IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sylvestre NTIBANTUNGANYA yerekanye ico ubwicanyi bw’indongozi (...)

Sylvestre NTIBANTUNGANYA yerekanye ico ubwicanyi bw’indongozi bugamije

mardi 26 Ndamukiza 2016, par egide

Mu gihe kingana n’amezi abiri gusa mu Burundi, hamaze kwicwa abasirikare n’abaporisi bakuru barenga icumi, abasesenguzi muvya poritike hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bagasanga ubwo bwicanyi butoranya, akaba aribwo bubangamiye Uburundi, igihugu cakwije kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016 umwaka kiri mu ndyane za poritike.

Iyicwa ry’abasirikare n’abaporisi bakuru ryiyongera ku banysgihugu b’inzirakarengane bagera ku 400 bamaze kwicwa, nayo abagera ku bihumbi 400 bahungira mu Rwanda, Uganda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe na Tanzaniya.

Mu kiganiro yagiranye na Radio Isango Star ikorera mu gihugu c’Urwanda, Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, yasiguye ico ubwo bwicanyi bukorerwa abaporisi n’abasirikare bakuru bwoba bugamije.

JPEG - 102.1 ko
Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi

Sylvestre Ntibantunganya asanga ubwo bwicanyi bushingiye ku kwihorana kw’impande zihanganye mu Burundi, kuko nk’uko yabishikirije, iyo hishwe uwushigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, hakurikira uwahoze mu gisirikare ca kera.

Ntibantunganya Sylvestre asigura ko kwica abasirikare n’abaporisi bakuru ari ikimenyetso c’uko Uburundi buriko bwinjira mu bihe bigoye, kandi hatabonetse abagabo borondera vuba umuti w’ibibazo bihari, bizobandanya kwiyongera.
Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu agasaba indongozi za gisirikare hamwe n’indongozi z’igihugu, ko bokora ibishoboka vyose ubwo bwicanyi buhagarare, kuko bushobora gutuma igisirikare cose gisubiranamwo.

Sylvestre Ntibantunganya abandanya avuga ko umuti urama w’ibibazo bihari ari ibiganiro bitegekanijwe kuri uwu wa 2 Rusama 2016, hagati ya Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe nayo.


IGIHE

Messages

  • EMW NKAJEW MUTOYA NTABONAKUR NDABONA IVYUBURUNDI ATAR’IMANA YONYENE IGIZICIKORA NTAMWANA WUMUNTU AZOBISHOBORA MWIBAGIY IVYOGAKWAYA YAVUZ WAMUVUGABUTUMWA

  • Ibinibihe vya nyuma nugusenga bantu b Imana

  • It’s true! We’re tired with deaths and careless of some people! We have to be careful, if not, we will get so many problems! Each one has to be harmless, but...! I think that every one know indeed what is happened in the slave trade! You remember that some men came with their salt, their mirrors, their clothes and so on, and corrupted chiefs! And after, they took an uncountable people just in exchanging with salt,clothes,mirror,...! So, where is the importance of dealings with someone who is stronger than us? My friends,try to be careful in our relationship with the strongest people! I believe that we have all wealth in our mind and our conscience! So, we have to prepare our future’s country! The future doesn’t come without our own consciousness! Therefore, we have to be aware of what is happening these days!

  • Reka ntaco bagihindura bamaze gucanamwo hasigaye ko bamarana nje icombona bohunga batarashira nkifu yumwijira.

  • Turakeneye UKURI Kuzuye! Nta handi na hamwe tuzeye kuronkera kazoza k’Igihugu cacu atari mu mitima yacu! Umurundi atariko aribaza ico azoba ejo haza nta kazoza afise mu Buzima bwiwe n’ubw’Igihugu ciwe! Ni nde arigera ategura kazoza kabi kiwe? Ni nde ashaka kwicara ngo ni uko ejo haza hiwe hateguye neza? Tugomba kwibuka ko ukuboko kudakora kuremara, kandi ko ukuboko kumwe kwiyaga ariko kutimara uburyi! Ninayo mpamvu rero abarundi tubwirizwa kuraba no kubona n’amaso yacu abiri iyo twavuye, aho twari tugeze naho turiko turaja! BIRABABAJE rero kubona aho umwana yicara anywera amata asigaye ahabona igitenga c’amaraso ndetse rimwe na rimwe akasiga ayiwe! Aho umugabo yicara ashaka ikiremve asigaye ahasesa amaraso yiwe! Aho umugore yicara arora umucance wiwe asisagaye ahamusiga agasanga Uwaduhanze ari wenyene! Burundi, mutima wacu nuw’Afrika, urashe bikomeye kandi urakeneye uwuguhoza bikwiye, mpore wihorere Uwaguhanze aguhanze amaso kandi arkubona! Barundi twese hamwe turabe neza: KAZOZA kacu kari mu biganza vyacu hamwe no mu MUTIMA wumwe umwe wese!

