Accueil > Amakuru > u Burundi > UA:Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yokwumvikanwako n’abo (...)
UA:Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yokwumvikanwako n’abo vyega bose
lundi 15 Ruheshi 2015
Inama y’amahoro n’umutekano y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika imenyesha ko ikurikiranira hafi ibibera mu burundi.
Inyuma y’inama igira 515 y’umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,inama y’amahoro n’umutekano yamenyesheje mu cegeranyo yasohoye kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi ko,ishimira umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu twigoro agira mu gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.
Inama y’amahoro n’umutekano imenyesha ko ishigikiye iciyumviro c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ko ibiganiro n’umwumvikano arivyo vyo nyene bishobora kugarukana amahoro n’umutekano mun gihugu c’Uburundi,biciye mu gutsimbataza intwaro rusangi na Reta y’amategeko.
Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yoshingwa habaye ukwumvikana hagati yabo vyega bose,kugira ibisabwa vyose bibioneke mu ntumbero yo kuja mu matora yizewe na bose,yitabwe na bose kandi abaye mu mahoro.Iyo nama isaba kandi irungikwa ry’abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afriak mu bijanye n’agateka ka zina muntu.
Inama y’amahoro n’umutekano isaba kandi irungikwa ry’abahinga muvya gisirikare kugira bakurikiranire hafi bari kumwe n’abo vyega bose,ikurwa ry’ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira,hamwe n’irungikwa ry’umurwi wishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ukurikirana amatora,mu gihe ibisabwa kugira habe amatora meza vyoba vyabonetse.
Messages
15 Ruheshi 2015, 10:41, par Ndag_Pacifique
bagerageza guhanura nuko babwira uwutumva kubera azi ivyo yateguye hamwe na cni yiwe.niyumve impanuro bamuha,nayo kubona twoja muntwaro mfata kibanza niwe yabiteguye ntasubire guhenda abarundi namakungu.dushaka amatora ateguwe neza mugihe carico cose hamwe namahoro kubarundi bose
15 Ruheshi 2015, 11:05, par Iyumenya
UA nabo nyene wogira ngo ntabwenge bafise none kuva aho baakavugiye ngo amatora ategugwe neza bababariye ko ikibazo ari amatora canke ikibazo ni manda ya gatatu ya NKURUNZIZA PETERO,mubona bo batagwaye mu mutwe nka Petero Nkurunziza!!!!!!!!!
15 Ruheshi 2015, 12:04, par BONAVA
KUVA KERA N’IMYIYEREKANO ITARABA MWIBUKE UKUNTU ABATAVUGA RUMWE NARETA BAGUMA BASABA IBIGANIRO RETA IKADADAZA KUGEZAHO BINJIRA MU MYIYEREKANO NONE IBINTU VYONONEKAYE NABAPHUYE UBONA BAZOBAZWANDE!!! RETA TURAKWINGINZE NTUSUBIRE KUDADAZA!! PETER NASOHORE ITANGAZO RIHAMAGARA IBIGANIRO MUBIGIRE MUDACENGANA AHANDIHO IVYOTUBONA MUGUMYE MUBAKUMIRA HAZOHERA IMYIYEREKANO HATANGURE IBINDI BINTU NTIRIWE NDAVUGA MUZOBITORERA UMUTI ABANTU N’IBINTU VYAHATIKIRIYE!!!!
15 Ruheshi 2015, 12:10, par ASMAN
Mwumvise ko ikibazo camanda ko kitavuzwe vako vyaheze
15 Ruheshi 2015, 12:36, par Kirama
Amatora Ntashoboka Mugihe Amategeko Arikwahonyangwa Numukuru Wigihugu Kandi Ariwe Yarajejwe Kuyakingira .Ntakundigihugu Ntakunda Nabanyagihugu.
15 Ruheshi 2015, 12:51, par Jane Ane
Iyi Ngingo Niyo Nibumvikane Kugra Amatora Ntazob Yo Gussa Amaraso Ahubwo Ab Yo Gukomeza Democratie N,itramber Mu Gihugu.Alors Le 29/6 C,est Conventionnelle Ou C,est Forcing?
