Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya butegekanya ibindi bihano bikomeye ku Burundi
Ubumwe bwa Buraya butegekanya ibindi bihano bikomeye ku Burundi
mardi 29 Ntwarante 2016, par
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ritegekanya gufatira Uburundi ibindi bihano bigizwe n’ukugabanya amafaranga yahora ahabwa Abasirikare b’Abarundi barungikwa kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, iyo ngingo ikaba izofatwa mu ntumbero y’ukugondoza Reta y’Uburundi yemere ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo.
Abakozi bo mu gisata kijejwe imigenderanire n’amakungu mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya bamenyesha ko uwo muryango ufise umugambi wo kugabanya imfashanyo y’amafaranga ahabwa abasirikare b’Uburundi barungikwa kugarukana amahoro muri Somaliya. Abo bakozi bavuga ko ari mu ntumbero y’ukwumvisha umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemere ibiganiro n’abatavuga rumwe na Reta arongoye.
Abo bakora mu gisata kijejwe imigenderanire n’amakungu mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya bamenyesha kandi ko n’amafaranga azosigara atangwa n’ubumwe bwa Buraya y’uguhemba abasirikare b’Abarundi atazosubira gucishwa mu minwe ya Reta y’Uburundi.
Ku mafaranga ubumwe bwa Buraya bwahora buha Abarundi bari muri AMISOM, hazogabanurwako ibice 20 kw’ijana, ni ukuvuga agahombo k’imiriyoni 13 z’amadorare ku mwaka, mu mafaranga yahora ahabwa Uburundi.
Umusirikare w’Uburundi wese arungitswe muri AMISOM yandikirwa amafaranga agera ku gihumbi kimwe c’amadorare ku kwezi, ariko Reta y’Uburundi ikaba imukurako amadorare amajana abiri, nawe agasigara ahembwa amadorare amajana umunani.
Reta y’Uburundi izohahombera bikomeye, kuko izoba itakaje ayo mafaranga yahora ikura ku musirikare wese w’Uburundi, mu gihe amafaranga bahembwa atazoba agicishwa mu bigega vya Reta y’Uburundi.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2016, 17:19, par Kegis
Abo ba illuminaties nabo b’ abazungu baraduhanze.
29 Ntwarante 2016, 17:24, par Maziwa
So sorry
29 Ntwarante 2016, 17:28, par eric
abo bantu uburaya bashaka nibande gantuze?? ko reta yemeye kuganira ariko ikagira kandi baratowe none abo bantu bakundwa nabaki gayemwe.
iki gihugu caragurishijwe kubabirigi!!!
VYOBA VYIZA NUKURI TUBAYEKO TUGAFUNGURA DUKE NIMYAKA ITANU AMATORA AKABA ATABIGANIRO NABAHEMUTSI BIYITA ABARUNDI KANDI BAKIYITA ABAZUNGU
29 Ntwarante 2016, 17:50, par kamaro
aka nagasuzugoro, nukuvugako abagovye gutembagaza ubutegetse aribo bafise agaciro gusumba abandi barundi. nimba bishoboka reta nibakureyo hakirikare bereke kuguma badukangisha ibihano, none ayobabakase bazoca bayashirahe? ayo niyobazoca baha abazozaguhungabanya umutekano mugihugu.....kandi hariho abihutuye barinyuma yivyobintu vyogukandamiza abarundi bumutima, hama nibamara gushikana banyawayo ahobashaka nabo bazoca baramukirwa bayabone.....bazomera nkayankware ninzoka....
29 Ntwarante 2016, 18:08, par Musenzi
Aho vyoba ari vyiza cane, uwuyaruhira niwe akwiye kuyarya yose, nayo abo bategetsi bayagabanyako ivyo bice kandi biraramiye i Bujumbura! Abasirikare barungitswe boba batomboye cane igihe vyoba gutyo!
Imana ibijemwo.
