Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburimyi : FIDA yatanze ingabire igera ku miriyoni 30 y’amanyamerika
Uburimyi : FIDA yatanze ingabire igera ku miriyoni 30 y’amanyamerika
samedi 20 Nyakanga 2014
Ikigega mpuzamakungu FIDA cahaye Uburundi ingabire igera ku miriyoni 30 y’amadorare y’abanyamerika hamwe n’amasezerano y’imfashanyo y’umuriyoni w’amadorare y’abanyamerika,yose akazoshigikira igisata c’uburimyi mu turere twa Imbo no mu Kumoso.
Reta y’Uburundi n’ikigega mpuzamakungu FIDA bakaba bateye igikumu kuri ayo masezerano y’imfashanyo kuri uno wa gatanu,mu gihugu c’ubutaliyano, Uburundi bukaba bwaserukiwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette kayitesi, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vya FIDA (Fonds International de Développement Agricole) mu Burundi. Uwo mugambi w’igihugu ujanye n’ukuntu abantu bobaho batabura icobafungura utwara amafaranga agera ku miriyoni 57,9 z’amadorari y’abanyamerika. Uwo mugambi uzofasha abantu bagera ku 225000 basanzwe baba mu turere tw’ imbo na Kumoso.
Uwo mugambi kandi uzotuma bateza imbere igiterwa c’umuceri , hamwe no guteza imbere ivyerekeye gufungura mu miryango ya ruguru, no kwongereza ubushobozi bw’abasanzwe bafasha mu guteza imbere igisata c’uburimyi.
Ubukene bukaba bukiri bwinshi mu Burundi, tukabibutsa ko ibice 90 kw’ijana vy’abanyagihugu babeshejweho n’uburimyi. Gufungura nabi naho bifata ibice 58 kw’ijana vy’abana bari munsi y’imyaka 5, n’inzara mu gihugu mu mwaka w’2013 yari ku bice 38,8 kw’ijana, abagwizatunga muri ico gisata bakaba bakiri bake cane.
Floxella Karire