  • None abobicanyi nibagezaho kubuzima bwumuntu nikatihabwa imana izobibabaza

  • Mbega uwoni Ntibantunganya anezegurtyo!?
    Ariko nambariwe nareke ndamubwire ko ubwicanyi nkubu bwokwica indongozi zigihugu nabajejwe umutekano iyi ni politike yuwakugize ungwati Kagame, kurikira rero ndabikwereke neza wangwatiwe ya Kagame: mumyaka 90-94 uwoshobuja Kagame yakoze uburyo bushobokabwose akora ubwicanyi mubanyarwanda afise intumbero yokugira abanyarwanda bomubwoko runaka baribafise inguvu bashavurire ubundibwoko runaka. Nagomba rero kukubwira wewe Ntibantunganya ababakora ibimu Burundi ni planning yakorewe kandi akibandanya mu Rwanda, umva ukobigishijwe ni: kugira mushobore gushikira ivyomushaka birasabwa mushirike ikinya mwice mutarebeye ngurya numugenzi cankengo nicutiyawe nagara, atimaze kugira amakungu agire icafashije mukubunganira muvyomuzoba muriko murakora mugende mwice umusirikare umwe womubwoko bumwe maze kugira mwerekane kwarivyamoko kuwundimwanya muce mukurikizako mwice uwomubundi bwoko kugira vyerekane ko arubwicanyi bwivyamoko. Nashaka rero kukubwira wewe Ntibantunganya ko abakora ayamabi ngaha Burundi numurwi umwe wishakira inyungu zawo ariko ubanje kubangamira ayamoko yose agize abarundi, nashaka kandi kukubwirako izo analysis zawe nizogushigikira umugambi wa Kagame kugira urabe kowoburabayeho ntakugire nkuko yagiriye abobagiranwe, erega abahutu babatutsi hamwe nabatwa bi Burundi abakurikiranye imbinunu ruhonyanganda Kagame yakoresheje kugirashikire ubutegetsi bariho bakizibuka, ndakubwirarero ko ibibiriko birabera Burundi ntakibuza bararangira bihitanye uwoshobuja Kagame nubwo bitazobabikuyeho amarira azobasize aduteye, kubesha nikintu kibi.

  • Nne uravugako hoba hariko hategurwa genocd ? hoho itegura nde? mwese murabizi? tanga ivyabona hama ababikora ,umugambi mubi uhagarare .arko nizerako bitagishobotse ndababazw cne kbona abavndmwe bicana kbera aba na bariya rero bicare hamwe bayage hama hotorw,umuti .abic,abandi butubwre ko babadya.

  • Kuvyontibantunganya.Avungaburyabimwenivyo

  • Mwarawakije muca murigira muga ntiwibutse ko aba bene data bagoye ibana baraguteye amase urumukuru w,igihugu.none wewe ntiba ubwenge wahorana barabugulllbarabukorofy

  • Mwarawakije muca murigira muga ntiwibutse ko aba bene data bagoye ibana baraguteye amase urumukuru w,igihugu.none wewe ntiba ubwenge wahorana barabugulllbarabukorofy

  • Mbe sha uyo we arafise ivyo asesangura bizima!!!!!????Umupfu ntiyinukira nta kundi uwo nawe rero ari mu Rwanda ngo aabe ko bomugarukana ku butegetsi??
    Nta kibi nko kugoka ushaje

  • Ibiganiro nivyizaturabishigikiye ariko abantu batayuburundi murakakagaburimwo bishimikje bwabwengihugububiri bamabitwaza ntimubizere kuko ivyabo mumisimike bizohinyuka ahubwotwarabahinuuye!

