IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tanzaniya yasabiwe guhabwa ubuhuza mu biganiro vy’amahoro mu (...)

Tanzaniya yasabiwe guhabwa ubuhuza mu biganiro vy’amahoro mu Burundi

lundi 23 Munyonyo 2015, par egide

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri Ouganda yipfuza ko umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni yokurwa mu kibanza c’ukuba umuhuza mu biganiro vy’amahoro mu Burundi, agasubirizwa uwundi, kuko Yoweri Museveni ubu afatiriwe n’ibikorwa arimwo vyo kwiyamamaza, ahiganirwa ikibanza c’ugusubira kuyobora igihugu ca Ouganda.

Mu nama y’umutekano y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu Karere k’ibiyaga binini (CIRGL) yabereye muri Uganda, amashirahamwe ahurikiye mw’ihuriro National Civil Society Committee yamenyesheje ko yipfuza ko ubuhuza mu biganiro vy’amahoro mu Burundi bwohabwa uwundi abifitiye umwanya. Amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’abagore akaba yibukije ko atagikozwe vuba mu Burundi, n’akarere gashobora gushikirwa, mu bijanye n’ihungabana ry’umutekano.

Umuyobozi w’ihuriro ry’abagore bakora akazi k’ubwunganirizi mu mategeko (FIDA-Uganda), Irene Ovonji Odida yamenyesheje ko umuryango wa Afurika y’ubuseruko wari wahisemwo Museveni, ukwiye kuraba uburyo ico kibanza cohabwa Tanzaniya, kuko arico gihugu kimaze kwerekana ko cubahiriza igitigiri c’ibiringo vy’ugutwara, iryo akaba ariryo shingiro ry’ibibazo biri mu Burundi.

JPEG - 20.7 ko
Irene Ovonji Odida, Umuyobozi w’ihuriro ry’abagore bakora akazi k’ubwunganirizi mu mategeko (FIDA-Uganda)

Irene Ovonji yahoze mu nama nshingamateka y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko (EALA) yagize ati : « Niyumvira ko Museveni adakwiye kuba umuhuza kuko arakuze cane. Turi mu gihe c’amatora, ica kabiri, ibibazo mu Burundi vyaturutse ku bitigiri vy’ibiringo vy’ugutwara. Igihugu ca Ouganda sico karorero.»

Irene Ovonji avuga ko umukuru w’igihugu Museveni ata cizere amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri Ouganda amufitiye, agasaba umuryango wa Afrika y’ubuseruko ko ico kibanza c’umuhuza cohabwa Tanzaniya.

Yoweri Museveni ari mu bikorwa vy’ukwiyamamariza kuzosubira gutorerwa kuba umukuru w’igihugu mu matora ateganijwe mu mwaka w’2016, akaba yashizeho umushikiranganji w’ukwivuna abansi Crispus Kiyonga kugira abe ariwe amuserukira, ariko n’uwo nawe akaba ari mu bikorwa vy’ukurondera ingene yosubira gutorerwa kuja mu nama nshingamateka.


IGIHE

Messages

  • Iki Ciyumviro, jewe ndagishigikiye kuko Museven ntaho ariko arakora kugira ikibazo c’uburundi gitorerwe umuti. Magufuli ngira vyopfuma kuko muri Tanzania hari democratie!!!

  • Uri Umumaman wijunja n’ijambo kabisa!ico ciyumviro nico!

  • Aaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii. Yezu duhe umuhuza w’ukuri kandi arimwo inkomezi zawe gusa ntakindi ibisigaye vyose niwewe uzi ivyo abana bawe bakeneye.

  • Aaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii. Yezu duhe umuhuza w’ukuri kandi arimwo inkomezi zawe gusa ntakindi ibisigaye vyose niwewe uzi ivyo abana bawe bakeneye.

