Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwahagaritse igikorwa co gukurikirana amatora mu (...)
Ubumwe bwa Buraya bwahagaritse igikorwa co gukurikirana amatora mu Burundi
vendredi 29 Rusama 2015
Umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya waje kurorera amatora mu Burundi MOE (Mission d’Observation Électorale) wahagaritse ico gikorwa.Uwo murwi umenyesha ko ibisabwa kugira habe amatora yizewe na bose, kandi abaye mu mahoro atabiriho mu Burundi.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa kane igenekerezo rya 28 Rusama,David Martin arongoye uwo murwi yamenyesheje ko naho amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yungururijwe kw’igenekerezo rya 5 Rusama,imyiyamamazo itariko ikorwa n’abategerezwa kuyikora bose.
David Martin avuga ko imigambwe CNDD-FDD na Uprona yonyene ariyo iriko ikora imyiyamamazo,mu gihe iyitavuga rumwe na Reta idashobora kugira imyiyamamzo kubera impungenge z’umutekano n’iterabwoba ribakorerwa.
Umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya wari waje gukurikirana amatora akamenyesha ko,muri iki gihe c’amatora hibonekeza ibikorwa vyo kugeramira ibinyamakuru vyigenga,iterabwoba korerwa abari mu migambwe itavugarumwe na Reta n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike,ikoreshwa ry’inguvu z’umurengera ku bari mu myiyerekano,hamwe no kutizera abagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora.
David Martin akamenyesha ko umurwi arongoye ubona ko hagiyemwo ugushaka kwa politike,vyotuma haba icuka biciye mu biganiro.Kubwiwe ngo umurwi arongoye wonezerezwa no kugaruka gukurikirana amatora mu gihe hoba hari ibimenyetso vyerekana ko hazoba amatora yitabwe na bose.
IGIHE
Messages
29 Rusama 2015, 10:04, par ninja
nibagende barabe ko atazoba ntaguhatira inzoka mumwobo ahubwo nibabuze abanyagihugunaho ntibazoje gutora karibo badutwara niyaba bazimaramara
29 Rusama 2015, 10:11, par Havyarimana Élie
nibigire kuko ivyiburundi vyananiranye
29 Rusama 2015, 11:14, par DIYODONI
we shahavyarimana naho woba urumudede ibizoba nawe uzoshikigwa vugamake
29 Rusama 2015, 11:23, par ndayi
nibabiheb kuko nakar numwayawabo barikobatakaza ntamatora ahari muburundi uyumwaka
29 Rusama 2015, 11:31, par emma
emma
jewe abo banyamahanga babazungu barantangaza nibamenyeko ubu tutazokwemera ubukoroni bwabo nkakera ahubwo nibace bataha iwabo barabe kwamatora atazogenda neza twebwe abarundi bumutima dutegerezwa kuyitaba kandi ntituribake turi beshi
29 Rusama 2015, 11:58, par roza kamikazi
wewe wiyita ninja niho mutagirira ubwenge iyo babahanuye umengo baba babatutse ndakubwire ubwishime bw’igikere nibwo bwakibujije kumera umurizo uranyumva neza.
29 Rusama 2015, 12:23, par Bucumi
Ese basigaje iki?ko bose babakuyeko amaboko, ingurunguru igaragara niyo ivuza urwamo uburundi bwari bubayeho kubw’imfashanyo none bose ko bahagaritse, iyo reta irabonako amavoka azobutunga nubwo ntan’igiti nakimwe cayo kikirangwa mugihugu?ntimubandanye mwihagararako ntaho musigariye none burya mwabikora mwibaza ko bitazobagarukira?mwarishe,mwarivye, none ko mutinya kuja iyo mwasize abandi? Mwinanate ,mwihambirire kub’ubutegetsi murabesha inzira niyayindi namwe mugasangayo abo mwarungitseyo.
29 Rusama 2015, 14:27, par Iyumenya
Wewe wiyita Emma ndakubarire uri nkehabwenge,mbe hano mu Burundi dufise inganda zingahe zihingura impuzu?zingahe zihingura umunyu? zingahe zihingura amata ?zingahe zihingura inyuzi?zingahe zihingura ciment?zingahe zihingura imiduga?Hari inganda zingahe zihingura amavoka?mubuzima busanzwe wopfuma uhura ni ikijuju aho guhura ninkehabwenge nka Emma.
