Accueil > Amakuru > u Burundi > SYMABU : Uguhindurira ibibanza abacamanza bitajanye n’inyungu (...)
SYMABU : Uguhindurira ibibanza abacamanza bitajanye n’inyungu z’akazi
mercredi 18 Ruhuhuma 2015, par
Sendika y’abacamanza SYMABU iranegura ihindurirwa ry’ibibanza bamwe mu bacamanza bahora bakoreramwo, bikaba kandi bikorwa ku nyungu zitari iz’akazi nk’uko bivugwa n’umukuru wa sendika SYMABU. Muri iyo sendika bamenyesha ko iryo hindurwa ry’ibibanza rijanye n’ihohoterwa ry’abaharanira uburenganzira bw’abacamanza.
Haribonekeza ukutumvikana hagati ya sendika y’abacamanza SYMABU (Syndicat des Magistrats du Burundi) hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane. Kuva aho abaserukira abacamanza batanguriye kwishuza uturusho bahabwa n’amategeko hamwe n’amafaranga abacamanza bagiye ku matongo badahabwa kandi ategekanijwe, haciye hatangura uguhindurirwa ibibanza vy’aho bahora bakorera kuri bamwe mu bagize urwego nshingwabikorwa rwa sendika SYMABU.
Yohani Petero Munyembari, umukuru wa sendica SYMABU amenyesha ko iryo hindurwa ry’ibibanza ridahura n’inyungu z’akazi, ahubwo ari kugira bahane abakurikirana uburenganzira bw’abacamanza, nk’amafaranga y’ibirarane baheraniwe, hamwe n’utusho tw’amafaranga ahabwa abacamanza bagiye ku matongo batigera bahabwa kandi ategekanijwe.
Yohani Petero Munyembari avuga ko ababangamiwe cane ari abaharanira uburenganzira bw’abacamanza, bahindurirwa ibibanza bagashirwa mu ntara za kure y’imiryango yabo. Umunani muri mirongo ibiri bagize urwego nshingwabikorwa rwa sendika SYMABU baramaze guhindurirwa ibibanza, bashirwa kure y’ababo, bikavugwa ko n’abandi basigaye bashobora guhindurirwa umwanya uwariwo wose.
Muri abo bashizwe kure y’imiryango yabo, Yohani Petero Munyembari avuga nk’uwahora akorera i Bururi yashizwe i Ngozi, hamwe n’uwakorera i Bubanza yashizwe i Muyinga.
Muri sendika SYMABU basaba ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwokwubahiriza uburenganzira bw’amashirahamwe.
Muri ubwo bushikiranganji, biciye ku muvugizi wabwo Déo Ruberintwari, bamenyesha ko ataco bafise babivugako.
Egide Nduwimana