IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika bubona ko inteko mvamakungu zitagikenewe mu (...)

Ubumwe bwa Afrika bubona ko inteko mvamakungu zitagikenewe mu Burundi

lundi 27 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo rwabo mu Burundi, abaserukira akanama k’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bagarutse ku kibazo c’inteko uwo muryango wari wipfuje kurungika mu Burundi mu mwaka uheze.

Lazarre Makaya Safouese yari arongoye izo ntumwa yasiguye ko inteko zishika ku bihumbi bitanu ata gituma c’ukuzirungika mu Burundi kigihari.

Yagize ati : "Ubwigenge bw’igihugu butegerezwa kwubahirizwa. Ikindi naco n’ukuraba ukw’ibintu vyifashe muriki kiringo. Reta yaragize utwigoro tutari duke nta n’umwe yobideha. Ariko haracari ibindi vy’ukwongerako kugira icuka kibe ciza kurusha. Ubu ico turiko turasaba n’uko hoza abahinga muvya gisirikare n’abajejwe agateka ka kiremwa muntu. Ubu ntitukiri kuri ca ciyumviro ca MAPROBU y’abasirikare ibihumbi bitanu. Ibi bitumwa n’uko hari ibiriko birahinduka buke buke. Ukw’ibintu vyari vyifashe mu misi iheze siko bikiri bigatuma natwe duhindura ingendo."

Nk’uko tubikesha VOA, ibishikirizwa na Safouesse ntivyakirwa neza n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi. Léonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu we abona ko imvo zari zatumye hiyumvirwa izo nteko n’ubu zikihari. Kubwiwe ngo izo nteko nyabuna ziracakenewe.

Ikindi kibazo cagarutsweko muri ico kiganiro, ni itosekara ry’imigenderanire n’ukwagirizanya hagati y’Uburundi n’Urwanda. Intumwa z’akanama k’amahoro n’umutekano mu muryango w’ubumwe bwa Afrika zivuga ko ari ikibazo kiraje ishinga Afrika yose.

« Ico kibazo kiraje ishinga twese, kuko twama twipfuza ko ubucuti budatosekara hagati y’ibihugu vyo muri Afrika. Hari impunzi nyinshi zaroye mu bihugu bibanyi harimwo na Congo. Mu gihe hari uruja n’uruza nk’urwo nta nkeka ko ingorane zaduka. Ibihagaritse umutima Reta y’Uburundi natwe niko kuko ku bibazo vy’umutekano hiyongerako ivy’imibereho. Twarasavye amakuru kurico kibazo, ndabisubiyemwo, tuzogira icegeranyo dushitse ku cicaro cacu. N’ikibazo tuzi, tuzoheza tugire ico dusavye impande zose."

Mw’itangazo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yasohoye yavuze ko urugendo rw’izi ntumwa z’akanama k’amahoro n’umutekano k’ubumwe bwa Afrika rwerekana ishaka ry’uwo muryango mu gushigikira Uburundi kugira buva mu ndyane.

Igihugu c’Uburundi cizeza ko kizokwama gikurikiza amategko ngenderwako y’umuryango wa Afrika.

Ariko ubushikirnaganji bw’imigederanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwemeza ko Reta ibabazwa n’agacere k’uwo muryango kuco yita agasotoro k’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • Nibyo rwose umutekano i Burundi wifashe neza 100/100.Ibihuha bikwirakwizwa kuri internet nibyo bisigaye. Opposotion (CNAREC) yuzuyemo za mujeri ntana bantu igira ni umunwa gusa.

  • Ubundi haraho ishirahamwe ry’ubumwe bw’afirika ryigeze rishaka kurungika inteko zoza gutabara abarundi kokwari ugupfa kuvuga mukugira muhume amaso amakungu mbehoho iyo ntumwa ya ngweso yovuga iki kotuziko ngweso ari inyuma yubwicanyi bubera muburundi mugushigikira nkurunziza nakarwi kiwe mugutikiza abanyagihugu nagomba sabe opposition nabandi bose bavyipfuza guhaguruka tugatera ivyatsi uwo mucangero atakindi kimugenza atari ukuza gukina kumuvyimba abarundi twirirwa turahekurwa ijoro numurango nagira sabe abaseruka amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike guhita ashikiriza ikirego muri sentare mpuza makungu cokwitwarira ishirahamwe ryubumwe bwafrika kuko biragaragayeko rifise uruhara mwigandagurwa ryabarundi isinzi ndateye ivyatsi beniyo nyifato yabacangero nkabo atakindi kibagenza atari ugushaka gucanishamwo abarundi

