Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Afrika bwashizeho iminsi 45 y’amatohoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika bwashizeho iminsi 45 y’amatohoza

Ubumwe bwa Afrika bwashizeho iminsi 45 y’amatohoza

dimanche 18 Gitugutu 2015, par egide

Iminsi mirongo ine n’itanu niyo yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira icegeranyo c’amatohoza ku bwicanyi bukorerwa abanyagihugu mu Burundi kizobe casohotse. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

Inyuma y’inama ku Burundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegeranyo casohotse kimenyesha ko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza akomeye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi bibandanya gukorerwa abanyagihugu b’abarundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2015.
Kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, iminsi 45 niyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatiwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari kubabuza ingendo (interdictions de voyage), gufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015, igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere mu kirongo ca gatatu, mu kibanza c’uguserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyessheje ko ahonyanze amasezerano y’i Arusha.

JPEG - 68.5 ko
Petero NKURUNZIZA yatanguye kurongora ikindi kirindiro kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015

Nk’uko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha, kuva kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015 Petero NKURUNZIZA atowe kugira arongore ikiringo ca gatatu, ubwicanyi busobanura ku mpande zompi bwarongerekane, n’ibirindiro vy’abaporisi bibandanya gukorwako ibitero. Smaïl Chergui, ari murwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika amenyesha ko ubwicanyi bwarenze urugero, ari naco gituma mu gihe vyokenerwa, inteko mpuzamakungu zirongowe n’ubumwe bwa Afrika zizorungikwa mu Burundi, kugira zikingire ubwicanyi biboneka ko bushobora gukwira igihugu cose.

JPEG - 25.4 ko
Smaïl Chergui, ari murwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika risohotse inyuma y’aho imigenderanire hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya imereye nk’iyatitutse, umugambwe CNDD FDD ukagiriza ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko ririko ricanishamwo amoko hamwe n’inzego z’igiporisi mu Burundi, ivyo muri CNDD FDD bakavuga ko bikabonekera mu bihano vyafatiwe abategetsi bane bakomeye bo mu nzego z’igiporisi. Uwo mugambwe wagirije kandi ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko rishigikiye abakora ubwicanyi hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Mw’itangazo rya CNDD FDD, Daniel Gelase NDABIRABE umuvugizi w’uwo mugambwe yagize ati : « Biragaragara ko abo bansi b’igihugu bashigikiwe na vya bihugu vy’Abakoroni bidashaka ko Uburundi kiba igihugu ciyunze kandi kija mw’iterambere, biboneka ko ivyo bihugu vyipfuza na ntaryo kugaruka gucura bufuni na buhoro igihugu c’Uburundi » .


IGIHE

Messages

  • Amatohoza nakorwe ukuri kujye ahagaragara! Erega nu ubundi ingabo za UA zaya commision zirahari I Bujumbura ziba zibireba! Nuko abazungu biyemeje gukingira ikibaba abirirwa bica abarundi!

  • MURAKOZE.IMINSI 45 NI MYINSHI CANE ABARUNDI TUZOBA TWAHEZE.ARIKO KUVA MUKWAKANE NTIMURABONA ICOKORWA?KORERA KUMA RAPPORTS MWAGIYE MURARONKA KUVA MUKWAKANE POUR LA SITUATION AU BURUNDI.REKA KWISAMAZA ARATUMARA.

  • Ntimumere.nkababirigi.aribobatanga.amahera.nibigwanisho.NGO.abahutu.ntibatware

  • AHUBWO INCUTI N’ABAGENZI BU B’UBURUNDI NTIBAKIBAHO ?IMANA NYENE IMBABAZI NIYO DUHANZE AMASO N’UMUHUNGU WAYO GUSA.

  • Union Africaine ahubwo ni itange uruhusha ku Burundi tumwashure Kagome n’Urwanda rwiwe baguma bavogera igihugu cacu,nubu ngo bariko biyegeranya binjira ikibira ca Nyungwe gusa kugisohokamwo bishobora kubagora,ikindi UA itohoze abatanze ibigwanisho ku Mutakura,Cibitoke,Ngagara,Nyakabiga,Jabe na Musaga.

  • Ahubwo Mugireko Mubashengeza Kubwicanyi Bakorey Abanyagihugu N.Ubutunz Bw.Igihugu Banyonoye

  • Igihe muzokura u Rwanda mu kanwa kanyu, nibwo muzoba mutanguye kuca ubwenge!!

