Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi : Amatora yabaye si ayazotuma ingorane zihera mu Burundi
Ububirigi : Amatora yabaye si ayazotuma ingorane zihera mu Burundi
mardi 30 Ruheshi 2015
Icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders avuga ko amatora yabaye mu Burundi atubahirije ivyasabwe n’amakungu.
Ububirigi rero buvuga ko Uburundi bwirabiye hirya y’ivyasabwe vyose n’amakungu yaba ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, Afrika y’Ubuseruko, kandi ivyo vyari vyasabwe bikaba arivyo vyari gutuma icuka ciza kiboneka muri iki gihe, co kimwe n’ugutegura amatora meza, yizewe na bose kandi abereye ku mugaragaro. Ububirigi bumenyesha ko amatora y’abahanuzi b’amakomine n’abashingamateka yabaye, atari amatora ashobora gutuma indyane zihera mu Burundi, ahubwo Ububirigi bukabona ko ayo matora azotuma haba indyane kuruta.
Uwo mushikiranganji akaba amenyesha ko igihugu ciwe kizobandanya gifasha mu kunywanisha, agasaba Reta y’Uburundi guha agaciro ivyasabwe n’inzego z’Ubumwe bw’Afrika na ONU.
IGIHE
Messages
30 Ruheshi 2015, 07:50, par mahoro
Aba bagabo ibibaxo ningorane turimwo bazifisemwo uruhara kurugero rwa 90% turavye ibihugu vyose bokoronije bifise ingorane ariko tunatereze amaso kubihugu vya koronijwe nabongereza nka Tanzania uganda kenya zambia nahandiurabona ko hari ubudasa ariko raba centre afecan congo k rwanda nuburundi menge twaravumwe kubera imbuto mbi aba birigi babivye muri bene bihugu bahoze bategeka.
30 Ruheshi 2015, 07:55, par Ntawe
Amatora Agawe Na Bose,kiretse Nyabenda Na Ndayicariye,azovamwo Iki? Igikenye N,akagaye Bizngeza Igihugu Habi. Ariko Na Kadafi Yari Akomeye!
30 Ruheshi 2015, 08:04, par BURUNDI
WAVUGA WAREKA ABA DD NINTUMVA BAKWIYE UWOBAJANA KWA ROJANTI KUKO BAGWAYE IBISAZI
30 Ruheshi 2015, 08:40, par Justice KURIBOSE
Ndizey k’amakung atagiy kurera amaboko,kand ighugu gikenye nk’uburundi nticar gikwiy kwigira ikinani,Kaddafi yari yitunganij gusumba HERODE arko yapfuy nk’imbwa,kuki abarongozi bakunda kwemera biboneyeko?
30 Ruheshi 2015, 08:42, par JEAN
EMWE NIMUPFE KURUTA ABABA.DD UME ISI BARAYIRANGUYE ARIKO BARAKWIYE KWIKEBUKA UVUMWA NABENSHI UGATOTA KANDI INTABWIGWA YABARIWE NUKWAMASATUKUYE MBE AYORA ASHIMWA NANYABEMDA.NA NDAYICARIYE GUSA AYONAMATORA?
30 Ruheshi 2015, 09:03, par simbikangwa
Abo babirigi turabiyamirije nibo batuzaniye amacakubiri mu gihugu,ahubwo tubajane muri CPI babazwe urupfu rwa RWAGASORE
30 Ruheshi 2015, 09:05, par mutabazi
Ntawe ubuza imbwa kumoka. Amatora yabaye mumutekano. Abanzi b’amahoro baragaragaye ko batinya amatora.
30 Ruheshi 2015, 09:37, par VITAL
ABO BAGABO IKINTU BADUHIGAKO NTACONZI KOBAGUMIJE AYOMAFASHANYO YABO BARIBAZI KW’ATAZOBA NIBAMARAMARIRE HIYO
30 Ruheshi 2015, 09:45, par kelly
Erega uwo mugabora arasara mb muburundi butwaga nububirigi?narek kudusamaz twibandanyiriz amator niyaba avugir abatutsi arabatwar iwabo ndumv arashigkiy pacific na leonc zantumva
30 Ruheshi 2015, 09:50, par Mumpe
Zishahurwa ziboroga
30 Ruheshi 2015, 10:01, par Kaneza
NTAYO DUSHIGIKIYE NABATOYE BATOYE KUBERA UBWOBA BABABWIYEKO BADATOYE BABARASA, stupid CNDD
30 Ruheshi 2015, 10:07, par james
mbeg izombiligi atarukuturyanisha harikindi amatora azobandanya kandidutegerezwa kuyitaba.mukinda mugaramye amatora arabandanya.
30 Ruheshi 2015, 10:07, par james
mbeg izombiligi atarukuturyanisha harikindi amatora azobandanya kandidutegerezwa kuyitaba.mukinda mugaramye amatora arabandanya.