29 Ntwarante 2016, 18:28, par Jonathan
Abarundi bose ba shimye iyo gingo ahubwo ibatahuke mugihugu gukigira abavyiyi babo nI miryango mwagomba kuyahagarika yose hama Sindumuja na Nyamitwe na Bunyani batahure a kamararo kumunyagihugu canke kubahiriza amategeko sindumuja Peter amaze kwica aba comments beshi ku nyungu ziwe tutibagiye abenegihu mugomba kumugondozwa akemera ku rekura mandat yivye
29 Ntwarante 2016, 18:36, par Bizoza
Oyo Iyongingo niyo kwiyamiriza!
29 Ntwarante 2016, 18:41, par Jandajanda
Ahubwo Reta Yuburundi Nibakureye Hako Dutegekwa Ivyo Dukora Ako Nakagaye Gose
29 Ntwarante 2016, 18:53, par steve
uwo mugambi numva aruwo guhohotera abo basirikare arko nivyo reka bamw banezererw kubera imiryango yabo itakiri muburundi. non abo baharanira agateka kazinamurundi birabanezera iyo nabarundi bagiye kwicwa na kigoyi?
29 Ntwarante 2016, 18:53, par Kagabo
Batugizeko Amanyama Turakurayo Abasoda Bacu Erega Bagiye Kwitangira Abasomalia. Aho Rero Murabona Ko Ata Rukundo Bakunda Afrika. Ayo Madolari Yabo Ni Bagombe Bagumye Yose Twebwe Ntituzigera Dukora Ivyo Bifuza. Ahubwo Nibadukure Urwamo Inyuma
29 Ntwarante 2016, 18:54, par Kagabo
Batugizeko Amanyama Turakurayo Abasoda Bacu Erega Bagiye Kwitangira Abasomalia. Aho Rero Murabona Ko Ata Rukundo Bakunda Afrika. Ayo Madolari Yabo Ni Bagombe Bagumye Yose Twebwe Ntituzigera Dukora Ivyo Bifuza. Ahubwo Nibadukure Urwamo Inyuma
29 Ntwarante 2016, 18:57, par INTAGOHEKA
MURABUZE IBINDI MUDUKANGAKO IYO AMISOM ITARAZA NTITWAKORERIGIHUGU?NUBWO TWOVAYO BURUNDU NABI TUZOKWITANG IRIGIHUGU NABIHOME YARITANG IYUMWAMI ATAMADORALE BAMUHAYE.ABIWIRAKO TUZOHEMUKIRIGIHUGU MURIBESHA TWARABAHINYUYE NTANTAMBWE MUZODUTERANA UMUSIRIKARE WUKURI TURAZ ICODUKORA
29 Ntwarante 2016, 18:59, par Nd.F
Mwari Mwatebeje.Ahubwo Nimuhagarike Kugira Baje Kugarukana Umutekano Iwabo.
29 Ntwarante 2016, 19:04, par V
Ahubwo ni ba nyarutse nibindi biri nyuma iyo na masengesho ya ekleziya katolika hahahahahahahahaha
29 Ntwarante 2016, 19:05, par Falcon
Ahubwo mwari mwatevye vyugare vyose turabe ko ako kanyeshamba abagumyabondo bafise katazobavamwo.
29 Ntwarante 2016, 19:54, par Wesha?
Nibabanze Badukureko Iyimbohe Yadeniza Nkurunziza Iyombwa Karatunerereje !
29 Ntwarante 2016, 20:14, par gati
awa mutajakuganira ntitukurwemumaso urazayomahera akamaroyaradufitiye ahondunva tukuryamubisi
29 Ntwarante 2016, 20:36, par rwasa eric
oya ubumwe bwa burayi burarushe naho bazovugako tutazoronka numunyu tuzoguma turi mubumwe. twebwe abarundi oya! turansekuba abaja babazungu bishe rwagasore nizindi ntwari za afrika oya!nibazigumye turazi ivyobaturonderako basinduhije naba sinahed nibagume arabaja babo basama baciramukanwa yooo!
