IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Thomas Perriello azitabira ibiganiro vy’amahoro bihuza Abarundi

Thomas Perriello azitabira ibiganiro vy’amahoro bihuza Abarundi

samedi 9 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Thomas Perriello, intumwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, kuva kuri uwu wa gatanu ari mu rugendo ruzomushikana mu bihugu bitandukanye birimwo Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Tanzaniya, Angola, Misiri hamwe n’Ubufaransa.

Itangazo dukesha ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu rivuga ko Thomas Perriello azitabira ibiganiro vy’amahoro bihuza Abarundi biyobowe na Benjami Mkapa yigeze kuyobora igihugu ca Tanzaniya, ivyo biganiro bikaba bitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika kurya 14 Mukakaro 2016 i Arusha muri Tanzaniya, nk’uko tubikesha Macocha Tembele, umwunganirizi w’umuhuza William Benjamin Mkapa.

Iryo tangazo ry’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu rimenyesha ko urwo rugendo rwa Thomas Perriello rujanye n’umugambi wa Amerika wo gushigikira intumbero z’ugukemura ibibazo biri mu Burundi, hamwe n’ugushigikira kandi umuhuza Benjamin William Mkapa. Muri urwo rugendo, Thomas Perriello azoshimangira ku kumenyesha abo bazobonana bose ko ibiganiro arivyo nzira yonyene yo kurondera umuti w’ibibazo biri mu Burundi.

Amerika ivuga ko inzira y’ibiganiro bihuriyemwo impande zose ariyo izokemura ibibazo vyo mu Burundi, hamwe n’ukwubahiriza ibiri mu masezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Ivyomuvuga nivyo banyakubahwa amasezerano yarusha ategerezwa kubahirizwa vyasebikunze ibiganiro ninzira nziza muri rusangi yo gukemura ibibazo vyugarije igihugu kanatsinda iyo bitaba ibiganiro nako karwi ka nkurunziza kagishibije ntikaba kari ngaho gusa ntibikwiye ko abantu nkabo bahembwa gutumirwa mubiganiro ahubwo nkurunziza nakarwi kiwe bakwiriye gufatwa bagahanwa kuko kuja mubiganiro na bicanyi nkabo ntaho bitaniye nukubashimira kandi turaziko na America itigera ishigikira abicanyi ahubwo irabacakira bakomeye canke bapfuye none aha iwacu muburundi ho ibibuzwa niki

  • komera muta geraageza turabe kuko uwumugabo ntagomba kwuvikana nabarundi agomba guhonya ugwaruka gwuburundi ariko arabesha imana iratubona

  • Barundi muraraba neza abobanyamerica ntamahoro badusha kira. atarugukomeza bapangimigambi na kagame yo kuduhunga banirizi gihugu, maze bariko bica abirabure benewacu mwibazango harulukundo badufatiye?haba namba;

  • je ndakunda ikikinyamakuru! kunkuru zigezweho.Obama ubu kwisi yarabaye akayabu mbe arungika perielo muri tanzania kuvyabarundi?namurungike muri amerika hari imyiyerekano kukubera abazungu bamaze abirabure babica,ahubwo tugira turungike MAPROBU igende kuzana amahoro muri amerika,nayo OBAMA nagume anywa amaraso yabirabure arutwa nuwahahora

  • Genda iyo sha genda iyo ,None Ushatse Ushatse kuvugako iwabo atangorane ziriyo ahoyitwararika ivyuburundi cane?

  • KUBERIKABAZUNGU BADUKWIRIKIRANA? SINDUMVA INTUMWA ZIVUYE AFRIKA GUKWIRIKIRANA IBIBA MUBAZUNGU .AMERIKA EJO BUNDI BISHE ABIRABTRE 2. ABAZUMGU NIBO BISHE RWAGASORE .NIBO BACUMBIKIYE ABASHATSE GUTEMBAGAZA LETA YUBURUNDI BOSE .ABISHE NDADAYE NIYO BARI@ BATEGETSI MUDUSERUKIRA , VYUKA BURAKEYE NTIBADUHEKURE ;INKWARE YICWA NUMURERETSI ,NTARYAMIRA ,HABYARIMANA ,BISHWE NIBIGANIRO @

  • niwanyu ntimworohewe mugtma mwica abirabure,none muguma muza kutuvyonga kuberiki? twe ntimudukanga kirazira! obama we!raba ubise uyundi abirabure ntaco wabamariye atari kubica gusa,

  • UBWO MUMUJERI BWABAZUNGU BUGUMA BUVYONGA NGO BUZITABIR IBIGANIRO NIBABANZE BAGIRANIRIBI NABIRABURE BIRIGWA BARICWA

  • Uwo mutama Thomas turamuzi kari intwari,naze agondoze ingabo za farawo zireke gutoteza abanyisarayeri

  • GERAGEZ NDAZIKO IVYOBIGANIRO NTACOBIZOVAMWO! NUKWONONA IMITUNGO YIBIHUGU KANDI YOFASHIJ ABAKENE,INFUVYI ABAPFAKAZI

  • Ve muri ivyo biganiro vyurutavanako mwa Barundi mwe. Abandi barara badasinziriye barondera ingene ibihugu vyabo bitera imbere namwe mwama muri sokwe ni ruze. None muzokora ryari? Reke guta inguzu n’umwanya aho n’imihimbiri yose ngo mbwirizwa gutumirwa mu biganiro. Muzoheza mu biganiro. Abandi bariko barubaka ibihugu vyabo. Izo sokwe niruze ntimuzozirya.

    Muzosamara gushika ryari?

  • THOMAS NARABB KO BOGONDOZE IVYO BIKOKO VYAMAZE ABANTU

  • NABANZE AGARUKANE AMAHORO IWABO, YASAZE BAHAYE BICA ABIRABURE N’IMBA ARUMUSAZI TUBIMENYE,ADAKOMEYE AVURWE,MBE ABIRABURE SABANTU,BARIBAGIYE ITUNGA BAKURA MURI AFRIQUE,MBE OBAMA ABIVUGAKO IKI?KO YAHORA Y’IGIRA IKIGATANYA KW’ISI.

  • NABANZE AGARUKANE AMAHORO IWABO, YASAZE BAHAYE BICA ABIRABURE N’IMBA ARUMUSAZI TUBIMENYE,ADAKOMEYE AVURWE,MBE ABIRABURE SABANTU,BARIBAGIYE ITUNGA BAKURA MURI AFRIQUE,MBE OBAMA ABIVUGAKO IKI?KO YAHORA Y’IGIRA IKIGATANYA KW’ISI.

  • Ewe Tari Ntanarimwe Ico Ciyumviro Cawe Kizojwigera Gishikwako Kuk Abagumuts Nibo Batanguy Kwic Abant Babagiriza Ngo Babinyegejemwo. None Washaka Kamwe Ko Mu1996 Bica Abantu Leta Irorera? Ndakurahiye Ubu Ntawuzokora Ikibi Ngo Yijane Yamenyekanye. Abo Bazungu Nabo Turazi Ikibagenza Ariko Ntitubaha! Kiretse Batwubahirije

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.