Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Burundi ,ihuriro ry’ibihugu vyo mu karere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > U Burundi ,ihuriro ry’ibihugu vyo mu karere

U Burundi ,ihuriro ry’ibihugu vyo mu karere

mardi 8 Nzero 2013

Gushika mu mwaka wa 2025 u Burundi butegekanywa kuba ihuriro ry’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini biciye mu nyubako zo mu gisata co kwiyunguruza.
Kubera ivyo rero, imigambi y’igihugu niyo akarere yaratunganijwe kugira ngo igihugu kibishikako
.

Mu migambi y’igihugu yateguwe gushika mu mwaka wa 2025 harimwo kwubaka ikivuko ca kabiri co mu Rumonge,kunagura ibikoresho vyo ku kivuko ca Bujumbura,gutunganya neza ikivuko ca Bujumbura mu bijanye n’inyubako,kuba habonetse ubwato bwo kurondera no gukinga impanuka,kurondera ubwato bwihuta buzotwara ingenzi ku kiyaga ca Tanganyika.

Mbere vyinshi bizokwubakwa muri Bujumbura nk’inyubako mpuzakarere zitandukanye. Muri izo harimwo ibarabara ry’indarayi rizohuza Dar-es –Salam-Kigoma,gusanura ibarabara ry’indarayi rihuza Lubumbashi-Kalemie,guteza imbere ibivuko vyo ku kiyaga ca Tanganyika biri I Kigoma,Kasanga,Mpulungu,Kalemie,Kabimba na Kalundu,guteza imbere inyubako z’ibibuga vy’indege biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hamwe no guteza imbere ibibanza vy’ingenzi biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.

Ibi rero bikaba bije gutanga inyishu ku bibazo vy’iterambere mu bijanye n’ubutunzi n’imibano mu gihugu.Igihugu c’u Burundi gifise amabarabara angana ibirometero 11 ariko ayo mabarabara akaba ashaje kubera iyatari make adakozwe mu buhinga bwa none.

Mu bijanye n’ingendo zo mu ndege uburyo bakoresha ni uburyo bwa kera bukaba butemewe ku rwego mpuzamakungu ruraba ibijanye no kwiyunguruza mu ndege.
Itunganywa ry’uburyo bwo kwiyunguruza m’u Burundi butameze neza rero buri muri bimwe bituma ibidandazwa vy’u Burundi bidashika ku masoko mpuzamakungu ariko hari umwizero ko bizoba vyahindutse gushika mu mwaka wa 2025.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.