29 Ntwarante 2016, 20:44, par mutama
mwanka mwemera nkurunziza numwami wisiyose niwirambire mutama
29 Ntwarante 2016, 20:48, par aime
Imbabazi
29 Ntwarante 2016, 20:51, par Muzazawabo
Kagame adukozeho noneho situzongere koherezayo ibitoki hhhhhhhhhhh byarayobeye noneho no muri EAC turaje duharike inkunga twabateraga turebe ko muza gumamo ntacyo kwishyura mufite bavandimwe nimuze mutwigireho oyeeeeee PK
29 Ntwarante 2016, 20:53, par rwasa eric
oya ubumwe bwa burayi burarushe naho bazovugako tutazoronka numunyu tuzoguma turi mubumwe. twebwe abarundi oya! turansekuba abaja babazungu bishe rwagasore nizindi ntwari za afrika oya!nibazigumye turazi ivyobaturonderako basinduhije naba sinahed nibagume arabaja babo basama baciramukanwa yooo!
29 Ntwarante 2016, 21:01, par yohakimi ndikumasabo
iryo niterabwoba
29 Ntwarante 2016, 21:03, par mukobwajana
haa nyene imbugita ni uwuyifise ikirindi,,twarabaye muri dependance kuva kera none rindira peter aronke lecon nabandi babonereho
29 Ntwarante 2016, 21:16, par Bizashira
REKIZOMBWA BAZIHASHE ,NGIRA YA ESCADROS DE LA MORT ZOBURA IMISHAHARA ,IYOMIGUTA ITUNEREREJE ,
29 Ntwarante 2016, 21:26, par ZENO
TWABAYE IMYAKAMYISHI MWISHAMBA TUDAHEMBWA TWAMENYEREYE,NTAGUTEGEKWA NUWUNDIMUGABO NGONUKO AGUHENDEREZA UTWAGUHENDEREZA TUZORYA UMWUMBAT TWARAMENYEREYE IVYOPFAMUTIMA VYAHEMUTSE TUBIMENA NTIBAKORAKO
29 Ntwarante 2016, 21:42, par Morodikayi Jon
Ahaaaa iyongingo yo kubagabanya,ayo madorare nokutarenza agahembo kabobasoda mukigega careta irashimishije cane, ni yananirana kubihano biriko birafatirwa iyo reta. Tubasabe mufate imitungo ya Nkurunziza Peter asazwe atungiye mubihugu vya USA na burayi, nokutamwemerera kuja mubindi bihugu.kuko akagaye afise kararengeje urugero, ntutibagiye nokwibutsa kwintumbero yiwe, kwarugukora ihonya bwoko rya batutsi hamwe nabahutu batamushigikiye muri manda ya 3 niyo ntumbero yiwe hamwe nabagize umugabwe CDD FDD nivyanka kobokwikebuka ingingo zindi zizofatwe zikomeye kuko kananira bagabo nti yimye.
29 Ntwarante 2016, 21:45, par NIKABINIKA
EWUBURUNDI WARAGOWE AMASHETANI YAHAGURUKIYE RIMWEYOSE BASENZI DUSEGECANE KUKOTUGIYEKUZIRA UBUKENE BWACU ARIKOTUZONSEGA CANEGOSE IDUKIZE AKAGAYOKABAZUGU BABAYEHO KUGUTERANYA .ABAFLICA GOTUMARANE NABOBAKADADAZA .AMARASOYACU!!!
29 Ntwarante 2016, 21:52, par Nzovu
End of the road to Nkurunziza regime is coming soon , ntabwo ushobora kuyobora igihugu gikenye nku Burundi utazi regional and international geo politics. Burundi ikwiye a real revolution so as to survive.
29 Ntwarante 2016, 22:26, par African
Ayo mafr niyo yatumye abasirikare bahitamwo kurebera benewabo bicwa bakicejekera na leta niho yakuraga ayo ihemba imbonerakure ninterahamwe, uburundi mana we.......
30 Ntwarante 2016, 06:43, par TABARA
Icobagikuru nuko butahukanwa bakaza gutabara kuko bo ndibaza ntagatima kubukoko baragira nka ba Darius
30 Ntwarante 2016, 08:00, par Dkey
EU ntabarundi ijugumiza ubu nabonyene ubutunzi bwifashenabi ,ntamahera bafise abazungu. UBURUNDI buzogorora bwiganzure imbere yababazungu hama uwarivuze azoce aryumako.