30 Ruheshi 2015, 10:47, par Pays Natal
Mbega abo bantu bavuga ngo amakungu ntazorera amaboko ayo makungu bagomba abe ariyo abazwa ivy’Uburundi kandi bwarikukiye? Jew ndamaze kubona umugabo ahanuza abagenzi iyo bimugoye mugabo sindabona umugabo ahamagara uwundi mugabo ati ingo mu nzu umfashe jewe vyananiye. Rero aba canke bariya sibo bazotunganya ivy’Uburundi twebwe twabiretse. Mbega iyo hari ibibazo vya poritike mu Bubirigi canke ahandi, hoba hari igihugu ca Africa gihora kigenda gutanga intumbero y’ukwo vyogenda i buraya canke ahandi ngo mukimbarire? Va i buzimu muje i buntu ukwikukira afrika yaronse tuguhe agaciro. Abazungu ko baduhanura canke bakadushigikira muri ibi canke biriya ni vyiza, ariko ijambo rya nyuma n’iry’ABARUNDI UBWABO. Kurya abazungu ivyabo babigira ivyabo nyene reka natwe tugerageze gufata ivyacu mu minwe niho tuzoshika kw’iterambere rirama rya afrika.
30 Ruheshi 2015, 11:00, par NIJIMBERE
IVYO TURABIMENYEREYE AGAKECURU GAHISHIJE NTIKABURA ABUZUKURU ;URWO RUKUNDO RWANYU TWARABONYE AHO RUHENGAMIYE TUGURIRE NEZA IMARI ZACU MUREKE KUTWIBA MWITWAJE IGIKENYE KUBERA MUZI GUKOKEZA CANE.MBEGA MUZA MWIBAGIYE ABA WALO NABA FARAMA AHO IWANYU MU BUBIRIGI KO ATA NDURUNKIZI AMAKUNGU YABAVUGIRIZAKO.KO MUDAKURA ABA SOMALI MUMAGOGWA BARIMWO KANDI MUKAZE !
30 Ruheshi 2015, 11:01, par NIJIMBERE
IVYO TURABIMENYEREYE AGAKECURU GAHISHIJE NTIKABURA ABUZUKURU ;URWO RUKUNDO RWANYU TWARABONYE AHO RUHENGAMIYE TUGURIRE NEZA IMARI ZACU MUREKE KUTWIBA MWITWAJE IGIKENYE KUBERA MUZI GUKOKEZA CANE.MBEGA MUZA MWIBAGIYE ABA WALO NABA FARAMA AHO IWANYU MU BUBIRIGI KO ATA NDURUNKIZI AMAKUNGU YABAVUGIRIZAKO.KO MUDAKURA ABA SOMALI MUMAGOGWA BARIMWO KANDI MUKAZE !
30 Ruheshi 2015, 11:04, par inamahoro diane
ikirengeye ivyo vyose nuko Imana yacu ari nkuru burya kubaho utazi igihe cawe co gupfa kirya nigitangaro Imana yashize imbere yabantu mwige guca bugufi kuko ntawavuganye n’Imana ngw’imubwire igihe azomara kwisi
30 Ruheshi 2015, 11:30, par Niyongabo
Dutabare turagowe
30 Ruheshi 2015, 11:53, par minani
Déception à toi Didier Reynders, l’ennemi des Burundais!! Tu n’as jamais souhaité que les Burundais vivent en paix, tu as fais le tous pour tuer les burundais,... Tu croyais que les élection démocratiques n’auront pas lieu au Burundi sans l’aide de ton pays. Tu es désillusionné, le Burundi est bien un pays indépendant et capable de survivre sans vous les occidentaux. Que cela te donne une leçon!
30 Ruheshi 2015, 12:04, par Mbaraka
kwahiyo kma huwo uchaguzi uliyo fanyika hapo inchi burundi mnasema kwamba hauwezi kusaidia kiti chochote.?
30 Ruheshi 2015, 12:32, par Nkwavu Venant
Iyi leta ntivyumva yica amatwi kandi ataco yirengeje!ntacoyo kwifasha!bandanya musemerera kugira uburundi butabarwe!
30 Ruheshi 2015, 12:39, par amissi
Namwemurimo amahinyu abazungu l’affaire sadamuuseni Uyo ngurunziza yobananiragute nimumuhagarike amatora yumukuruwigihuataraba niweakoresha seniors de oui nimumuhagarike d’ami n’abandonne mwarabashoboye iciyunviro canje nico
30 Ruheshi 2015, 12:45, par Ntwari Jean
Mwabantu None Ntawusomera Basemera!!!Muzokwumvirayo!
30 Ruheshi 2015, 12:46, par Ntwari Jean
Mwabantu None Ntawusomera Basemera!!!Muzokwumvirayo!
