Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububiligi bumenyesha ko butewe impungenge n’amatora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububiligi bumenyesha ko butewe impungenge n’amatora y’umukuru (...)

Ububiligi bumenyesha ko butewe impungenge n’amatora y’umukuru w’igihugu

mardi 21 Mukakaro 2015

Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders,amenyesha ko atewe impungenge n’itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’uwo mushikiranganji,amenyesha ko amatora y’umukuru w’igihugu adakwije ibisabwa kugira abe amatora yitabwe na bose kandi abaye mu muco,kugira abe kandi amatora atorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

Umushikiranganji Didier Reynders yizeye ko ibiganiro vyatanguye bihagarikiwe n’Ubuganda bizotuma haba ukwumvikana hagati y’abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi,kandi bizofasha kwubaha Reta ishingiye ku mategeko,intwaro rusangi n’agateka ka zina muntu.

Reynders amenyesha ko atewe impungenge no kubona ayo matora yatunganijwe kandi ibiganiro nyezina bitaratangura.

Ububiligi busaba igihugu c’uburundi gushiraho icuka co kwumvikana no guha ikibanza bose kuko arivyo nkingi y’amahoro mu Burundi,nkuko biri mu masezerano ya Arusha.Ububiligi bumenyesha ko bugiye kwiga uko bwofasha Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Didier we akagayo abarundi bamwebamwe dufit kararenze!mugabo nyamwankakumva yabwiwenuko amaso atukuye!reka turindire iyobitera bija!!kumbure nkeka bafatako tutazi guharura mutarabir kuva2005-gushik2015 lmyaka lrimw?

  • kirimwabagabo abo nabo bazoza kuko barahenzwe na oposition

  • NONE GA DIDIER UZOGEZA RYARI KUGIRA IMPUNGENGE?MANYINA SHA INKOTO NTIZIGOMBA ZIKAMARANA.IYO HABA MURI LIBY MUBA MUZA MWARAHAGEZE BURYA UMWUKO NI IKIRIKO.

  • None gushiraho icukaciza bisigura kudakora amatora kugezanaho ikiringo abenegihugu bahaye inzego zirongoye igihugu gihera atayandimatora abaye? Jewe ivyosindabibonamwo ingorane, ahubwo inyumayamatora nihohazobariheza kuganira nogukuraho icocukakibi kirihagati yabanye politike.

  • NDI UMURUNDI MUSHA JEWE KIMWE NUKO SHIMA IVYABAYEKANDI NEME UWUTWARANEZA SINZI ABAVYANKA MURABEHO

  • Didier n’abandi bakoroni,

    Urwo rwamo ko mutaruvuza kuri Kagamé canke Museveni, murahenda abandi. Twarabahinyuye.

    Vyarabananiye guhonya Abahutu none ntaco mutitwaza. Impongo ihotora ihigwa.

  • mbega none ko afise impungenge nyinshi, hatorwa umukuru w’igihugu kihe? ni uburundi canke ni ububirigi. ubwo ni ubwibone n’akagaye. bagira basube aka 13octobre 1962.

  • None Ga Didier Ntimwofat Ingingo Yokuyafut Hagatunganyw Ayahumuriz Abarund Tukaronk Amahor?

  • Je Mbona Mwobireka Uko None Namba Abenegihugu Bamwitoreye Mwumva Gute?

  • Abo bazungu Bose burusaku kumtora yumukuru wigihugu cacu c’uburundi kumengo yabateye ikibazo ubwo ntiboba bagwaye ibivigunyi? Erega babwire ko uburundi bwikukiye bimaze inyaka 50. Nibagomba ntibazomwemere kuko twebwe turamwera cane goooseeee!

  • ababiligi rekakwitezutunyoni ngo mufisimpungenge kubirikobibera muburundi ahubwo mukwiyekuja imbere yubutungane kuku iyo prevenire yubukoroni bwanyu abandi ubukoloni bwabazaniye guterimbere ariko mweho mwatuzaniye indyane zamoko ibibyose nimwebwemukwiye kubibazwa

  • Turashima intererano zanyu mai mwova mumajambo mukaja mubikorwa!?

  • Turashima intererano zanyu mai mwova mumajambo mukaja mubikorwa!?

  • NANJE NDABASHIGIKIYE NIBAJEHAMWE BUMVIKANEBOSE ABERWA NA MATORA HAMA TWITORERE INDONGOZINYAYO ATAGAHATO

  • Erega ni ukubumva,i wabo nta matora abayo,raba abatwara bose mu bu biligi,c’est le pouvoir de père en fils,abanyagihugu baho babohewe amaboko i mugongo na politique yabo ntibazi namba,nibatuvire mu gihugu,nibugare ambassade batahe utwo tugomba twadukolonije.Ntibitangaje kubona batera akajagari i wacu babayeho abo ba francofone barya umu flammand bamwicayeko,ntibibatangaze kubona bashigikira abatutsi,ni imburakimazi nkabo.Aba flammands bagowe ayimbwa aribo binjiza amahera mu gihugu gushika aho babiganzura,nubu ce n’est pas fini,reynders narye utwo asahura aba flammands atuveko

  • Ububirigi Niburabe Nyabuna Ukobwofasha Uburundi Kuko Abanyagihugu Baharonkera Akarusho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.