30 Ntwarante 2016, 08:30, par Gezaho
Mbe Ataruko Imana Ikunda Abantu Aba Bazungu Naba Banyeporitike Inda Zabo Zimutse Ahari Umutima Hasigaye Harinda Twe Banyarucari Dusigaye Twitungiwe Na Masengesho Sabatwara Sabashaka Gutwara Sababanzungu Ntanumwe Azopfa Aduhaye Amahoro Naciye Ubwenge Turi Muntureka Za Buyoya Ubunaho Ngo P.Nkur.Nabazoza Ntawuzoza Inda Iri Mumugongo .
30 Ntwarante 2016, 10:16, par habarugira
sha unva ndakwishure mbe wewe warigeze kuba ahantu haherereye abazungu urazobaza uwuba mumutoyi niwe yoguha insiguro itomoye ntako batagira ngo bafashe abanyagihugu mbe ko abategetsi duheruka tubatora hari nakimwe badufasha twitungiwe nabazungu gusa hama nawe ubavuge nabi nube ugira ico wubaha barya ntimwiganye.
30 Ntwarante 2016, 10:38, par tari
Ivyibihano gusa ntibihagije ahubwo EU nirunvgike intego zize gukura nkurunziza kuko abarundi twaruhishijwe nubwicanyi bwiwe nihonyanga ryiwe ryamategeko ikindi kubagabaniriza amahera gusa ntibihagije ahubwo nibabirukane batahe kuko ntako boja gucungera umutekano wahandi kandi iwabo bicika ikindi nuko amakungu akwiye gufata ibihano bibuza abobicanyi ba nkurunziza gusohoka igihugu ikindi nuko bokwirukana abambasade Bose bankurunziza mubihugu vyabo ikindi nuko ibihugu bikomakomeye vyotangura gutera igitsure ibihugu bimwe bimwe vyafirika bigishigikiye nkurunziza mubwicanyi ariko arakorera abanyagihugu turumva mbere kohari nibihugu biriko bimuguza ibirwanisho
30 Ntwarante 2016, 10:45, par James
Kanatsinda abo basoda bagenda hanze ntituzi igituma bajayo aho kucungera amahoro mu burundi.
30 Ntwarante 2016, 11:10, par manirakiza
imana iruta ingabo barapanze vyose birababurira twebwe naho botubwira kujayo kuri gusa tuzigenda mugabo twanka ako kagaye kabazungu bashaka gufasha ubwoko bumwe gusa mavyi yabanyina
30 Ntwarante 2016, 11:20, par MZARENDO
NYIE MNAO SAPOTI MANENO YAUMOJA WAULAYA TUNAWAFAHAMU MURISHA KREISI KICHWANI KWANI ENZI ZAUTAWALA WAKITUSTI MBONA MLIKUWA HAMUSEMI,WATUSI WALIUWA WAHUTU WENGI UMOJA WAULAYA MBONA HAMKUSEMA,MKUKI KWA NGURUWE MTAMU KWABINAMU MCHUNGU,UMOJA WAULAYA NIMAPIOPI,WANATAKA KURUDISHA WATUSI KWENYE UTAWALA.
30 Ntwarante 2016, 13:52
Kwanzafukuza wotekupigania INChI yao!
30 Ntwarante 2016, 16:11, par mata
yerrrrerrreeeeeeeeereee tabaratabaraabatabara abarundi barahonye eeeeeeee ngwahwe caagikoko piter kirrrrrrrrrrraaaaammmmaaaaaaaaze abana bigihuuuuuugu tbaaaaaarayyyyeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee
30 Ntwarante 2016, 17:34, par UMWAMI
Abenshi murabo biyita ngo bafasha abasoda babarundi ngo guhasha abihevyi,harimwo benshi bafasha ahubwo abihevyi mugukora iryo terabwoba,abazungu nibikenya,ntimubona ko no ngaha muburunda bashaka gusasira indava abo bihevyi,mwarabibonye guhera mukwezi 4,nubu ntubashaka intwaro ya Demokarasi,bashako abihevyi biganze muburundi,hama bisahurire ubutunzi bwacu bajane iwabo,ariko ntibazokorako kizire.Barndi mwese gwanya iterabwoba ngaha iwacu iburundi,nkuko tubigira hanze,somalia na centre-Africa.
