzira bwo kuja muri Reta y’Uburundi.
Nk’uko vyasabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza,Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ikisunga ingigo 228 y’ibwirizwa nshingiro ku karongo ka gatatu,imenyesha ko Reta y’Uburundi yugururiwe umugambwe canke umurwi wa politike wose ufise intebe mu nama nshingamateka ku bice 5 kw’ijana kandi uvyipfuza.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro imenyesha ko Reta y’Uburundi yugururiwe kandi abandi bava mu bundi bwoko mu mbavu y’ubwoko bw’abahutu n’abatutsi.
Ku bijanye n’ibitsina bija muri Reta,sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro imenyesha ko ingingo ya 129 y’ibwirizwa nshingiro itanga uburenganzira ku bakenyezi gushika ku bice 30 kw’ijana canke birenga vy’abagize Reta.
Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’impari nyinshi zibonekeje mu migambwe itandukanye,aho hari ukudasigura kumwe ingingo ya 129 y’ibwirizwa nshingiro yerekana abaronka uburenganzira bwo kuja muri Reta.
IGIHE
Messages
26 Myandagaro 2015, 14:55, par Tijos
Bande des incompétents. La médiocrité du sommet à la base
26 Myandagaro 2015, 15:25, par ndagutwenze
Pauvre juriste en droit!!!!! Merci d’aller dans le sens qui caresse et qui fait endormir votre maitre
26 Myandagaro 2015, 15:55, par Marie
imana izobabaza ivyo mukora mwarekuye intahe mucakira akamanyu kumutsima. muriyemeje gutabagura Uburundi. mwari mukwiye kwigira kumuhisi umushingantahe Nduwayo L yaremeye aheba amagara yiwe akiza Igihugu. Uburundi bukeneye abameze nkawe muriki gihe turimwo nugusenga Imana ikabaturonsa twihangane Ijuru riraje gutabara tugume ku mavi!!!
26 Myandagaro 2015, 17:06, par washe
komera kwibanga murahabona
26 Myandagaro 2015, 17:12, par Kabizi
Abarundi turacafise ingorane kweli.Nivyiza kumenya ko Urwo rwego, arirwo rwonyene rufise uburenganzi bwogusigura ibijanye n’iryo bwirizwa.Wavyemera canke wavyanka nuko!Kandi atari ukwigirisha ndaziko bavuga vyo kuko basigura ibisanzwe vyanditse umuntu wese ashobora kubona.Ikibazo nuko umwe wese biraba ashaka kwikwegerako bivanye n’inyungu ashaka.Ikindi, muburundi umuntu wese yigira umunyamategeko, n’uwuvuye inyuma y’inka canke ahivye rugombo, aririmba asigura ibwirizwa shingiro.Ni vyiza kumenya rero ko Amategeko araba igihugu atandukanye n’amategeko umuntu atanga murugo iwe,ayaha ababoyi , abana, umugore n’abandi...,Umwe wese nivyo yagenewe!!!
26 Myandagaro 2015, 18:38, par estella
Murababaje kweri ntagihanura ikindi. erega nimwiyumvire Igihugu mureke imigabwe na moko erega amategeko yigihugu ahagaze kurabo bose ugaya ababoyi abari inyuma yinka abana bose nabarundi uburundi nubwacu twese atawuvuyemwo numwe. Imana yaturemye kimwe. kandi Imana izobaza umwe wese ico yakoze. Imana ntica ugwangondegonde kira mutu namuzigo wake!!!
27 Myandagaro 2015, 11:41, par Ndiwenumuryango
Jewe sinumva umugambwe utasikanye ibice5%Utanga icegera ca mbere!mwotubariza itdgeko bisunze.
28 Myandagaro 2015, 06:54, par gingi
Mbe? Ko abantu umenga muratangazwa no kwumva uko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro isigura ingingo y’129 ntimwabonye ingene bamye bahirika ururimi bakanemeza nkurumbi kwitozo?twikangure kandi. Dukore kugira duharanire agateka kigihugu cacu nibwirizwa nshingiro kuko ni ivyacu.