29 Rusama 2015, 15:37, par Dezire
mwiriwe?ndagira inama.
abomubihugu byohanze.yu
burundi.mugire ubwitonzi.
ku banyepolitiki nabakuru
bimigambwe.itavugarumwe
;naRETA YUBURUNDI,
KI1 CYAMBERE,INTEBE YIGI
HUGU.IFITE UYICAYEHN.IC
YA2.IYOMIGAMBWE NAYO
ISHAKA IYONTEBE.IKIDA
SHOBOKA NIKI.GUSUZUGU
RA,NOKWICA,NAKUDETHA.
IYONINZIRA YASHETANI.
MBI,NZIZA NI AMATORA
NOKUYA SHIGIKIRA,CYAN
E.ABATURAGE TUGACA
URUBANZARWAYO.ABAG
IRIMYIEREKANO.IBYOBA
KORABIKABAZWA UBAYO
BORA,NIMBONERAKURE
KURUHANDERWARETHAZI
GAHANIRWA IBYO ZIBON
YWEHO,ATAKUBESHERA
NA KUBONETSE.SIBYIZA
GUTEZA ABANA.UMUPAP
A.NKAMWE.MUBYITEHO
MUSENGA MUKURI.
29 Rusama 2015, 15:39, par None?
Kutagura inganda canke ubutunzi ubwaribwobwose sivyovyotuma twemera kwongera gusubira mubukoroni, ndongeye kubibemerera Ko tutari bwikukirevyukuri uburero tugomba guharanira kwikukira vyukuri mubimenye kandimubitahure surugamba rworoshe ariko ningombwa ndabizi kobizoduhangayikisha muburyo butandukanye. Iconobabwira ntimuzotangazwe nuko bamwe mubarundi ahogufashanya mwururugamba rwokwikukiravyukuri bazobatikanya nabashaka kutugumizako igikoroni mukuturwanya, ivyorero ntimuzogire ngobizobabibaye ubwambere kuko nigihe umuganwa atarumugani Rudoviko Rwagasore yaharanira intahe yokwikukira kwuburundi harihabarundi baciye bifatikanya nabaducura bufuni nabuhoro kugira barwanye umugambiwa Rwagasore wogushakako uburundi bwikukira, nimwazobikurikirananeza nuyumusi nikobimeze, ariko twiyemeje mpaka kumutota wanyuma.
29 Rusama 2015, 15:52, par Schwarzenegger
Singombwa ko EU iba mumatora yabarundi uburundi n’igihugu nkibindi ariko gikenye, ariko ntiwocufatira ngokogikenye ucugikata. kugakanu
29 Rusama 2015, 16:54, par Whkiub
Uburundi kugira bubeho nabo bazungu babidufashamo reta yuburundi ntabushobozi ifise bwo guhemba abakozi namezi 3 badafashijwe nabo bazungu caba igipolis igisirikare vyose bizeye uburaro nuburamuko mubazungu rero yuriko uratumunwa muremure nka gasuku utazi icuriko uravuga isa nikijuju aho nshatse kubwira Emma na ninja
29 Rusama 2015, 18:07, par Hanugwa Wumve
U.E Bravo, Ntakugendana Nintumva!mbe izonyoshambi zihanura Nkurumbi Kwihagararako Nigwamwuzuririrako Bazomufasha Kugwoga?Peter Naveko Les Elections De 2015 Sigwiwe!Muzompinyuza Nukuri!P6
29 Rusama 2015, 20:00, par Joël Ndayikeza
mbega nivyukuri amatora azoba?Imana yarikwiye kugarukira igihugu cacu.igahindura imitima yabarundi
29 Rusama 2015, 21:15, par basi
muze murambara impuzu zumuvugangoma, hanyuma murye umunyu w’uburundi wo mu mwonga, mube munzu zibiti, mucane inkwi, mugire trok , mugende na maguru, murye ibijumbu nibiharage na mateke ; abegereye tanganika barye amafi.
29 Rusama 2015, 22:14, par gggh
yoooo nabo barigiriye???