Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyagihugu ategerezwa gufasha kugira amahera akoreshwa na Reta (...)
Umunyagihugu ategerezwa gufasha kugira amahera akoreshwa na Reta aboneke
mardi 20 Nzero 2015
Ko umunyagihugu afasha kugira mahera akoreshwa na Reta yiwe aboneka, ico ni ngombwa, ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji wo gutumatumanako, kumenyesha amakuru n’imigenderanire n’Inama nshingamateka na nkunguzamateka, Tharcisse Nkezabahizi.
Mu gihe bari baramutse bashira ahabona ivyaranguwe mu mwaka wa 2014, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 Nzero 2015, Umushikiranganji wo gutumatumanako, kumenyesha amakuru n’imigenderanire n’Inama nshingamateka na nkunguzamateka, Tharcisse Nkezabahizi, yamenyesheje ko ashimishwa n’uko ubwo bushikiranganji bwashikiriye ihangiro bwari bwihaye ku rugero rurenga ibice 85 kw’ijana muri rusangi nkuko vyemezwa n’icegeranyo c’umurwi CEPOP.
ku bwiwe, ibikogwa bitandukanye vyararangutse, aho agatanga akarorero ko batanguje ikoreshwa ry’igice ca 1 c’umuhora w’ingurukanabumenyi inyaruka, bashizeho ama clubs TIC mu mashure y’isumbuye, mu ntara ya Cibitoke na Rutana, gushiraho umuhora inzego za Reta zihaniramwo amakuru (Reseau COM-GOV) n’ibindi bikorwa bitandukanye.
Ku kibazo kijanye n’itagisi rishasha ry’amafaranga 42 ku munota riherutse kujaho, umushikiranganji Tharcisse Nkezabahizi yishuye amenyesha ko k’umunyagihugu biri nkenegwa ko afasha kugira amahera akoreshwa na Reta yiwe aboneka, ko kuba umushingamategeko(legislateur) yoba yashimye inzira yo gushiraho iryo tagisi ry’amahera 42 ku munota mu guhamagarana, bari bakwiye kuryubahiriza. Ku bwiwe haracari kare kugira abanyagihugu baryiyamirize, akizeza ko biramutse biba ngombwa Reta ibicishije muri ARCT rizovyihweza, risanze hari agahaze igakuraho rirya tagisi.
Umushikiranganji Nkezabahizi akaba yahumurije abanyagihugu ku vyerekeye abamaze iminsi biyamiriza ishingwa ry’ama antennes y’ishirahamwe Vietel, akamenyesha ko ubwo bushikiranganji bwagize amatohoza akwiye ko atangaruka mbi ziterwa nayo ma antennes iyo ashinzwe ku metero 5 y’ahari inyubakwa z’abantu canke amashure.
Mu kamenya ko ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru, butegekanya kurangura iyindi migambi myinshi muri uyu mwaka w’2015 uhereye mu guheraheza ibikogwa bitari vyaheze mu mwaka uheze.
Alida SABITEKA
Messages
20 Nzero 2015, 20:34, par Nwari
Icokirogorye umunyagihugu!!!!wewe nawe ujejwe kurya!!!!ayabanyagihugu!!!ntaco ujewe guterera
20 Nzero 2015, 22:20, par Jimy
Nimurindire basha. Ivyo vyose bizohera. Izo nda zanyu zizohoka umundi utaruyu....