  • Urintwari iyoyaba uburundi bwarimwo abagabo bimvugakuri nkawe igihugu cokwogoroye

  • mbegako abobaporisi nabobadorisi bicwanabavuyemwishamba nonekotubonahagumahapfa asikare nba generarebabahutu nonentahonyabwokomubonakoririkorirahiga abahutu bakuramwumwumwe nonekotubona abobantubamanyikirangahomwayomakaritiye mbega ahohantubibehobahegereyeamakambi

  • Urakoze Nyakubahwa Mukuru wi gihugu Sylvestre Ntibantunganya. Ngomba ndababwizukuri, ubwobwicanyi Nkurunziza ariko arakorera abanyagihugu hamwe na bategetsi mugisirikare ya biteguye kuvakera mwebwe ntimwabitahuye, mugihe yariko arategura kwitoza ubwagatatu ninaho yataguye gutegura kuzokwica uwariwewese atazomushigikira mububisha bwiwe. ninaho yateguye kwazokora ihonya bwoko muburundi, ni murindire hadakozwe uko bishoboka rwarazimishwe kunguvu ngoyitabe ibiganiro biriko birategurwa na Nyakubahwa yahoze ari perezida wa Tanzania, azoruhuka arukwa abategetsi bigisirikare abahejeje, abazoba basigaye bazoba ari mpehesa ntibazomugora, kuko umusoda abumusoda afise uwumurongoye. Hanyuma azohindukirira mwebwe mwahoze murongoye uburundi,nayumunyagihugu wewe azoba yi boneyeko.

  • Ils ont batis le record mondial mubwicanyi bwabategetsi hama ngo abanyagihugu nibatekane vraiment !!! Emwe ngo nabahunze nibatahuke none mukwezi kumwe harashobora kwicwa umu majoro umu lieutenant colonele umu colonele hamwe n’umu generale de brigade basha ibi kwisi ntahandi biraba mugihugu cemeza ko gifise amahore hama ngo amatohoza ariko arakogwa none ivyavuye muri ayo matohoza yoooose ninde abibazwa? murantunge ntawe ndomyeko agatoki mugabo uyakoresha niba atariwe abikora nzovyemera ndabibonye

  • NONE NTAKUNTU ABANYE POLITIQUE MWOKUMVIKANA, MUKAREKA UBWICANYI MUGASENYERA KUMUGOZI UMWE?KAZIMA MURIBENE GIHUGU AHUBWO IMANA IZE IBIBABAZE

  • En tout cas ils ont batis le record mondial uburundi nico gihugu conyene kivuga ko gifise amahoro hama hakicwa General na Colonel na lieutenant colonel na major mukwezi kumwe hango nabahynze nibatahuke sha mutama inumire ntabasirikare bakera tugifise ubu dusigaranye intwaramiheto bobaho ntibokwemera ko abo bivukana bicwa nabo barindiriye kuja muri mission isolamaliya sha igisoda cari icabagaza naho buyoya yaracononye asigamwo bampema yuzuye gusa barazi gukora defile no gutera amasali.

  • En tout cas ils ont batis le record mondial uburundi nico gihugu conyene kivuga ko gifise amahoro hama hakicwa General na Colonel na lieutenant colonel na major mukwezi kumwe hango nabahynze nibatahuke sha mutama inumire ntabasirikare bakera tugifise ubu dusigaranye intwaramiheto bobaho ntibokwemera ko abo bivukana bicwa nabo bayererana ibikoho vyuzuye amasase barindiriye kuja muri mission isolamaliya basha igisoda cari ica bagaza naho buyoya yaracononye asigamwo bampema yuzuye gusa barazi gukora defile no gutera amasali.

  • @Kabura: mbenyene ayo mahera yi somaliya bazoyarira hehe? bayasangire nande? ko niyo bashitse babahotora abatishwe nabi birirwa baragemurira benewabo mumpimba canke baja mumanza zabavukanyi bishwe bataranywa nikiyeri emwe Kadege yari yabahaye urugero mwanka kubona ngo buyoya niwe avuga ukuri kandi yishakira amanota meza ngo aje kuyobora Francophonie none ngo amakungu

  • Kura AMATAMA ngaho umengo nay’IGIKERE,muza murica ABATWARE ngo murabe ko hotinda hakaba IBIGANIRO?Mugifise ako gatima k’ubwicanyi nta vy’ibiganiro,ahubwo tahuka wubake IGIHUGU cawe utaricwa n’iyo ndwara ikuvyimbisha ayo manwa,canke n’urudyo rubi rwo mu buhungiro bwo kwa KAGAME?Hoooooo!!!wagiye mutama!ni wihangane peeee!!!