  • Kabisa nukuri si akarorero M7

  • Nta bibazo vyacu bizohezwa nabahuza,tutikuyemwoukudadaza .dutegerezwa kugira ico duhevye ku mpande zose

  • EGOME TANZANIA URAVUGISHA UKURIUTARAVYE NKUNZI NTIZOTINYE KUVUGA UKURI AHO KURI MURAMENERA INDA KURWARA UKURI AHABONA

  • Ubusanzwe ni gute umuntu nka Museveni cyangwa Kagame bahabwa imyanya nk’iyo yo kubwira Nkurunziza kuva kubutegetsi kubera afashe manda ya 3 bo bafite manda zirenga izigenwe n’amategeko? Ntibyanagombye na rimwe gutuma Nkurunziza. Ava iwe akajya kwitabira ibyo biganiro hanze y’igihugu cye kuko n’iwe mu Burundi naho byahabera! Atari ibyo bamugira uko bagize Habyarimana na Mugenzi we cyangwa yagenda bagahita bakora indi Coup d’Etat kuko ababikora n’ababigerageje mbere baracyahari. Ndemera rwose 100% ko Tanzania yaba umuhuza w’ibyo biganiro, ntakuntu se Bwana Kikewte yAbigiramo uruhare rukomeye bibaye ngombwa ko P Magufuli yaba ari busy muri office?

  • Aba mama nkaba nibo tuba dukeneye,bijunja n’ijambo batarya umunwa,kandi bafise ubwenge nka salomon wo muri bible kuko nta kuntu umuntu ashaka gupfira kubutegetsi museveni hanyuma ngo harico yohanura uburundi kubijanye na mandat.

  • Ariko NKURUNZIZA PETERO abazungu bamashakaho iki? Ko MUSEVENI yafashe ubutegetsi 1986 akaba amaze guhindura IBWIRIZASHINGIRO inshuro 5 AKABA AMAZE IMYAKA 30 atageka IUGANDA akaba yifuza gukomeza naho KAGAME nawe arangishe mandat 2 GUHERA 2003 nyamara abazi u RWANDA yahereye 1994 KUKO BIZIMUNGU PASTEUR yari AGAKINGIRIZO kandi mbere yuko avaho nawe yarabyivugiye imbere ya BADEPITE bo mu RWANDA yuko yari PREZIDA w’AGAKINGIRIZO ari KAGAME utegeka. None KAGAME amaze kongera guhindura IBWIRIZASHINGIRA bakoresha abaturage ku ngufu ngo basinye, ibiseke n’amakarito birunze i KIGALI ngo ni amajwi yuko KAGAME yakomeza??????
    Ni ukubeshya amakungu,twebwe abanyarwanda tuzi yuko iyo udakoze ibyo FPR ya KAGAME yifuza nturaraho.Barakwihorera ukavuga ariko nyuma y’igihe gito ikiziga cy’iwawe bakagisanga mu gisagara, mu rutoke ngo abagizibanabi...ni danger kwa KAGAME ntibazababeshye ni dictature gusa gusa ITERABWOBA FPR irega FDLR irikoresha mu RWANDA dans le silence.
    KAGAME ngo azategeka u RWANDA kugeza muri 2034 kandi FPR itera u RWANDA yavugaga yuko mu RWANDA nta DEOMOCRATIE, none yatweretse yuko DEMOCRATIE ari IGITUGU, GUCECEKESHA ABANTU,GKWIGIZAHO UMUTUNGU,GUTONESHA ABATUTSI bavuye i BUGANDA kurusha abavuye I BURUNDI na CONGO naho abo mu RWANDA twabaye IKIRARO cya BUSINESS ya genocide ya FPR. FPR yaje ivuga ngo ije gukuraho IKIBAZO CY’IMPUNZI MU RWANDA none impunzi zo mu RWANDA zikubye inshuro igihumbi hari ABATUTSI batarenze ibihumbi bitandatu hanze y’u RWANDA none impunzi z’abanyarwanda zirarenga ibihumbi MAGANA N’AMAGANA. FPR ya KAGAME ni FEKE, NI ABABESHYI,ABATEKAMUTWE.. GUSA
    NKURUNZIZA PETERO bamushakira yuko adashaka yuko bakomeza kwiba UMUTUNGU wa nNICKEL YA MUSONGATI yimye ABAZUNGU no kuba U BURUNDI bwaba intandamyi mu kwiba UMUTUNGO WA CONGO KAGAME n’abantu bakomeza kwiba no kwibira ABAZUNGU
    NKURUNZIZA ntabwo ari UMWERANDA ariko ushyize ku munzani afite amakosa make cyangwa UBWICANYI KAGAME NA MUSEVENI bakoze mu BUGANDA , RWANDA NA CONGO
    TANZANIA NIYOBORE IBIGANIRO KUKO ARI IGIHUGU KIRANGWAHO NA DEMOCRATIE naho KAGAME na MUSEVENI ni LOBBIES ABAZUNGU BABAKORERA KUKO NABO BABIBIRA ZA ZAHABU, DIAMAT,GASEGERETI MURI CONGO
    TURIFUZA TANZANIYA NGO IBANDANYE IBIGANIRO BY’I BURUNDI