30 Ruheshi 2015, 14:00, par CLAVER
none kuberiki leta y’uburundi itumvira? jew nibaza ko badatahura ko igihugu c’uburundi atari icibare c’umuntu ahubwo ari ica twese! nohanura umukuruw’igihugu ndamubwira nti: " kananiye abagabo ntiyimye kandi agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona" bonne comprehension
30 Ruheshi 2015, 14:15, par mahoro
Nimuhanure abarongozi banyu baze baje mumabanga yigihugu none ko mwidogera aba DD mukaba ukibarekeye mwibaza ko bagiheba ayo makungu mubuga arababesha raba ivyo bakoreye urwanda niho muca mutahura ko ata bucuti mufitaniye nabazungu nibaze baje munama nshinga amateka manama ya komune bajindure ibintu mumahoro nayo muzokwama muvugira mubinyamakuru gusa abandi bariko basonga imbere.
30 Ruheshi 2015, 14:50, par da
@ Pays Natal
Ibyuvuze n’ukuri kandi niyo nzira iboneye yo gukemura ibabazo no kubona umuti urambye ku ibibazo by’Uburindi. Komerazaho utange impanuro zirimo ubwenge, zizira amacakubiri ashingiye ku moko. Afrika ikeneye abantu kawe, kandi barahari.
30 Ruheshi 2015, 14:50, par None?
Harumintungaha avuzengo ibihugu bigize urunani rwoguteza ivyago ibindibihugu ngovyasambuye Sadamu Husente ngonone Nkurunziza (u Burundi) ngonibizobananira? Rekandakubwire utuntu tubiri: Umurozi yarishinze araronga arikonyuma yagiye gukorwako nuruyoya, ikindi abobagize urunani rwibihugu bizabirasambura ibindi ahobagiye barabigirahose hangiye harasigara ingorane zibi gusumba nizaruzisanzwe. Umva nkuwokwemera agatererahanzwe DD akazanuyundi wibaza kovyomworohera?
30 Ruheshi 2015, 16:01, par Bakari
@Pays Natal
"Kurya abazungu ivyabo babigira ivyabo nyene reka natwe tugerageze gufata ivyacu mu minwe niho tuzoshika kw’iterambere rirama rya afrika."
None ko tutaramenya n’ugucura urushinge urabona tubigereranya ko abo bazungu? None ko budget yacu bayifasha gushika kuri 50%, urabaza ababirigi uwubagurana mu kwubaka ibarabara ryabo, canke chemin de fer utibagaiye za tramways?
30 Ruheshi 2015, 16:27, par Nshimirimana.
None ayo matora yari kwungururizwa kuyihe sango yubahiriza ikiringo c’inzego zigira zirangize igihe?abanye politike b’uburundi baraduhenda!vyakozwe rero.
30 Ruheshi 2015, 19:09, par ntiwihebure
urabona ivyo vyara vy’ugwo rugabo umenga ni ikibambankwavu kiguma kireretse ivyo gisahura, muburundi ntavyo ukihatora none mugeze gukoroniza uburaya nabwo. ariko muraraba neza ntamurundi murabona muba clandestins canke muba terroriste. ibihugu vyose vyakoronojwe n’ububirigi birangwamwo ubukene amacakubiri ubwicanyi n’amahonyabwoko gusa. n’uburayi buragaba,burasambutse bidatevye. bipfuza kugira cosovo kumutima wa Afrika, ariko bazosanga bagize somaliya mukwaha kwa buraya. abagira ngo sindi umuja, bagumye mubuja bw’umukoloni. uwanka ivyo yanka vyose nomushigikira avavanuye n’ababirigi, kagame no guturira abantu. kandi iyo bitaba ivyo, abantu nka bose bomushigikiye, amabuye ntiyonaniye urunani yoteruwe, vyanse agatembagazwa. indépendance ahubwo igira ije yaba yo nyayo, erega ntayari yarigeze. ntamwana nawe, uko abacoloni bamye bikinga inyuma ya catolika, ubu pdc ntayikihari, kandi ataravye neza arakamira mucoze abasilamu.
1er Mukakaro 2015, 02:35, par HERESWI
MWA BA DD NZOSHIMA KO MUKOMEYE MUDUHAYE AMAHERA Y’AHO TWAHAGARIKIYE AMATORA NDABE IYO MUYIBA NATWE TWARAHIYE KO ATABONETS ATAYANDI TUZOHAGARIKIRA
1er Mukakaro 2015, 06:40, par BUCUMI LEONARD.
IWABO AMATORA ABAYE INGORANE ZICA ZIHERA?MBE HACA HABA IPARADIZO NABANZE AHANURE NIWABO ZIRIKO ZIRASHA.
1er Mukakaro 2015, 08:12, par ngiyekuza
barundi inyishu izova muri twbw apana mu makungu. duhaguruk tugire ico dukoze hama twubake uburundi bushasha
1er Mukakaro 2015, 10:26, par ABDU MAN
JEWE NUMVIRIJE IVIYUMVIRO VYANYU NUMVA MUVUGA MUTI: MU BURUNDI UWUSUMVYA IITUGU UWUNDI NIWE AZOGUMA ATWARA. NTA KURI.UBUNTU N’UBUTUNGANE BIZIGERA BIHABA!