  • Abarundi dutegerezwa gusubizahamwe nahibere ryayaze,benewacu bitaramuye nibagaruke twubake igihugu namabokoyacu hakotugisambuza ayacumaboko.ndabipfurije kugarukamahoro ariko batibagiyeko burigihe (uwagutanze kwirobe niwarya bunini)uraheza ukaryivyusanze bisigaye ukazobahafi nawe hanyuma.erega nakamari muri politique na asiekubali kushindwa si mshindane! Igihugucacu turagisengera kandikiganza c Imana kirihejuru yuburundi ngwibugirire neza ,nimugaruke abarundi dusangirivyovyiza Imana yaduhaye.IMANA YACU IHABWICUBAHIRO KUVYIDUKORERA VYOSE KANDITUTARI BEZA IMBEREYAYO!!!!NIKUBWICUBAHIRO CAYO IRAGAHEZAGIGWA AMEN nihubahwe IMANA muburundi nabarundi bose na Leta yose ninzego ziyigize zose nanyakubahwa arongoyivyovyose PETERO NKURUNZIZA niwi Mana yizeye mugihe kimeze nkikiturimwo cimpinduha.

  • TURASHIMWE IUKUNTU IBINTU MWASANZE BIMEZE INTAMBARA ISIGAYE NIYI BIHUHA BIKWIRAGIZWA NABATAVUGA RUMWE NARETA HAKUZANA IMIGAMBI ITEZA IMBERE IGIHUGU BAKARWIZA AMAJAMBO AHOBORWIZE IBIKORWA NKA REOSI IVYA AVUZE HARU UWOBIGIKIRA KWAVUGA NGO INTEKO ZOBA ZIJE KUBANGURANYA NDENA NANDE? NIBAREKE GUTA UMUTWE VYARABANANIYE

  • TURASHIMWE IUKUNTU IBINTU MWASANZE BIMEZE INTAMBARA ISIGAYE NIYI BIHUHA BIKWIRAGIZWA NABATAVUGA RUMWE NARETA HAKUZANA IMIGAMBI ITEZA IMBERE IGIHUGU BAKARWIZA AMAJAMBO AHOBORWIZE IBIKORWA NKA REOSI IVYA AVUZE HARU UWOBIGIKIRA KWAVUGA NGO INTEKO ZOBA ZIJE KUBANGURANYA NDENA NANDE? NIBAREKE GUTA UMUTWE VYARABANANIYE

  • NUKURI NAMA NABIVUZE KO AMAHORO TUYAFISE KANDI INTEKO TWARI TWAZASE KERA RERO LEONCE NTAJAMBO AFITE ATARI GUTA URWARUKA MUNGORANE HAMWE NA CNRD YABO TURASHIMIYE IZONTUMWA KUKO BAVYIBONEYE KARI VYIZA CANE

  • Hasigaye Guta Mur Yompi Abagize Cnared Bakazanwa Mu Burundi Kubazwa Ivyo bagirizwa Nkubwicanyi No Gushaka Gutembagaza Inzego. Sha Muragowe Mutishikanye Hakiri Kare Nkabandi Jewe Nama Ndiko Mbahanura!

  • Hahahahh nyakubahwa umukuru w’igihugu yarababwiy ko uwuzowatsa bazoca bawumuzimirizako kumutwe non raba nabamurwanya baray bemey ko umutekano ari 100% non bamw bakamisha ibiziga bagiy kwiyahura?nimumbariz uwo mubirigi ngo louis michel uti urakina nabo mungana Nkurunziza arakuruta.murakoz kuba mutahuy ko uburundi bwarikukiy niharambe nyenicubahiro Pierre Nkurunziza nincut zuburundi ubulusia nubushinwa murakoze.

  • Ivyo vy’ubumwe bwa Afrika ntavyo dukeneye kwumva kuko n’amashirahamwe yiyegeranieje n’amareta kugira birire amahera y’abanyagihugu gusa ntakindi!
    Ivy’amahoro y’i Burundi nibavyihorere ntibibaraba, ariko Imana yaturemye izoducira inzira, izodutabara, izodukiza naho bobo bovyihoza kuko sibo baturemye!
    Nibareke kuza baratuzira mugihugu ngo bari nico baje kuhavugira!

  • Jewe Ndatangara Cane Mbega Portique Igezweho Muri Africa Mwogirango Ntamaso Dufise Yokubona Ibiba Africa Yepfo Bafitiraniye Ubucuti Bwa Nikere Ubusinwa Bushaka Aho Bushora Inkoho Muriki Gihugu Cuburundi Mbega Abapfa Bakerewe Barasiba Kwicwa Amarira Nimeshi Kubavyeyi Babura Ababo

  • Jewe Ndatangara Cane Mbega Portique Igezweho Muri Africa Mwogirango Ntamaso Dufise Yokubona Ibiba Africa Yepfo Bafitiraniye Ubucuti Bwa Nikere Ubusinwa Bushaka Aho Bushora Inkoho Muriki Gihugu Cuburundi Mbega Abapfa Bakerewe Barasiba Kwicwa Amarira Nimeshi Kubavyeyi Babura Ababo