30 Ntwarante 2016, 18:34, par Wavenzwe Richard
Uwutazi kwa Badoga niwe yobabazwa niyongingo,AMISOM itaraza twariho nubu tuzoguma tubaho,amahera ntacavuze kuntagoheka zakera.
30 Ntwarante 2016, 18:54, par NDAYISHIMIYE.
ICOMBONA NUKO TWORINDIRA KUKO IVYO TWIYUMVIRA SIVYO IMANA IKORA , AHUBWO DUSABIMANA KUBA MUMAHORO NAHO IBINDI IZOBIKORA
30 Ntwarante 2016, 20:08, par 79021433
Emungu Ukoa Watuwako Na Inch Yako.
30 Ntwarante 2016, 20:42, par Désiré
Mbega Wewe Uvuga Kohorungikwa inteko muburundi urakomeye?ahubwo uburaya nibwisubireko bureke gushigikira abicanyi kuko naho umukuru wigihugu murabo bari hanze ntanumwe yoshikirwa ngwatware igihugu kuko turabona kari basumirinda izo mbesire,
30 Ntwarante 2016, 21:40, par katihabwa
asha mukuri Imana igarukire u burundi nabarundi ntubona twebw abantu batobato kwataritwe tugiye kuhahonera?
31 Ntwarante 2016, 06:25, par Wilson
Turashimiye Buraya Kurizo Ngingo Ifatiye U,burundi.Anyagihugu Turova Kurintwaro Twarushe Dutwagwa Dufashwe Kumatwi Nkurukwavu.Iyi Nintwaro Ya,gisikare Sintwaro Ya,demokase.
31 Ntwarante 2016, 06:38, par Audaby
Kweri reta nirabe ntihombe ako gafashanyo.
31 Ntwarante 2016, 14:21, par 888
Ni bamukande iyo mbwa
1er Ndamukiza 2016, 16:03, par Uwimana
mukuki kwa nguruwe mtamu? Subili na wewe unaesema hivyo dawa yako ipo jikoni wahutu watutsi pumbavu wewe muwuaji mkubwa bola unyamaze baada yakuumizwa n damu zawatu Ambozo zinadhidi kumwajika wewe unaleta makabila hoshi ntuzi ivyo uvuga uzobona
1er Ndamukiza 2016, 19:15, par Elias
Abobasirkar,bajhanz,nbagumeiwacu.Ubwobuhra.,nabw,biryak Babugumy.Ntacobutumariy.Surambayakwa Busundi.
1er Ndamukiza 2016, 19:33, par Elias
Murabuz,îvyomwitwaza.king Nkurunzizaaarabasumbazakudetazozirihe????.
1er Ndamukiza 2016, 20:23, par Niyongabo
Mbegayeme Abanyagihugu Izimpari Uzoziterana Intambwe Yemw Nahimana Ahandiho Tuzogwa Mubana Nkimbeba
2 Ndamukiza 2016, 05:59, par Morodikayi Jon
Ibihano nibabikomeze gose iyo ntagodwa kuko ikimutera amanyama nayomahera yavahanze niyo yatumye yiyumvira kutava kubutegetsi, cakabiri barya banyamahanga bimba ubutare hano muburundi nibafatirwibihano, nabonyene kuko amahera bakura murubwo butare nayo nyene, niyo bahemba zambonera kure nigi porisi birirwa baragandagura abanyagihugu.
2 Ndamukiza 2016, 15:14, par izina
Ubwunge burarahurwa.
Kubita akajesho mu mahanga ntawica umunyagihugu aho yo mukingiye.
Yaba nkuru yaba bagorikunda ntanumwe asumvya ubwenge uwo yishe aka muhamba nabi.
I
Iyo nkuru na bagora baba basumvya ubwenge abanyagihugu, vari kubaha inyigisho ibereye. None du fait que babishe nukuvuga ko leurs bourreaux sont bêtes plus que leurs victimes.
2 Ndamukiza 2016, 22:44, par JCLONDE MANIRAMBONA
IMANA IRATUBONA.?IVYOBATWIPFURIZA.IMANA.NIYONKURU.