  • Kura amatama ngaho umengo nay’igikere,uwo munwa wabaye iki ko uvyivye?

  • Kura amatama ngaho umengo nay’igikere,uwo munwa wabaye iki ko uvyimvye?

  • Ntibantunganya we warashaje umenye neza irwanda urimwo kwatari nku gwa HAVYARIMANA igihe waruhungiramwo 72 biratandukanye cane kandi umenye neza n,uburundi ko butameze nkomuri cagihe bagutera amazira ntoki uvyibagire cane wewe bagutembagaje uri hagati mugihugu uruhukira muri ambasade uwundi barihemanga bagomba ngo bagomba gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n,abenegihugu arihanze y,igihugu muravyina nawewe ntiba urimwo munwa amachampagne .musanga amase yakera ntagihoma urutaro baraguhenze nuko uyerera ushaje muga umenye kowabaye president udatowe kuko ntajwi narimwe woronka wewe nuwoshiraho ibuye ryitirigwa CNDD FDD ryogusumvya amajwi ikubite agashi uve ibuzimu uje ibuntu .

  • MBEGA UMUGABO !! ARASA NEZA NEZA NKA BA MY FRIEND BO MUKINIGI

  • None GA yemwe nkuwo yatwaye u Burundi mubona yoduhanura iki .uravye n igihugu yahungiyemwo ico kiri kugufasha muraraba neza nawe nyene ari kurondera aho yoba kabiri bavuga NGO ntawuhungira imvura mumuvo nkatwe abanyagihugu nyacizere nagito twoba tukimufitiye nivyiza ntaniciyunviro cuwo yigeze gutwara zuburundi tukimufitiye murakoze.

  • karashize ingani abarundi tumure nk’ubukara buhigwa na bwo bugahigana?

  • ubwo bwicanyi uwobuhagarika ni reta y’uburundi kuko niyo izi abica abandi naho yitez’utunyoni

  • Umuntu yatewe amazira ntoke ntajambo afise avuga mugihugu kirimwo abagabo.Igihe coguterwa amazira ntoke ntikizogaruka nimba yaramuryoheye.

  • oya iyo ngendo yo kwitwara nk’udusimbirahamwe turayisuzuguye gose.abantu b’abagabo kwama mwashihanye burya ntibibatera isoni?igihugu n’iciwacu,twese turi bamwe.oya ni mugezaho abapfuye baramaze.burya ngo ingwano y’ibihori inezereza ibisiga.mugumye mumarana kandi muri bamwe,abansi bobo baguma bihera iryinyo.ganire nk’abantu bakunda igihugu,bakunda amahoro n’ubumwe bw’abarundi.

  • Mbe Ntiba, wewe ubukwiriye kwibera senateur àvie utakokeza, urabe ba Bagaza, Buyoya bari numiye ntajambo ubuvako kiretse wewe n’abandi basa na wewe!!! stupide!!! umenye yuko atakibaza co kuba president ufise.

  • sokwe,sokwe barundi!soma Umutware yariye amavy?ndaguhaye NTIBA

  • sokwe,sokwe barundi!soma Umutware yariye amavy?ndaguhaye NTIBA

  • HAMWE NKURUNZA ATOKWITABA IGANIRO YOBA ASHAKA GUKWEGERA ABARUNDI NABARUNDIKAZI?

  • banyita david jewe mbona ko harimwo abagomba guta mukanga igihug cac arik yehova arabiz kand arashobe kubihindura vyos

  • NTIBa baramukorofye mu mutywe..!! Mbe aja yibagiwe ko yatewe amavyi kandi ko bari bamwisi "iboro" , ukuvuga akanymwaswa bagomba gukerera. Uribagiye ko abo bariko baragandagura abakuru mu gisikare n’igipolisi ari nabo bakwirukanye ku butegetsi nk’imbwa y’insuma àdéfaut yo kukungandagura.

  • Ewe Mana Tabara Ajenje Umutekano Ntibasubiranemwo Nahubundi Igihugu Kigeze Ahetemba

  • EWE!!PETERO.NKURUMBI.SHA.UBUNYENE.WUMIRE.KUBURUNDI.NKUKO.MENGO.NUBWASO.NANYOKO.VAKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.