  • Babantu nomuri SinaHead briko baratoshanya umwewese abwiramaajambo uyundi ngo ibivyose bivuye kuriwewe uyundi ngo kuriwewe! Umva icovyavuyeko : murabona abaribariyemeje gutera zagrenade barimugihugu cuburundi abatarafatwa canke ngobishikane bamazimisi basaba SinaHead kwongeza incurozitatu kumahera bamabahabwa igihe bakoze akazikokwica, mwibukeko uko uwishe umuntu umwe yabafise amahera ahabwa uwishebeshi bamuhameshi kuko barwiza nigitigiri cabaryabantu bababaduteye bisunze ayagenewe guhabwa umuntu yishe umuntu umwe, ariko nuwakomerekeje abantu yarifise amahera ahabwa , icatumarero mubona abakorera SinaHead bitaho cane gukoresha namagerenade bakayatera mumasoko nomubunwero nuko ariko vyoborohera kuronka igitigiri kinini cabapfa nabakomereka. Ariko amahera yahabwa baryabishe abasirikare baba officer s barya bahabwa akayabu hama Euros.
    Rekatugaruke kugushwana kwaba SinaHead,
    Ngabobaravuze ngo ntuze niweyase kurekura amahera yoguha abemera gukorakazi Burundi basavye ngonone raba ubumwe bw’Africa buruhiye gutangaza ko ibintu muburundi biriko biratera bibaneza ngwiyo harekurwa namahera yogutera grenade zibiri ngocanke bakarasa nama sasu abiri mumajoro abiri mundwi canke ngomundwi zibiri ngontibarikubona kwibintu bitamezeneza Muburundi? Ngonitwakomeza kwanjanzwa bigezaha ngomuzojwumva nibihano bafatiye uburundi babikuye ngo Nkurunziza yongere kuronka ukwakora muriyamaterambere yirirwa arahayagiza.
    Ariko haruwaciye avugango amahera yoyo yogukorakazi aratangwa ngwariko mwibukeko hariho abotumazimisi tuyaha ukamengo nabakorana numurwi wa Nkurunziza kuko twagiraguti tukumva ngobishikanye abandinabo tukayoberwa irengero ryabo biryavyose muma rapporo duha abadufasha tubikore ngo iyonumvise bikemeje kumeragurtyo nabobaracika intege.
    Ivyobavuga vyabandanirije mukuvugako arukwigora bakagira igikozwe mwiyimisi isigaye yukukwezi ngonomuntango zukwezi kwa 8
    Hanyuma ibindi narinibagiwe kubabwira nibijanye nibinjamakuru nama radio birakwiye kuhagabira ngobarashaka kuvyiyegereza ngokugira bize birandika ibintu bidafitiye icobimariye igihugu ngokuko bavuze ibifitiye akamaro igihugu ngucunengo baremeye ko Nkurunziza arumukuru wigihugu yemewe.
    Nuko rero uyundi ngo nukugerageza uko dushoboye kwose ngo Nkurunziza akamara ikikiringo tumukoresha nabi vyasebikunze.

  • SIBOMANA Pfa nkumu gabo.Nkurunziza yarabwiye ko muzomera nkifu yimijira.U Burundi bwino munsi sibumwe bwa BANDADAYE naba BUYOYA.Ababugwaniye bariho kuko bwavuye kure cane.Ntacotuma babwangarako.Nimwihangane nimpaka mu matora ya 2020.Abahunze nimutahe.Murime mudandaze hama musenge Imana.

  • Muti inteko ntizigikenewe. Aho zari zikenewe hari ryari? Mwarabikoze? Ahubwo murateye isoni kuko simbona icabazanye. Muti ubwigenge bw’igihugu butegerezwa kwubahirizwa. Eka ni ubwigenge bwa Africa nyene. Iyo mubonye abantu birirwa baragandagurwa abandi banyuruzwa n’igipolisi, kubwanyu nico mwita ubwigenge? Mwari muvuye iyo muba muje kuvuga ivyo gusa? Ukuri kwa Africa kuri kure nk’ukwezi basi.

  • Ikibazo kyabarundi kizakemurwa ninkoho kuko na Nkurunziza Yafashe ubutegetsi akoresheje inkoho, barundi mwibagirwe ibya community internationale

  • Ego biciye vyumvikana ivyo reta yariyarakavuze kwabajejwe umutekano bi Burundi aribabitumwako kugarukana umutekano nohanze yu Burundi ko nongaha Burundi bitazobananira bibaye impamo. Mubumwe bw’Africa buravyemeje nukuri.

  • Ubumwe Bw afirika Bura Kwiye Kwiga Kukibazo Curwanda Kireke Gusotora Uburundi Hiro Swara Risifumbiwe Macho Ritatu Riwe Harakasana

  • NIBAGERAGEZE NTABWOGITWARA UMUSIVIRE MBUMUNTU AJEKUKURABA UTABISHAKA NTARA MURUGO AHUBWO UWOBWO UWOBAKORERAKO.

  • barakabona bataje nibagumeyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.