  • UH AMATOHOZA YIBIKI KANDI UMWICANYI INKWEZI YA VYOSE ARI PETER NKURUMBI NIZO NTERAHAMWE YAZANYE NIZO MBONERAKURE ZIWE YAMBITSE IMPUZU ZIGIPOLISI! ASHA PETER IMISI YAWE YAHEZE KUKO PROPAGANDE YANYUMA WARUZI YUKO IZOGUFASHA YAMACAKUBIRI YAMOKO YAGUTAYE KUWAMAZE! KUKO NATWEBWE ABAHUTU ISINZI TWAMAZE KUMENYA YUKO WEWE URI UMUMENJA AHO WUBAHUTSE KUGANDAGURA IBIHUMBI VYAHAHUTU BENEWACU BABA PALPE HUTU FNL BO KWA RWASA AGATHON! TWACIYE TUGUHINYURA YUKO ATANEZA URONDERERA ABAHUTU ATARI UKUGOMBA KWIGUMIRA KUBUTEGETSI! ARINACO CATUMYE GODEFROID UMUHUTU WACU TWUBAHA KANDI WIJUNJA NIJAMBO AGERAGEZA KUGUTEMBAGAZA AMAZE KWIHWEZA AMABI YAWE COKIMWE NABA NYAKUBAHWA NKA PIE NTAVYOHANYUMA, NYANGOMA,HATUNGIMANA LEONIDACE,ONESUME NDUWIMANA,ALICE NZOMUKUNDA, JEREMIE
    NGENDAKUMANA EKA NABANDI ISINZI BARIMWO NA GENERAL CEDRIC ARIWE JEWE! NTAVYUBWOKO BIRIMWO NI INGORANE YATEWE NA PETER YUKUGOMBA GUHINDURA ABARUNDI ABAJA BIWE KANDI BIDAKUNDA UBU UYE TURI MUMWAKA WA 2015! INTWARO ZIGIKENYE TWARAZIYAMIRIJE NTA KIBANZA ZIZOGENDA ZISUBIRIYE KURONKA MU BURUNDI! IMANA Y’UBURUNDI CNARED NIGANZE MU BURUNDI BWACU.

  • ntimugire ubwoba tuzobakorerako izonjavyi zidasengeye?mugabo ntantambwe bazotera uwuvuga yiremesha ngobazoshika kukintu ntaco imbwa yahiye kumurizo ngoreka buce tuhereke abagabo.

  • Rekana nayo mashirahamwe ataco amaze ubu niho bakibona ko uburundi bugiue mubwicanyi? Ko batafashe ingingo guhera mukwakane ayo matohoza bakeneye aza asumba ibiziga vyabantu vyama vyatowe? Aho amahera babahaye yabaheranye none bashaka ayandi nibanyare hiyo nibareke aruguhera twaheze bibutse gufata ingingo amaraso yaheze? Sweti!

  • AHUBWO BARATEVYE KUKO DUSIGAYE TWICWA BUNYAMASWA ATACAMIRA NIMUDUTABARE VUBA MUZOBA MUKOZE

  • Imvugo siyo ngiro turovyemera tubibonye kuko amatohoza yama yabaye mugabo ntaco yarashikako reka intama yikomeze yipfa harogera yaho intabwe yishikirwa dusenge Imana gusa

  • Ahubwo mudatabaye vuba tugomba twitange ,jewe,Nkurunziza.Ndiyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurumbi? Muzobaze.UMUGWANYI, YITWA, MAHORO, YARAKOMEYE,CANE,KURUSHA,N’URYA, ADOLPHE,Y’ISHIMAKO,YARASA,Brinde,birikumwe,mwi ,barabara,amasasi,yayo,AGAHUNGURURA?!? Yakorera,kwibarabara, Ryi, 9, muri, Teza? Nkurumbi, aribuka! IVYO, COLONEL SAKUBU LISSIEN,yatwara,22eme,igitega,ku,NYABAGERA ,NGWARAVUYE MURI,BLINDE, Nkurumbi,ngira,yoba,akivyibuka? COLONEL sakubu,ntibaramutora irengeroro ryiwe.RERO NKURUMBI Ko yigize, IMANA, MUZOMUBURA? IRENGERO, NATIHANURA, KUKO S’IMANA, NAWENYENE, N’IKIREMWA, NKABANDI. Ako nakabanga, nshate, kumwibira .UGUTWI KWUMVA ARUKO KWOKEJE .MWIHANGANE, UMUSI N’UMUSI, ISAHA N’ISAHA !!?!!

  • Ayo ma tohoza natangure vuba, abirirwa bicira abantu ubusa n’abirirwa bacanishamwo abahutu n’abatutsi kandi bari basigaye bibaniye neza cane bahanwe. U Burundi bwari bugeze ku ntambwe ishimishije kuko nta muntu yari aherutse kwicwa azira ubwoko,kandi umuntu yari asigaye ashobora kuja aho ashatse agafata fanta aho ashatse agatahira igihe ashatse ntihagire ico aba. Ivyo guteranya abahutu n’abatutsi nta nyungu bizozanira abahutu canke abatutsi uretse igihombo gusa. Murakoze

  • Mbega amatohoza mashasha aruta ay ubumwe bwa buraya afise nayahe?mbega hoho hari amatohoza yandi aruta ayo bazi ko imvururu zose zatewe nuguhonyanga ibwirizwashingiro?kubihano navyo,biratangaje kubonako uwuzokwagigwa n uguhohotera agateka kazina muntu azofatigw amatungo n ibindi!none mu masezerano mpuzamakungu uwukoze icaha nkico ahanwa uko?reka turindire.

  • Mbega amatohoza mashasha aruta ay ubumwe bwa buraya afise nayahe?mbega hoho hari amatohoza yandi aruta ayo bazi ko imvururu zose zatewe nuguhonyanga ibwirizwashingiro?kubihano navyo,biratangaje kubonako uwuzokwagigwa n uguhohotera agateka kazina muntu azofatigw amatungo n ibindi!none mu masezerano mpuzamakungu uwukoze icaha nkico ahanwa uko?reka turindire.

  • Ahubwo Barawunwa Batanguye Kwicana Bibazako UBurundi ARi Izinga Biharije?Nibatekereze Baramaze Kumenja ABa Dd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.