IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA imenyesha ko itazokwigera yemera ko hasubira kuba ihonyabwoko muri (...)

UA imenyesha ko itazokwigera yemera ko hasubira kuba ihonyabwoko muri Afrika

vendredi 18 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ritazokwigera risubira kwemera ko ku mugabane wa Afrika hasubira kuba ihonyabwoko.

Abicishije ku murongo ngurukanabumenyi Tweeter,Smail Chergui komiseri ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yavuze ko ingingo zafatiwe mu nama idasanzwe y’ishirahamwe ari uko ubwicanyi mu Burundi buhagarara vyihuta.

Muri iyo nama hemejwe ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ritazokwigera ryihanganira ko ku mugabane wa Afria hasubira kuba ihonyabwoko nkiryabaye mu Rwanda aho abantu bashika umuriyoni bishwe.

Muri iyo nama kandi harigiwemwo nimba horungikwa abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika boza gufasha gukingira amahoro n’umutekano mu Burundi.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi babandanya kumenyesha amakungu ko ata honyabwoko rishobora kuba mu gihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.