  • None mwarimwarindiyiki? Arusha iracariho nubu.

  • NAJEWENDASHIGIKIYEMAGUFURI DEMUKARASI IRIMURITANZANIYA, KUKU, BARAMAZEKUMENYAKO NABARYABIGABAKENEYEGUTWARA, MUBONA, TUZORONKAUMUHUZARYARI? KUGIRAIBINDIBIHUGUBIDUHURUMBIRE MUKWIFUZAKOTWOBAHUZA ? TWARITWABAYERURANGIRANYWAMUMAKUNGU, MUVYUMUTEKANO, NONE, IWACU, NTIBITUNANIYE? NYAKWUBAHWA, UYOBOYEUBURUNDI, UBU IBIGANIROSIBIBI, ARIKONTIBIBENKIVYABAYE, KURINDADAYE? RABA, UKUNTUBUYOYA, YAKUYEMWOAKARENGE, NAWEWEABEARIKUGENZA, ABONABOBAHARANIRA INYUNGUZABO, UBAHEBERE, KUKOWARAKOZE, TUZOKWONGERA, ABANYAGIHUGUTUKURINYUMA, IYOBIJAHOSEUGUMAURUMUTWARE, MUGATURONKEAGAHENGWE, MANA MANA,KORERAMUBATEGETSIBUBURUNDI, GUHERAKUBATOBERA, ABANDI GUKAMUBANYUMBAKUMI, NDASENGEBOSE, YOWERI2, KUMURONGO25, MATAYO7,KUMURONGO7, MURAKOZE

  • Tanzania niyo iyoboye u burundi muribuka ko Tanzania yahaye abarundi bagera ibihumbi 40 nationalite. ariko ubutegetsi buriho bakorana niki gihugu byahafi ntabwo I biganiro bizagenda neza hazabaho guhengema. Ibi bizadindiza I biganiro hagati yabatavugarumwe. Bareke Au ihagarire I biganiro kugirango I biganiro bizoshike kuntego amahoro agaruke mu gihugu. Imana ibibafashemo.

  • Ni babihe Kenya iyobore kuko na Tanzaniya yagiye ishigikira Petero Nkurunziza. Kikwete aumoins.

  • ntakuri kuri muvyo yavuze kuko impande zose zaramwemeye museven ko yobabera umuhuza ariko ico ndamwemereye arafise imivuba yamazuru.

  • iman niyo mujenam turihend tuseng gus ikor ibitangaz nayahand abant ntakunt

  • ikind novuga uwu mumaman ndamushimiy ashishikar akwirikiran hob babiri nkab ntoteb tugatahur ukur ahokur ahezagigw

  • Nibare Bibere Muritanzania Nakare Niho Vyari Vyabereye Turabekwamahoro Yoboneka Hamana Fasha Uburundi Dusubire Gusangira

  • Turiyamirije Tanzania, ivyabo turabizi. Kwanza na Museveni nabivemwo, turondere igihugu kitari ica Africa kuko abanyaafrica iyo baba bari capable ntakuntu génocide iriko iraba bobandanya barorera.

  • Ewe Burundi waragowe, ntawutazokwigera. Ewe gihugu c’uburundi ugeze habi. waraphumywe ntiwaphuye, warahabishijwe ntiwahahamuka, uhagurukana uhagurukana ................abahuza b’i TANAZANIA.
    Wait and see

  • Nguyu rero Mama Régionale atavugira muvumbi kumuvumba.Ico ciyumviro nico.Abatari bake ntitwabona ingene umuhuza yoshobora gutanga ico adaha igihugu ciwe, bikatuyobera.Be blessed Regional mumm.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.