15 Ruheshi 2015, 13:08, par moïse
ahaa!murabisaba ariko peter na nyamitwe wiwe batabishaka mama dufashe abarundi ubahe amatwi yumva kandi abarundi turakeneye amahoro.
15 Ruheshi 2015, 13:09, par moïse
ahaa!murabisaba ariko peter na nyamitwe wiwe batabishaka mama dufashe abarundi ubahe amatwi yumva kandi abarundi turakeneye amahoro.
15 Ruheshi 2015, 13:52, par RuKundo
none n’amakungu nayo aratinya amatora yo mu burundi? mbona bikwiy ko borindisha abatariyamamariza ku mugaragaro canke babahe uburyo bw kwiyamamaza kuko umenga niyo ngorane bagisigarany mais sinz ko har ico bosha bokora kuk abandi bateguy terrain bihagij.akagoh ku makungu,hari abanyepolitike muzoguma mukwegera mu matora mugahakwa kubona amaboko yabo aracitse.None nimba nka Nyangoma. leonce na sinduhije muvuga ko bategerezw kuja mu matora ,sinobizeza nk’umurundi ngo bazoza kiretse igikona gihinduye costime.gerageza mugabo calendrie. elect.sinohanura ko mwoyikomakomz mudashak ko igihugu kigir ingorane mwebw nk UE,UA mudashobor kuva imbere.
15 Ruheshi 2015, 17:54, par J.LUC
ahaa!ubuho ngira yo kwumva na africa iramukuyeko amaboko,peter rekura iyo manda.
15 Ruheshi 2015, 21:02, par Ildéphonse Kumavu Ntiburumunsi.
NK’UMURUNDI YUMVA KO ATUNGANIRIJE,TURASHIMA CANE IYONGINGO KUKO MUR’IKIGIHUGU CACU,HARIHO BANTAKOMWAKOMWA UMENGO N’ICABO BONYENE.MUNTUMBERO Z’UMUTEKANO,NIBUBAHIRIZE IYONGINGO,KUKO KANANIR’ABAGABO NTIYIMYE.ABO BA CNN DDF NIBATEKEREZE KUKO IGIHUGU S’ICABO BONYENE.
16 Ruheshi 2015, 12:16, par Hanugwa Wumve
Imbonerakure Ngaho Muragowe Zankoho Adolphe Yabaha Zirafashwe!Hama Abitez Amatora Le 29/6 Tegura Ayandi Maprogrammes Amatora Ntakunda!Mwitegurire Gusa Urupfu Gwa Nkurumbi Kuko Ivyo Biganiro Bigiy Kubo Nico Bizovyara!Petero Bye!Bagumyabanga Namwe Condoléance Kweli
16 Ruheshi 2015, 12:26, par VITAL
ABOHANZE BARARONSE AKAZI ATAGAPFUYE NTAGAKIRA ABO BAGUMUTSI BARATANZE (IKIRYO)
16 Ruheshi 2015, 14:02, par B.F
Ivy Peter Nkurumbi Yateguy Ameny K Bizwi Ivw Yihutish Amator Niyitond Ntanz Irik Irash Atorer Inyish Ibibz Vyos Hanyum Ategur Amator Yiw!Mugb Sinz...
16 Ruheshi 2015, 19:33, par jizari
mbonadupha ubusa icotwokoranugusenga imana.yonyene.tukarka kuko irabibina izovyikorera twe ntibituraba.ikonigikorwac’imana.
17 Ruheshi 2015, 18:57, par Fediyasi nduwanungu
Emwe,naho amakungu yoza abo ntibemera namba kuja mumatora guko baratinya uyomugambwe uri kubutegetsi kuko babona yuko ataci bohanoba namba.mbe,imisi yarihaciye bigije ikiringo camatora nigito?nibareke kwitwaza ibidashoboka batwima amahoro mumitima abarundi turenga 8.000.000 turatekanye cane kandi turindiranye igishika amatora tuze gutora abo dyshaka.