Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Somalie : Imiduga ya AMISOM yarashwe n’umwihevyi
Somalie : Imiduga ya AMISOM yarashwe n’umwihevyi
mercredi 10 Nyakanga 2014
Mu rukurikirane rw’imiduga y’urwego rw’AMISOM umwe wari uw’abihevyi, ukaba waciye uturitsa ibisasu abantu bagera kuri 12 baca baritaba Imana.
Muri ico gitero cagizwe n’uwo mwihevyi, bikavugwa ko abantu babiri bakomeretse bari abasirikare, ivyo bikaba vyabereye mu gisagara ca Mogadishiu. Buramatari w’intara ya Mogadishiu Lower Shebelle akavuga ko ivyo vyashitse igihe izo modoka zariko zirarengana mw’ibarabara, aca yumva mu micungararo y’aho yari ikintu gituritse. Akavuga ko yabonye imiduga yamuteye amakenga, iyo miduga akaba yabonye ko idakorera urwego rwa AMISOM ariko guca yumva ibintu bituritse.
Mukamenya ko muri ico gihugu ca Somaliya igice kinini cari carigaruriwe n’abarwanyi bo mu muhari wa al shebab, kimaze gusubira mu minwe ya Reta, inyuma y’aho bamwe mu bantu bakuru bakuru bo muri uyo murwi bagiye baricwa kamwe kamwe. Abasirikare b’abarundi bafashanije n’abandi bo muri AMISOM bakaba bakora ibikora inka, mu gusubiza ico gihugu mu mahoro.
Aristide Nizigire
Messages
11 Nyakanga 2014, 17:04, par Cyrille.
intagondwa zizogondwa,intagondwa ihura niyindi umwihevyi ahanwa n’urupfu kandi apfuye ntazuka.Bazohona Amisom komera.